Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Colombiya : Umukuru w’igihugu yigizeko umwanda muto ari imbere y’abanyagihugu (...)
Colombiya : Umukuru w’igihugu yigizeko umwanda muto ari imbere y’abanyagihugu isinzi
mercredi 19 Ntwarante 2014
Umukuru w’igihugu ca Colombiya Juan Manuel Santos vyanse ko yigumya aca yigirako umwanda muto, imbere y’abanyagihugu, igihe yariko yasigura ibikorwa vyo gusubira kwiyamamariza ikindi kiringo co kuyobora ico gihugu.

Umukuru w’igihugu ca Colombiya rero akaba yigizeko umwanda muto ari mu gisagara ca Barranquilla, ariko arashikiriza abanyagihugu imigabo n’imigambi yiwe, kugira abo nabo, baze bamuhunde amajwi mu matora buca aba muri ico gihugu. Uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 62 y’amavuko, abari ngaho bakaba batatahuye igituma abasanzwe bajejwe kumucungira ububizima, batabonye ko kabaye mw’ipantaro, kugira bashobore kumusaba ko yohagarika ijambo ryiwe, canke abandi bantu bakibaza ko boba batinye kumukebura.
Uko Santos yaguma avuga ijambo, akaba ariko mw’ipantaro yari yambaye y’ibara ry’ikaki haguma hiyongera umuzingi w’ugutota, bivanye n’uwo mwanda muto yaguma asohora uko yavuga ijambo. Mubari ngaho, ntawigeze amukebura kugira ashobore guhagarika ijambo, na rirya impuzu yari yambaye zari zitanguye gutota, abanyagihugu bo, bakaguma bamukomera amashi menshi cane, nk’aho umenga ntacabaye. Tukabamenyesha ko, uyo mukuru w’igihugu ari ku butegetsi ku va mu mwaka w’2010.
Aristide Nizigire
Messages
19 Ntwarante 2014, 16:57, par Nduwimana
Barabesha Nintuguta
19 Ntwarante 2014, 17:01, par willy
Uwo yigirako pipi ntamatora yotsinda.
19 Ntwarante 2014, 18:37, par Rev.Jean Claude Ntimpirangeza
Ni umuhinga wo gutanga iciyumviro, yashatse kumesa izo yambaye kugira ngo; ntihazogire uwitwaza ubukene bw’ivyambarwa ngo agengane umwanda,“kungoma yiwe abantu bazomesera impuzu aho bageze hose“ ntagusiba ku mesa ngo wambaye imwe“
Ariko ndaguye ndagarutse, erega burya utari uw’isoni zaheze kumaso, biragoye kurenguka imbere y’abanyagihugu mu gihe bazi icurika n’icuranura vyawe ngo;nibakwongere umwanya! Ashobora kuba abaye uwambere bibayeko ntavyo twomenya ariko ntihazobura abakurikirako“Wewe aravomye abazomukurikira bazosenya canke babigerekeranye“!
19 Ntwarante 2014, 19:23, par Kabizi
Ashobora kuba nawe nyene atamenye uko vyagenze !Iyo wamaze umwanya munini ushaka kuja gusoba ntugende,usuze haca haseseka amasobe!Urumva ntiyari guca acira ijambo ryiwe hagati ngo ni amasobe.Erega Perezida nawe ni umuntu!
Nimba atwara neza bamureke yitoze atsinde
19 Ntwarante 2014, 19:41, par BAZOGENDA BARARWIRA
Erega aho umuntu ahandiwe ni ho yihandurira!
None bagabo, yari kwirigwa arata umwanya ngw’agiye kwihagarika,kandi propagande iza yatanguye?
mugabo rero,niyatsinda,biraboneka ko abakozi batazocaruka ngo bagiye hanze kwota akazuba.
yxwjm
wxqgx
19 Ntwarante 2014, 19:50, par twizerimana desire
birumvikana ko ntabashinzw umutekano afis icakora we ndakeka atotsinda kuk nta buhanga afite bwo kwiyamamaza
19 Ntwarante 2014, 20:21
Ivyo nivyo dusigaje kubona iwacu kuko amafuti yose aramaze kuyakora asigaje kwiyonona.
19 Ntwarante 2014, 20:36, par Tollo
Buriya amafire yari yacitse canke yafashe nirwara biragoye ivyubuzima birahinduka ni yihangane.
19 Ntwarante 2014, 21:18, par Nyara
Ahaaaa!uwowe niyirorerere ntaco yanze!uwo usanga ari filmasoni winguvu!Satani yamutegetse kwinyarako imbere yabantu atwara kugire amwongere ubutegetsi.
22 Ntwarante 2014, 07:42, par BAJOS
Biramaramaje.
Ntaco yanje
27 Ntwarante 2014, 05:33, par vuganeza
sha arasebej abiwe.muga protocole yiw bayikure. akinyarako?prezida muzima?ministr wiw w wumva gt?
29 Nzero 2016, 21:13, par MELCHIOR
JE NIYUMVIRAKO YARIYIBAGIYAHARI