IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke:Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyafashwe

Cibitoke:Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyafashwe

dimanche 23 Myandagaro 2015

Inkoho zibiri zo mu bwoko bwa kalashinkov n’ibindi bikoresho vya gisirikare nivyo vyafashwe n’igipolisi mu gatondo ko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 23 Myandagaro 2015,mu gikorwa co gusaka cabaye muri komine ya Cibitoke,iri mu gisagara ca Bujumbura.

Nkuko amakuru ava mu gipolisi abimenyesha,ico gikorwa bagikoze inyuma yaho ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 22 Myandagaro,hari umurwi w’abantu warashe mu basirikare bari mu gikorwa co gukizura.

Muri ico gikorwa co gusaka ibirwanisho cabaye ku mabarabara ya 11,13 na 14 yo muri komine ya Cibitoki,hatowe kandi ibikono 2 vy’amasase,amasase 75,grenades zibiri n’imyambaro y’ibirato n’impuzu za gisirikare.

Mwomenya ko haheze iminsi humvikana inkoho mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura mu masaha y’ijoro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • JE NKUMURUND AKUNDIGIHUGU NDABAZA IZONKOHO BAZIFA TANYIMBONERAKURE? ICOKIBAZO NDAKIBAJIJE UWITWA FARCONE MWIRIGWA MURAVUGA NGO IMBONERAKURE NGO ZAHAWIBIGWANISHO MUCIBITOKE NIMBONERAKURE ZAFATANYWE IZONKOHO?ABIYUNVIRIMBONERAKURE MWESE MUZOHERA NKIFU YIMIJIRA

  • ABOBCAKA BAFISE UMWANYA AHUBWO BOBAMENA IMITWE

  • emma

    nanje ndabajije izonkoho zafatanywe imbonerakure? canke iyo cibitoke ibamwo imbonerakure zingahe? wa gipolice kora nkuko wavyize bishobotse abo bazifise mubamese nabonyene baramesa abandi.

  • Reka Kwihenda Ntawudapfa Niwabamara Nawe Uzoshokigwa Rekubwicanyi Ntanyungu Irimwo Atari Kwiteranya Ni mana Yawe Ntawavyuye Intambara Nimana Ngwatsinde Ivurirakurindiriye Rizokunwa Hamwe Wibura Kandi Isi Igumishaka Kumira Ntuzobamara Rekananavyo Sha Uronderekazoza Nimba Ukirimuto

  • Mbega mukamenge kobatahasaka habayo abamarayika biragoye canuko ariho hari ububiko bwazo

  • IVYO BIRWANISHO VYO BITEREKANWA KUMASANAMU VYO?NANONE BATOYE BIKE IVYO BATEREKANA!NAHO ARIBO BABITWARA BOPFA KUVYEREKA UBURUNDI N’AMAKUNGU.

  • BARAKWIYE GUSAKA HOSE BAKAREKA GUSAKA UDUCE TUMW KUKO AHABA IMBONERAKUNYA BITA KANDI IBIPURIZO NTIBAJAYO

  • ema nabandi mumeny ko atanyungu bizova mumaraso basha kandi mwibuk ko hariho prezida asumba bose uwo naw n lmana umusi umw azobabaza ibiremwa vyiwe vyirigwa birameswa!! ivyisi bimara umwanya mutoooo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.