IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Umuntu umwe yarapfuye arashwe

Cibitoke: Umuntu umwe yarapfuye arashwe

vendredi 25 Nyakanga 2015

Umuntu umwe niwe yaraye yitavye Imana mu masase menshi na grenade vyumvikanye mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,mu ma quartier ya Cibitoke na Mutakura zo muri zone Cibitoke ya Komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano muri zone ya Cibitoke,amenyesha ko uwo yaraye yitavye Imana yitwa Eddy Ndayisenga avuka muri zone ya Kinama,nkuko babibonye kw’ikarata karangamuntu yiwe,aho bamusanze yapfiriye hafi y’ibiro vya zone Cibitoke.

Nkuko ayo makuru ava aho mu bajejwe umutekano mu Cibitoke abimenyesha,uwo yarashwe bamusanganye kandi amasase 61,igisandugu kirimwo amasase 30 hamwe na grenade.

Uwurongoye ikirindiro c’abapolisi mu Cibitoke amenyesha ko uwo yapfuye yoba yari mu bateye ku kirindiro c’abapolisi akaba yarashwe n’abapolisi bariko barivuna,abo barashe amasase bagatera n’amagrenade.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.