IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyeshure ba kaminuza bemerewe kuguma imbere y’ubuserukizi bwa (...)

Abanyeshure ba kaminuza bemerewe kuguma imbere y’ubuserukizi bwa Amerika

vendredi 1er Rusama 2015, par IGIHE

Ubuserukizi bw’igihugu c’Amerika hano mu Burundi busaba Reta y’Uburundi gutorera inyishu ikibazo c’abanyeshure bo muri kaminuza bashagaje, imbere y’ubwo buserukizi basabwa gukingirwa umutekano.

Umupfasoni Dawn Liberi aserukira igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika hano mu Burundi hamwe n’intumwa ya Barack Obama, Tom Malinowski iriko igendera igihugu c’Uburundi muri kino gihe, babonanye n’ababanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi baraye ijoro ryabo rya mbere imbere y’inyubakwa z’ubuserukizi bwa Amerika hano mu Burundi basaba gukingirwa umutekano.

Abo bategetsi uko ari babiri basavye Reta y’Uburundi gutorera inyishu ico kibazo c’abo banyeshure. Baciye bemerera abo banyeshure ko batazokurwa imbere y’iyo nyubakwa hamwe boguma batekanye. Tubibutse ko abanyeshure barenga amajana atandatu bahungiye imbere y’iyo nyubakwa y’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe za Amerika ,aho ni mu gihe bari birukanywe mu bigo vya kaminuza ,mbere banategekwa kuhasiga buguruye ,ivyateye amakenga bamwe bamwe.

Abo banyeshure kandi bavuga ko bamaze kuva mu bigo vya kaminuza ,abaduze ku gatumba iwabo bamwe bamwe baciye bafatwa abandi nabo batinya ko bogirirwa nabi n’urwaruka rw’imbonerakure.


Floxella Karire

Messages

  • N MWIHANGAN IMANA IRABABON NIYO IBAGEJJ AHO

  • ABARUNDI NIDUCE BUGUFI DUSENGE IMANA IVYAVUZWE BITEGERE GUSHIKA ARIKO RETA NIYIKUBI AGASHI

  • iragi rya remy gahutu nivyo yagiye avuga bigiye gushika abazi ivyo yavuze nibyo biriko biraba

  • ntakundi mwogira.
    abahungiye murwanda nababonye kuri kumboneshakure ejo abavyeyi nabana barira nanje ndarira .

  • ABA BANYESHULI NIBIJUJU NTANICYO BIGA KUKO BADAKUNDA IGIHUGU CYABO AHUBWO BALISHAKIRA GUHUNGA !!!! KUKI SE BATAGIYE KULI AMBASSADE YURWANDA IBURUNDI , KO URWANDA RUSHOBORA GUTABARA ABARUNDI MUMASAHA 2 GUSA !!! KANDI KO RUBISHOBOYE , BUSHOBORA NO KWAMBURA ITWARO INKOHO ABASILIKALI BABARUNDI , IMBONERA KURE NABAPOLISI BUBURUNDI MUMASAHA 72 GUSA !!!! NONE SE IBI USA YABISHOBORA !!! ITAZI NIKIRUNDI ??? NABARUNDI BATAZI ICYONGEREZA ?????

  • IMANA IDUFASHE KUKO NIYO ISHOBOYE KURENZA AHO UMWANA W’UMUNTU ATORENZA

  • Nimba arimwe tuzeyeko abazoturongora mu misi irimbere ntaco twanze kweli none ngoho niho iwanyu ko dufise amakambi yabasirikare kandi muzi ko mutayatumbereye???ko bababujije kugaburirwa na leta no kuryamikwa na leta mugaca muja mwibarabara kuyigwanya aho niho morose ubuhungiro??????ndabagaye kabisa ntaco murimwo.

  • Iconzico Nuko Yezu Akunda Uburundi Kand Yanatwitangy, Ham Sinkek K Nibihuhusi Bir Mugihugu Azobisubiz Inyuma.

  • Bemerewe kuguma imbere ya ambassade,hiiiiiii!!!!Ntibabinjije ngo babahe ubuhungiro!!!!Je narinzi ko ayo mazuru yanyu atuma baburiza indege,ariko abatutsi mana yanje muri ubwoko bubi pe imana yarakadukoreye yabazanye mu bihugu vyacu,aho bwagiye kwiyererza ngo baburyamike muri ambassade,pas n’importe lequel,USA!!!Haaahahaaaaa!!!Ako kanyaro kazoteba gahere nayo masura mwiratira azosendwa ubu mwambaye isura ya shetani niyo babona aho mugeze hamwe hamwe,murakunda kwipanga ahari agahiye,menyera kurya mukoze!!!!Muriko murabesha ngo mutinya gutaha iwanyu ngo kubera imbonerakure,besha neza ni ugwitwazo ni ba ba sans echecs banyu birigwa bakora amaroregwa,muriko mukorera ba pacifique kandi mufise amahera mwahawe ngo mutere akajagari mu gihugu ,nta nzara mufise mweho data mbabajwe n’abahutu babakurikiye ba pacifique batabahaye n’urwasha!

  • ndabasaba ko mwakumvikana,apres tout Uburundi ni ubwanyu mwese

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.