Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke:Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyafashwe
Cibitoke:Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyafashwe
dimanche 23 Myandagaro 2015
Inkoho zibiri zo mu bwoko bwa kalashinkov n’ibindi bikoresho vya gisirikare nivyo vyafashwe n’igipolisi mu gatondo ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 23 Myandagaro 2015,mu gikorwa co gusaka cabaye muri komine ya Cibitoke,iri mu gisagara ca Bujumbura.
Nkuko amakuru ava mu gipolisi abimenyesha,ico gikorwa bagikoze inyuma yaho ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 22 Myandagaro,hari umurwi w’abantu warashe mu basirikare bari mu gikorwa co gukizura.
Muri ico gikorwa co gusaka ibirwanisho cabaye ku mabarabara ya 11,13 na 14 yo muri komine ya Cibitoki,hatowe kandi ibikono 2 vy’amasase,amasase 75,grenades zibiri n’imyambaro y’ibirato n’impuzu za gisirikare.
Mwomenya ko haheze iminsi humvikana inkoho mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura mu masaha y’ijoro.
Van Naris Mugisha
Messages
23 Myandagaro 2015, 15:13, par INTAGOHEKA
JE NKUMURUND AKUNDIGIHUGU NDABAZA IZONKOHO BAZIFA TANYIMBONERAKURE? ICOKIBAZO NDAKIBAJIJE UWITWA FARCONE MWIRIGWA MURAVUGA NGO IMBONERAKURE NGO ZAHAWIBIGWANISHO MUCIBITOKE NIMBONERAKURE ZAFATANYWE IZONKOHO?ABIYUNVIRIMBONERAKURE MWESE MUZOHERA NKIFU YIMIJIRA
23 Myandagaro 2015, 15:15, par EGIDE
ABOBCAKA BAFISE UMWANYA AHUBWO BOBAMENA IMITWE
23 Myandagaro 2015, 20:02, par emma
emma
nanje ndabajije izonkoho zafatanywe imbonerakure? canke iyo cibitoke ibamwo imbonerakure zingahe? wa gipolice kora nkuko wavyize bishobotse abo bazifise mubamese nabonyene baramesa abandi.
23 Myandagaro 2015, 20:07, par Buca Bihinduka
Reka Kwihenda Ntawudapfa Niwabamara Nawe Uzoshokigwa Rekubwicanyi Ntanyungu Irimwo Atari Kwiteranya Ni mana Yawe Ntawavyuye Intambara Nimana Ngwatsinde Ivurirakurindiriye Rizokunwa Hamwe Wibura Kandi Isi Igumishaka Kumira Ntuzobamara Rekananavyo Sha Uronderekazoza Nimba Ukirimuto
24 Myandagaro 2015, 05:46, par Eme
Mbega mukamenge kobatahasaka habayo abamarayika biragoye canuko ariho hari ububiko bwazo
24 Myandagaro 2015, 07:20, par Dodo
IVYO BIRWANISHO VYO BITEREKANWA KUMASANAMU VYO?NANONE BATOYE BIKE IVYO BATEREKANA!NAHO ARIBO BABITWARA BOPFA KUVYEREKA UBURUNDI N’AMAKUNGU.
25 Myandagaro 2015, 11:59, par kayoya
BARAKWIYE GUSAKA HOSE BAKAREKA GUSAKA UDUCE TUMW KUKO AHABA IMBONERAKUNYA BITA KANDI IBIPURIZO NTIBAJAYO
27 Myandagaro 2015, 17:06, par sivyo
ema nabandi mumeny ko atanyungu bizova mumaraso basha kandi mwibuk ko hariho prezida asumba bose uwo naw n lmana umusi umw azobabaza ibiremwa vyiwe vyirigwa birameswa!! ivyisi bimara umwanya mutoooo