IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Imiryango y’abanyagihugu bafashwe n’igiporisi itekewe (...)

Cibitoke : Imiryango y’abanyagihugu bafashwe n’igiporisi itekewe n’ubwoba

jeudi 4 Ruhuhuma 2016, par egide

Igipirisi cazindutse cugarije amabaraba amwe amwe yo muri karitiye ya Cibitoke, hakaba hariko hafatwa abantu mu kivunga. Abanyagihugu bafise amakenga kuko batabwirwa aho ababo bajanwe, ntibanababwire n’ico bafatiwe.

Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kane, amabarabara ya 5, 6, 7 hamwe n’umunani yazindutse yugarijwe n’abaporisi bari kumwe n’abasirikare. Amabarabara yafashweko abantu akaba ari irya 6, 7 hamwe n’iry’umunani, muri karitiye ya Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura.

Imiryango y’abafatiwe abayo yamenyesheje ko abagabo n’imisore basanga mu mihana bagenda babatwaye, habaka mbere hari n’abagabo bakuze bafashwe, harimwo n’umutama w’imyaka igera kuri 60 yafatiwe kw’ibarabara rya gatandatu mu Cibitoke.

Abo banyagihugu bo mu miryango yafatiwe abayo ikaba itekewe n’ubwoba, kuko batabwiwe abayo aho batwawe, hamwe n’ico bafatiwe, igasaba ko batoburirwa irengero.

Abo banyagihugu basaba kandi ko abafashwe bobwirwa ico bafatiwe, imiryango nayo ikamenyeshwa aho batwawe.


IGIHE

Messages

  • abo bafashwe buriya bstafise ikibagira. none nibabadafise icobiyagiriza ubwobw oba nub wiki? ahobaba bwiriye ngo nibave mumatiku ntibumve ahobigeze ugutwi kwimpene k wumva kwokejwe ;

  • Ariko wowe wiyita impunzi ushigikiye igiporisi gifata abenegihugu gutyo atarintakyo bafatiwe, , burundi waragowe

  • Nibabafat basigur abarinyuma yabatez umutkano muke kuk nibo bazany akaguma mugisagara cacu. Bakome bakomek babahenz ngo igihugu gifatwa nubugizi bwanab? Mbe ababatumy ko binyegeza? Nibaseruk none tubakorerko ko binyegez barabaroshe basha! Amase yakera ntagihom urutaro. Ukutumva kwabo bagiy kuguhagurukak amatwi nazibuk. Bakom bashats bomok nakar nakera bangaje beshi bica besh izo ntakebwa!! Zikomesh!!

  • hooo! birateye agahinda n,ubwoba be kobavugango hari abarwanyi mu burundi ntubona abarwanyi ko ari twebwe nyene mbega reta yo ntibo ibiriko biraba n,itabaranye isubireko igiporisi ntisubire kubeshera ibindi bihugu reta nirabe itabare abonyagihugu.

  • hooo! birateye agahinda n,ubwoba be kobavugango hari abarwanyi mu burundi ntubona abarwanyi ko ari twebwe nyene mbega reta yo ntibo ibiriko biraba n,itabaranye isubireko igiporisi ntisubire kubeshera ibindi bihugu reta nirabe itabare abonyagihugu.

  • Ugutwi kw’impene kwumva kwokejwe! Mbeg’umugani!!! Ariko nivyo abaporisi n’abasirikare turabizeye kandi turabaengera. Nibakore igikorwa cabo bahashe izo nkozi z’ikibi. Ugutwi kw’impene kwumva kwokejwe,"impunzi" yabivuze...

  • Kera bakirwana, bavuga ngo bariko bararwanya leta y’abicanyi, none nabo bariko barakora nkivyo barwanya? Erega bibaye gutyo nabo bitegure guterwa kuko hari abatazonezrerzwa nivyo bariko barakora nkuko nabo batanezererwa nivyo abandi bakora kirya gihe! Inama nobagira iyo mirwi Yose, niyihane yizere Yesu Kristo umwami n’umukiza abakure murupfu abashire mu bugingo!

  • nkurunziza afise umugambi woguhonya abatutsi arko imana ihora ihoze???

  • Namba Leta Ari Leta Ikwiye Kuvugishukuri Ico Iba Ifatiye Abene Gihugu Ntitugumane Amakenga Kuko Twese Ntituvyumvakumwe Nicogituma Basabako Abasirikare Mvamakungu Boza Muburundi Kuko Birababajekubona Atamusi Wijana Atamuntu Badapfuye Leta Irimwo Nyabaroberi Yicura Kuko Ntivyumvikana

  • Uzontumva Reka Babatuze.

  • Uravuze Nabi Nyakurushwa.Naw Uzopfa Iy’isi Itongo Rya So@

  • erega nkurunziza nareke kwigira imana y’abarundi !!??’..,...

  • erega nkurunziza nareke kwigira imana y’abarundi !!??’..,...

  • Nimba Bera Ntimugire Ubwoba.Bazobarekura.Kandi Ntimuzoryamike Abanyarwanda.Bazira Paul Kagome Batazira Kagame.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.