Accueil > Amakuru > umutekano > Gabriel Rufyiri yahagaritswe n’igiporisi
Gabriel Rufyiri yahagaritswe n’igiporisi
jeudi 25 Nyakanga 2014
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rirwanya ibiturire yahagaritswe n’igipolisi igihe yari atanguye urugendo rwo kumenyesha ibintu asaba Reta y’Uburundi.
Amaze kugenda nk’imetero 200 ava ahitwa kwa Ngoma agenda agana ahakorera ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Gabriel Rufyiri yaciye ahagarikwa n’igiporisi. Yambaye impuzu zicafyeko umugabo avyibushe yise "Reta" n’uwundi asigaye ku mutwe, afise agasahani n’ikiyiko ariko agaburira urwo rugabo.
Yagenda abwira abamenyeshamakuru ko ariko agira urugendo arekurirwa n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi hamwe n’ayandi masezerano mpuzamakungu Uburundi bwashizeko igikumu. Kuba yahisemwo kugira urugendo wenyene, Rufyiri yishura ko Reta yanse ko baja hamwe n’abandi bakagira urugendo nk’urwo.

Agifatwa, Rufyiri yaciye aterera mu banyagihugu impapuro zanditseko ibintu bishika 10 vyerekana ko igiturire gisibije igihugu ari navyo bimutuma aja mw’ibarabara. Muri ivyo cumi, harimwo ibibazo vy’ubuzima buzimvye n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.
Gabriel Rufyiri yasavye umutahe umuhagarika ariko ntiyaweretswe, yaciye yinjizwa imodoka y’igiporisi. Yaciye atwarwa muhira iwe mu Ngagara aho yaciye icungwa n’abaporisi bamubuza gusohoka



Cherif Nkeshimana
Messages
25 Nyakanga 2014, 11:35, par @#
ubutegetsi ntaco bucera
25 Nyakanga 2014, 11:42, par MVUZO
Abo ba police bakorera CNDD FDD ntabanyagihugu bakorera ntibitangaje kuko ivyabanyagihugu basaba umengo ntibibaraba baramenya ko ubuzima buzimvye buri mugihugu harimwo nimiryango yabo kuko ntifungura mugi police mbe ahobamuhagarika ugira ivyasaba ntivyumvikana!! Bagira bamugire nka Mbonimpa barahumba amakungu yabahagurukiye iyontwaro niteshwe ite
25 Nyakanga 2014, 11:57, par manzi
Komera mutama turinyuma yawe batwaye Rufyikiri ntibatwaye barufyikiri !!!
25 Nyakanga 2014, 11:57, par KIBAMBA
NAWE YAGIYE MWIBARABARA NGO YUMVE KO BARACK OBAMA AMUVUGIRA???? REKA TURINDIRE KURI BBC KUMUGOROBA AKAMO KA OBAMA.
25 Nyakanga 2014, 11:58, par kajekurya
Mbega umuntu yibereye mw’ibarabara ari wenyene aratera ubwoba ubtegetsi gushika naho bugomora ingabo zingana kuriya? Bwabundi barinda banyoye sinobabesha!!!!!
25 Nyakanga 2014, 12:51, par Ntantemanga!
Komera mutama!Wariwaratevye kubikora,kuko utabikoze iryo shirahamwe urongoye ryopfuma rihava!
25 Nyakanga 2014, 13:09, par divin
nibareke uymugabo akora icazi numugabo atarinda mperekeza tworonka5nkawe twotsinda intambara itagira ibigwannisho numugabope!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
25 Nyakanga 2014, 13:09, par divin
nibareke uymugabo akora icazi numugabo atarinda mperekeza tworonka5nkawe twotsinda intambara itagira ibigwannisho numugabope!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
25 Nyakanga 2014, 13:25, par John
Naho banka ukuri bazemezwa nubutungane bwukuri ivyo babesha nibitegurire guhanwa kuko ntibizoherera aha.
25 Nyakanga 2014, 14:01, par Kuri
INTWARO YAGATSINYIZO APARTE IDIE
EMWE NZOBONA INKONA NTIZIBONANA NI INKOKO
25 Nyakanga 2014, 15:21, par Nduwimana leonard
Hari umuririmvyi yaririmvye ngo*ivyo mukora turabibona ivyo muvuga turavyumva hari nivyo ukora bikaguca umutima munyeporitique bambarira* hakaba nuwundi yaririmvye ngo *bazorira bazobura iyo banyikira ,ubu baranezerewe harigihe bazijirirwa*
Ntaco mvuzeeee!!
25 Nyakanga 2014, 15:33, par Bicamajerwe
Mbe kuki aba DD batigera baha uburenganzia abanyagihugu ngo bagirimyiyerekano knd babifitiye urenganzira?Burya bankako ukuri kujahabona,bamenyeko igifise intango kigira niherezo.
25 Nyakanga 2014, 15:33, par Noé
None ga yemwe, karashize ingani mu Burundi, nuw’uwuvuze ko amata yera aca akurikiranwa ngo arangushe? Mana y’uburundi urazigama Rufyiri ntagire ico aba.
25 Nyakanga 2014, 15:58, par Uwubizi
Rufyiri est très fort. Il a eu ce qu´il voulait. Les DD sont tombés dans le piège.
J´aime les gens intelligents.
25 Nyakanga 2014, 17:05, par Emery
None iyonzirakarengane izira iki kobamuzibagiza bankako avuga ntaco nabonyene bamenyeko atamvura irwidahita mukanya gato tuzobiraba kuko uburumdi subwa ba CNDD FDD gusa.
25 Nyakanga 2014, 18:07, par Ndababaye
Uburundi bwarigorewe!!!!!
25 Nyakanga 2014, 18:22, par barumwete
Ndababwire iyo imbwa yasaze iyo uyiteze iraguhitana,bakazoyica yakwisasiye.
25 Nyakanga 2014, 19:04, par leon
Ni mureke umuntu agaragaze iciyumviro ciwe ntabwo mubafata mwijosi mwa ba dd mwe reke rufyiri ashire akababaro kiwe ahabona
25 Nyakanga 2014, 19:41, par juma
ako gahimbiri akagaye gafise kararenze ibiriko birakorwa na sosiete civil mwomenya neza kwarumugambi muremure wateguwe mumanama meshi yagiyaba rero,benewacu bagumyabanga mugomba kwitonda cane kuko bararahiye bararengwa kobagomba gukora ibishoboka vyose haba kuneza canke kunabi ngobateranye cndd fdd nabanyagihugu namkungu bagira bati vyanka vyakunda. dd itegerezwakuvaho imvo yavyose ngo mutunze mumwanya muto ngubutunzi bwanyu ntibusobanutse mugihe abanyagihugu bakenye kuza murabafata rero nintsinzi kuribo
25 Nyakanga 2014, 19:53, par Bigirindavyi
Imbw mugupfa ibaza kumoka hama ikarya abantu.inyuma yaho irapfa.aba DD bari mumarembera ntaco bubaha Bwira Obama indege zitagira abadereva ziriho uyumusi Kadhafi nabiwe barihe?
25 Nyakanga 2014, 21:28, par Bigirindavyi
Mbe kugira bamufate yarafisikigwanisho canke yarikwarigishirizumugambwe?
25 Nyakanga 2014, 21:41, par Bigirindavyi
Ewe barumwete we abo yisasiye yarabisasiye ubu nizo ncungu zigira kabiri ubu hageze kw,imbwa bayikubita k,umutwe abantu babeho.
26 Nyakanga 2014, 10:34, par @#
cndd fdd niyatsindwa igi polisi cuburu nukugisezerera tukigisha igipolisi gisha ibijanye namategeko kandi bariho benshi babi shoboye ntibagiye naba camanza bubu bose asigaye araba DD bobo nukubacira imanza bagahanwa namategeko.
28 Nyakanga 2014, 11:52, par Viateur
Nibareke Rufyiri Yikorere Kuko Ari Mubantu Bake bimvugakuri Muriki Gihugu Mugabo Nawene Numvise Hariho Uwumwagiriza Amamiliaridi Akari Mumpene Niko Kari Nomuntama
30 Nyakanga 2014, 06:50, par pinjos
nibamurekeagaragaragazeakababaroke