Accueil > Amakuru > umutekano > Inzego z’umutekano zahawe indwi imwe y’amatohoza ku rupfu rwa Général (...)
Inzego z’umutekano zahawe indwi imwe y’amatohoza ku rupfu rwa Général KARARUZA
lundi 25 Ndamukiza 2016, par
Inyuma y’igandagurwa ry’intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi, Général Athanase KARARUZA kuri uwu wa mbere, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahojeje umuryango wiwe, hamwe n’inzego z’igisirikare, z‘igipolisi n’igendereza bari basanzwe bakorana.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Uburundi bubuze Intwari, umugabo w’ijunja n’ijambo, Intwazangabo yateye Iteka Uburundi n’abarundi haba mu gihugu canke mu makungu, aho yabaye n’Icegera c’Uwutwara Ingabo za MISCA, mu gihugu ca Centrafrique. Umukuru w’igihugu yavuze kandi ko iyo ntwazangabo yarwanije yivuye inyuma abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu, mu mwaka uheze, yongera arafasha bimwe bidasanzwe kubungabunga amahoro n’umutekano mu gihe c’amatora n’inyuma yaho. Ikiringo c’indwi imwe gusa akaba arico umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahaye inzego z’umutekano kugira abagandaguye iyo ntwazangabo babe bamenyekanye, bafatwe kandi bashengezwe mu butungane.
Ijambo rishikirijwe n’Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA inyuma y’igandagurwa rya Général Athanase KARARUZA
Barundi, Barundikizi,
1. Uno munsi, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, wabaye umunsi w’amarira n’amaganya ku muryango w’Intwazangabo Jenerali Athanase Kararuza, ku Nzego zo kwivuna abansi no ku Barundi bose. Hakiri kare, aho Intwazangabo Kararuza yariko ashikana ikibondo ciwe kw’ishure, akarwi k’inkozi z’ikibi kihaye inkumbi mu kumugandagura bunyamaswa, kamugandagurana n’abo bari kumwe mu muduga, harimwo n’Umutambukanyi wiwe.
2. Imbere ya vyose dusavye Imana Mushobora vyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ifashe umuryango wiwe, incuti ziwe, mbere n’abarundi bose. Turahojeje umuryango wiwe, turahojeje kandi inzego z’igisirikare, z‘igipolisi n’igendereza bari basanzwe bakorana bafatanye munda hamwe nabo bahora bakorana mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu.
3. Uburundi burabuze Intwari, umugabo w’ijunja n’ijambo, Intwazangabo yateye Iteka Uburundi n’abarundi haba mu gihugu canke mu makungu, aho yabaye n’Icegera c’Uwutwara Ingabo za MISCA, mu gihugu ca Centrafrique. Bitayeko Yararwanije yivuye inyuma abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu, mu mwaka uheze, yongera arafasha bimwe bidasanzwe kubungabunga amahoro n’umutekano mu gihe c’amatora n’inyuma yaho.
4. Turamusabiye ku Mana Mushoboravyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ihe umutima wo kwihangana no kwigumya umuryango wiwe, tutibagiye incuti abagenzi n’abakunzi biwe aho bari hose.
5. Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko.

Barundi, Barundikazi,
6. Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane.
7. Ibi bibaye uno munsi, ejo hahise hatewe iyindi ntwazangabo, mbere no mu ndwi yahera ako karwi k’ababisha bihaye inganda mu kwica abantu kabaziza amabanga bafise mu nzego zijejwe kwivuna abansi canke guhagararira umutekano w’abarundi n’igihugu, ndetse n’abenegihugu aho bakorera nko mw’isoko no mu bunywero. Ntaho bataniye nabakora ububisha bw’iterabwoba.
8. Turasavye abarundi ngo bame barikanuye, babandanye bakomeza ya makomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, kugira ababisha bafise iyo migambi iburizwemwo kandi bafatwe bahanwe batarakora ibara. Igihambaye dusaba Abarundi iyo bava bakagera, ni uko bokwama bagendera ubwitonzi, ubwira n’ubumwe vyaranze Jenerali Kararuza Athanase, ntibarwe mu mutego w’abo babisha, nyabuna tugire urunani rw’intamenwa dutuze utwo turwi tw’iterabwoba.
9. Mu kurangiza, twibukanye amajambo akomeye ari mu ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu avuga ngo “Imana yakuduhaye ikudutungire“. Turasabiye umwana yazize ubusa agakomeretswa n’ivyo bisasu vyatewe umuduga warimwo abavyeyi biwe ko Imana yomufasha ikarokora ubuzima bwiwe.
10. Tuboneyeho n’akaryo ko kuremesha Abarundi bose muri rusangi ko nk’uko utundi turwi tw’inkorabara twasambuwe, n’aba baduhekuye bagiye kuja ahabona, bateshwe kandi bafatwe, bahanwe hakurikijwe amategeko.
Imana ihangaze Uburundi n’Abarundi
Murakoze
IGIHE
Messages
25 Ndamukiza 2016, 20:30, par Vivi
Mbeshakombona Umengo Urakanye ?Iyomugiga Iteye Mumiziyigitok Numwanana Uratinda Ugashikigwa. Nibakumbure bahaguruke Bikureko Umubisha yabiteye Bamenyeko Unygeza Ikaramumpuzu Rikaguturira.
25 Ndamukiza 2016, 20:51, par S Paul
Iryo Jambo Niryiza Cane Kandi Riraremesha
25 Ndamukiza 2016, 20:53, par Bizimana
ahubwo Ina ikubabarire kuko nibaza atawundi yamwishe atari wewe
25 Ndamukiza 2016, 20:54, par Rukundo
Mbega Nkurunziza Yibuka Gusenga Hapfuye Umutegesti Yarabicayeko Basha Ntimwamenya ,Pe" .Babamesabuke Kuko Nimwe Mwabivuz Muranabikora Nimumarane Basha, Huo Ni Mchezo Wandani,,,,,powa Kabisa,,,,,,,,,
25 Ndamukiza 2016, 21:13, par Nzorubara
Abamaze kugenda ni benshi, ariko muguma muvuga amatohoza ariko tukarindira tukabura. None wotubarira abishe adolphe? Ubwo rero nuwo tuzorindira mpaka ducoke.
25 Ndamukiza 2016, 21:23, par Jayne
Imana Imwakire Mubwami Bwayo
25 Ndamukiza 2016, 21:27, par Emmanuel
Imana niyakire Ubugingobwabo.
25 Ndamukiza 2016, 21:32, par maso
ibiringo wama uanga birarambira abarundi.
25 Ndamukiza 2016, 21:43, par eric
yomwica gute bakorana?
abavuga ivyo nuko ari aba extremist tutsi.nukuvyemere mugahinduka .abazungu barababeshe ngo muzokwama mutwara.
kumbura musangire nabandi nkuyu mu general mwene wacu mwishe.
nta nkurunziza yarikumwica numwana wiwe numugore.
abo nabatutsi extremist bishe mwenewabo ngo baduteranye
TURAGOWE BAZOHAVA BIYICA NGO TWAGIZE JENOCIDE
25 Ndamukiza 2016, 21:51, par Augustin niyonkuru
Mbga abobantu bava mukuzimu!!Abo ba général bazira iki?Kuva kuri adolph gushika kuri athanase tutibagiy abasivire,mwumvabatarngana kabisa!!Jew nosaba leta ko uwomenykana ko bomufyonyora nk’igir!Hanyuma abarundi barank umutkano,murakoze.
25 Ndamukiza 2016, 22:06, par Signorina
Barundi ni mu kumbure mufatane mu nda mu reke kwisaburirako nka gahene.
Subiza inkota mu bwubati, abo bariko bahendwa ngo bice benewabo, nta butegetsi
bazoshikira atari amatora y’abanyagihugu.
25 Ndamukiza 2016, 22:06, par Niyongabo
Ntakundi Imana Imwakire Arikonabobazofatwd
25 Ndamukiza 2016, 22:20, par Manassé
Nne Harabuze Ubryo Bokresha Ngo Hakngirwe Abasigaye?
25 Ndamukiza 2016, 22:25, par NTAKUNDI
Mbega yemwe hanyuma hoho ninde azoremesha abandi? Ubwo bwicanyi bukwiye kurangira kuko turaruhijwe n’ivyo bintu! Ubwo ntimwogezaho?
25 Ndamukiza 2016, 23:21, par IRIBUKA
REKA REKA SHA SARUHARA RWANKOMOKOMO KWITAMBA KUMIVYIMBA BARUNDI TWIRIRWA TURABURA NIWEWE NYIRABAYAZANA WIZIMPFU
25 Ndamukiza 2016, 23:23, par IRIBUKA
REKA REKA SHA SARUHARA RWANKOMOKOMO KWITAMBA KUMIVYIMBA BARUNDI TWIRIRWA TURABURA NIWEWE NYIRABAYAZANA WIZIMPFU
26 Ndamukiza 2016, 00:00, par kamaro
urakoze nyakwuhahwa kukuntu udahengesha guhumuriza abarundi, eee!! iyi niyo yantambara uwitwa tari yaramazimisi asaba CNARED guhaguruka irwane igandagure uwowese akora agatama kugirango abarundi babeho mumahoro, yabahimirije gushikira ubutegetsi aruko basheshe amaraso. CNARED irikwiraca kubiti nokumabuye kugirango icanishemwo inzego zumutekano hamwe nabarundi murirusangi, nicogituma abarundi twese tuvirehasi rimwe tuirwanye ataruko izodukwegera akarambaraye....ntihazehagire uuzorwa mumutego waCNARED ngo acanemwo numubanyi wiwe..
26 Ndamukiza 2016, 03:40, par MUYAHUDI
EMW ABASENGA DUSENGER BINOBINTU! KUMENGA BIRAFITANIYISANO NABIMW WAMUVUGABUTUMWA GAKWAYA YAVUGAKO HAZOPFA ABATEGETSI BENSHI!
26 Ndamukiza 2016, 03:41, par MUYAHUDI
EMW ABASENGA DUSENGER BINOBINTU! KUMENGA BIRAFITANIYISANO NABIMW WAMUVUGABUTUMWA GAKWAYA YAVUGAKO HAZOPFA ABATEGETSI BENSHI!
26 Ndamukiza 2016, 03:47, par MUYAHUDI
YEMW ABASENGA MUSENGER MUKOBEJ IBIBINTU KUMENGA BIRAFITANIYISANO NABIMW WAMUVUGABUMWA GAKWAYA YAVUGAKO HAZOPFA ABATEGETSI BENSHI!
26 Ndamukiza 2016, 03:48, par Jonathan
Mbega Nkurimbi reka gukina abarundi kumuvyiba NGO mama urasenga mbega amarira uteje igihugu nabarundi iyo manda wihaye uteje amarira ipfuvyi na bapfakazi mbega birakunuzera canke wicaranye nabiwawe ubasigutira ubuzima wabayemo umaze kubura umuvyeyi wawe bikabaryohera sha komeza winyegeze igiteka Mugabo uzavyishura
26 Ndamukiza 2016, 04:39, par tari
Jewe numva gushika uyumusi bidakanewe gose kwabantu birirwa bata umwanya wabo ngobararirira abasirikare bishwe ubwambere ababica bafise ibirwanisho nabo bakagira ibindi none niba bananiwe kukwana kubanyagihugu bariko baricwa na nkurunziza bobo nibirwaneko none ivyobihangage vyabasirikare twumva abahinga karuhariwe muvyagisirikare barakenye bagandaguwe nkatwe abanyagihugu ubwambere izigorane zose turimwo bokagomvye kubaribo bafata iyambere mukuzihagarika none niba aragatima kamaronko bahisemwo kwirabira hirya nyakubahwa niyombare yabibonyek Kare yanka kuryumunwa arasemerera atiyamara ibara rizorwa mwanka kumva ivyababwiye bukeye kabiri ityoyavuze rirataha agize ngwahagararire igihugu mwanka kumushigikira ngwasubize ibintu muburyo none nimurabo ukobiriko birabagendera naho uwoyahoze Ari umukuru wigihugu nareke kwisiga inkore kumaso urworuyogoyo rwiwe abarundi ntarwo tugikeneye kuko ivyovyose niwe ariko arabitera kubwanje idyo sindadyita ijambo ahubwo davyita kuraga imisi yigisuma Ni 40
26 Ndamukiza 2016, 06:29, par Maxime
Amahoro bavandimwe,
Mufatane munda mukomere, Uburundi ntibwabaho nta mututsi kandi ntibwabaho nta muhutu, muri a bavandimwe, experience yo mu Rwanda yakababereye Isomo. Uwica wese azabibazwa kw’isi kandi n’Imana izabimubaza. Mutsinde urwango mwimike urukundo bitabaye ibyo ishyano mudatekereza rizabagwira. Imana ibahe amahoro
26 Ndamukiza 2016, 08:04, par che
Nyakubahwa Mukuru w’igihugu ibi vyose biteye isoni kandi nta wundi afise inyushu atari mwebwe indongozi. Ni mubishaka ubwicanyi buzohagarara, ivya discours ntaco bimaze mu gihe bitagira ubushake n’ ibikorwa.
26 Ndamukiza 2016, 08:40, par Nene Nesta
Ahubwo yubamara bose bagushigikiye bibaza ngo bagiye gukira amajambo yoyo nimisi yose twamaze kuruhishwa nubwicanyi hasigaye wewe.
26 Ndamukiza 2016, 08:48, par turaje
Peter ariko araraga ivyiwe biraheze
iminsi yigisuma ni 40
26 Ndamukiza 2016, 09:15, par Yasu
Nyakubawa, rondera securité y’igihugu cose kandi birashoboka, kuko ntakamaro ko kugira securité yawe gusa kuko kera izi nkozi c’ikibi bashobora kugushikira.
Bisaba amahera menshi ariko abarundi bose bakaba securisé kuko niyo solution.
26 Ndamukiza 2016, 09:50, par umve
UWIBAZAKO ABASIRIKARE YABAMAZE ARIHENDA. AHUBWO ABO BATEGETSI NIBATANGUZE INYIGISHO ZA GISIRIKARE KUMITUMBA YOSE YUBURUNDI TWICUNGIRE UMUTEKANO.NAYO ABO BATUMA KWICA NGIRA BAZOHERA IYO BARI? IYO BABA BAZI KO IVYO BAGIRA KO ARIVYITEKA KO HARI IMIRWI 5 YIYITA ABA ROBELLE KUKI ATANUMWE AVYEMANGA? ABANYAGIHUGU TUZIGWANIRA NKUKO VYABAYEYE MURI 1993 KAND TUTARI TUZI KURASA. NIBATURYE AKARA FUSA RUBANDA NYAMWISHI IZIRONDERERA IJAMBO UKO BIZOGENDA KOSE. NAYO ABO BICA ABANTU NTABWO BAZOBAMARA. AYO MA SACRIFICE BARIKO BAGIRA ATEYE ISONI KUKO ABA EX FAB BAMUKUNDA. HOZA UWUNDI MUNTU NKA MINANI MVEGA YOCA ATWARANDE ARI UMU CIVIL?NTAZOKENERA ABAMUCUNGA?TUZOBA TURIMWO.
26 Ndamukiza 2016, 10:07, par Aferky
Peter ikibazo ca mandat ya 3 yarahejeje kugihindurira isura. Yatanguye kuvuga ko ingorane ziri iburundi ari izamoko, abarundi bati urahumba. Kugira abibijuju abibemeze aca ahitana umuhutu Adolph, aca ahitana umututsi Bikomagu, mandat benshi baca barayibagigwa. Conclusion yabaye une bonne solution. Ubu rero, peter yishe umuhutu, aca yica numututsi, agacanganyikisha imbande zose
26 Ndamukiza 2016, 10:12, par gahanga
urabamazekweri usigaye kwicanyoko
26 Ndamukiza 2016, 15:04, par jean
Urica abantu hanyuma ugasaba ko hakorwa itohoza??n’akamaramaza
26 Ndamukiza 2016, 15:08, par Uwubizi
Ayo marira y´ingona ntawutayabona. Amaherezo ni i Lahaye kazima CPI yatanguye enquêtes. Kararuza na we yakoreye inda yiwe none nimurabe inyishu Peter amuhaye. N´abandi babonereko kuko Peter nta muntu n´umwe akunda. Abahutu b´ibijuju abahenda ngo ni ingorane ziterwa n´Abatutsi. Abatutsi n´Abahutu baciye akenge kandi bagendera mu kuri baca baba abansi.
Abarundi nitwikangura tuzomwikurako hanyuma dutere imbere nk´abandi muri kano karere kuko igihe cose Peter azoba agitwara Uburundi, ubukene buzokwamaho.
26 Ndamukiza 2016, 16:26, par Ngogas S
MANDAT YA 3,YAGIZE INGARUKA ZIKOMEYE HABA KUBANYAGIHUGU NDETSE NABANYAMAHANGA UNAREBYE NEZA IBIBAZO BYABAYE MBERE BYAGEZE NOKUNKOKO.UBU AHO BIGEZE MURAGABE BANTU MUTUYE MU BURUNDI.
26 Ndamukiza 2016, 16:55, par Tujahe?
Vyari kuba vyo uwu muntu yitwa Nkurunziza yahavuye yitwa Nkurumbi ku Barundi bose, iyo atavuka.
26 Ndamukiza 2016, 18:17, par didos
igihe cyose hayoboye umwami ufite umugore wumupfumu cg uraguza hameneka amaraso menshi ex: Ahabu na Jezabel rero murwane musenga naho ubundi muragowe pe.
26 Ndamukiza 2016, 18:30, par jean
ariko nkurunziza ntanisoni agira koko , nigute mwica abantu hanyuma mukongera ho nagashinyaguro ngo indwi imwe yitohoza , ese igihe mwayitangiye haricyo yagezeho cg nuguhuma amaso abanyagihugu ngo vagirengo simwe bicanyi bamaze abantu , kuva kuri ba bikomagu , adolphe, ...nuyu mu general ngo indwi imwe yitohoza itarigeze igira icyo ishikako , president nkurunziza niwewe waciye umugani ngo iyo uteye umupira kuruhome ukugarukako tegereza nawe bizokugarukako bensuda nunvise agira ashike muburundi cg obonyine mukorana bakwirangirize
26 Ndamukiza 2016, 18:55, par BONAVENTURE
EMWE IBI NTAVYO NSABIYEKO NONE IYI NTWARO YUBWICANYI IZOHERA RYARI?HASIGAYE AHIMANA.
26 Ndamukiza 2016, 19:13, par TIARG-B
ubwobwicanyintibuzoherahataje ibihano umuntukuwundi
26 Ndamukiza 2016, 19:41, par Liberat
Nagatwenza Mu Burundi,karaciye Ingani Twisamburireko Nkimpene Be Mukwicana?Eh Impand Zose Nukwicana Gusa,no Mugisirikare Nah?Mbe Binanirany Munzeg Z,umutekan Bimez Kury Umunt Mut Naw Bizohav Bigend Gte?Mana Tabara Nukuru!Wait
26 Ndamukiza 2016, 20:45, par aca
Usigaye wica ufite discours yakubesha ngo urahumuriza uzageza ryari,? Ubwo hitegure uzaguhumuriza nawe mugihe uzaba wamutumye guhumutiza abarundi. Arinjye nakwegura hakirikare. Amaraso yabarundi ataraguhitana
26 Ndamukiza 2016, 21:23, par Jean-marie
None Uburundi Buzosigaramwo Bande?
27 Ndamukiza 2016, 01:30, par Ch@misher,
Kobamaranye,ntibahava Birara Mu Bayagihugu Nano!Uwusobora Nuguhunga Uburundi Hakirikare.Fungeni Mizigo.
27 Ndamukiza 2016, 12:57, par Fabrice
Nashaka Ifoto Ya Kararuza Numuryango Wiwe.
27 Ndamukiza 2016, 21:27, par Elyse
nibihanganentakundi.
28 Ndamukiza 2016, 02:28, par Mukobwajana
Kwivubwehe.com...haa urabamara nimba batabona...bakunda amahera nasyeee
29 Ndamukiza 2016, 03:17, par NSHIMIRIMANA
NIBANYARUTSE AMATOHOZA,BAFASHWE JEWE NUMVA KOBOBATANGA KWAKARORERO
1er Rusama 2016, 21:35, par Nizigiyimana Sebatien
Mbega Yemwe Karashize Ingani Twihe Amenyo Yabatwenzi Igihugu Cuburundi Ko Kirimwo Abagabo Benshi Kandi Twabona Ko Arintwari Niki Gituma Amaraso Aguma Aseseka Ntakundi Umwotsi Urabura Iyuja Ukaja Mwijuru Nibihe Hama Yonyene Igire Ico Yikorera Kuko Abarundi Turaruhishwa Nokwama Turumva Ngo Ngwaho Mbe Tuzohunga Gushika Ryari Ko Mpungugwaha Yakimajije Amaguru