Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Umuntu umwe yarapfuye arashwe
Cibitoke: Umuntu umwe yarapfuye arashwe
vendredi 25 Nyakanga 2015
Umuntu umwe niwe yaraye yitavye Imana mu masase menshi na grenade vyumvikanye mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,mu ma quartier ya Cibitoke na Mutakura zo muri zone Cibitoke ya Komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Amakuru ava mu bajejwe umutekano muri zone ya Cibitoke,amenyesha ko uwo yaraye yitavye Imana yitwa Eddy Ndayisenga avuka muri zone ya Kinama,nkuko babibonye kw’ikarata karangamuntu yiwe,aho bamusanze yapfiriye hafi y’ibiro vya zone Cibitoke.
Nkuko ayo makuru ava aho mu bajejwe umutekano mu Cibitoke abimenyesha,uwo yarashwe bamusanganye kandi amasase 61,igisandugu kirimwo amasase 30 hamwe na grenade.
Uwurongoye ikirindiro c’abapolisi mu Cibitoke amenyesha ko uwo yapfuye yoba yari mu bateye ku kirindiro c’abapolisi akaba yarashwe n’abapolisi bariko barivuna,abo barashe amasase bagatera n’amagrenade.
Van Naris Mugisha
Messages
25 Nyakanga 2015, 14:40, par hotora
bigenda gute ngo uwateye igipolisi basange ikiziga ciwe hafi y’ikirindiro cabapolisi? Bigenda gute ngo bamusangane amasase na chargeur vyonyene? nta nkoho yari afise? Ayo masase yayatera nk’amabuye? harimwo amahinyu!
25 Nyakanga 2015, 15:27, par junja
mukomeremuzemwivina.oyomohinbiri.
25 Nyakanga 2015, 16:51, par Avec
Polisi yigihugu cacu nimukomere turinyumayanyu turabashigikiye mukomeze. Hanyuma birabonekanako abarikumwe nuwomwicanyi bamwatse inkoho bamazekubona kwarashwe bacabariruka barayutwara harahezahasigara ivyomwatoye kukonabo bibonekako barikobarahungagizwa bibazako bahavabahasiga agatwe ntibarose umwanya wokwegeranya ivyoyarifisevyose. Nkukuntu nigezegukora mubijanye nakazinkakigipolisi mazekwumva ivyobamusanganye vyanyeretseko hariho ibindi atarikwiye kubura bikunzekubabirikumwe nivyo polisi yamusanganye nicogituma navuzeko hariho abobarikumwembereyogupfa batoye bimwemuvyoyarifise.
26 Nyakanga 2015, 07:30, par eridefonsi
porecana
26 Nyakanga 2015, 11:20, par Umutima Wumurundi
vyukuri nkuko tubibona ntaho tuva ntanaho tuja mugihe igiporisi kidakoze mukuri none ayo masase yayarashishije amaboko canke?gusa ico nosaba abarundi benewacu nuko twobumbatira ubumwe bwacu tukarwanya uwo wese yoshaka kuducanishamwo.ndetse tukubahiriza ibwirizwa nshingiro.imana ibazigame
27 Nyakanga 2015, 13:55, par INNOCENT
NTUKWIHANGANA .GUSA ABARUNDI TURARUSHE.
27 Nyakanga 2015, 14:00, par INNOCENT
NTIKWIHANGANA KWELI .GUSA ABARUNDI TURARUSHE
27 Nyakanga 2015, 14:04
IMANA IMUFASHE
27 Nyakanga 2015, 14:06, par INNOCENT
IMANA IMUFASHE
27 Nyakanga 2015, 14:08, par INNOCENT
IMANA IMUFASHE
27 Nyakanga 2015, 14:08, par INNOCENT
IMANA IMUFASHE