Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabriel Rufyiri yahagaritswe n’igiporisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gabriel Rufyiri yahagaritswe n’igiporisi

Gabriel Rufyiri yahagaritswe n’igiporisi

jeudi 25 Nyakanga 2014

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rirwanya ibiturire yahagaritswe n’igipolisi igihe yari atanguye urugendo rwo kumenyesha ibintu asaba Reta y’Uburundi.

Amaze kugenda nk’imetero 200 ava ahitwa kwa Ngoma agenda agana ahakorera ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Gabriel Rufyiri yaciye ahagarikwa n’igiporisi. Yambaye impuzu zicafyeko umugabo avyibushe yise "Reta" n’uwundi asigaye ku mutwe, afise agasahani n’ikiyiko ariko agaburira urwo rugabo.

Yagenda abwira abamenyeshamakuru ko ariko agira urugendo arekurirwa n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi hamwe n’ayandi masezerano mpuzamakungu Uburundi bwashizeko igikumu. Kuba yahisemwo kugira urugendo wenyene, Rufyiri yishura ko Reta yanse ko baja hamwe n’abandi bakagira urugendo nk’urwo.

Agifatwa, Rufyiri yaciye aterera mu banyagihugu impapuro zanditseko ibintu bishika 10 vyerekana ko igiturire gisibije igihugu ari navyo bimutuma aja mw’ibarabara. Muri ivyo cumi, harimwo ibibazo vy’ubuzima buzimvye n’uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Gabriel Rufyiri yasavye umutahe umuhagarika ariko ntiyaweretswe, yaciye yinjizwa imodoka y’igiporisi. Yaciye atwarwa muhira iwe mu Ngagara aho yaciye icungwa n’abaporisi bamubuza gusohoka


Cherif Nkeshimana

Messages

  • ubutegetsi ntaco bucera

  • Abo ba police bakorera CNDD FDD ntabanyagihugu bakorera ntibitangaje kuko ivyabanyagihugu basaba umengo ntibibaraba baramenya ko ubuzima buzimvye buri mugihugu harimwo nimiryango yabo kuko ntifungura mugi police mbe ahobamuhagarika ugira ivyasaba ntivyumvikana!! Bagira bamugire nka Mbonimpa barahumba amakungu yabahagurukiye iyontwaro niteshwe ite

  • Komera mutama turinyuma yawe batwaye Rufyikiri ntibatwaye barufyikiri !!!

  • NAWE YAGIYE MWIBARABARA NGO YUMVE KO BARACK OBAMA AMUVUGIRA???? REKA TURINDIRE KURI BBC KUMUGOROBA AKAMO KA OBAMA.

  • Mbega umuntu yibereye mw’ibarabara ari wenyene aratera ubwoba ubtegetsi gushika naho bugomora ingabo zingana kuriya? Bwabundi barinda banyoye sinobabesha!!!!!

  • Komera mutama!Wariwaratevye kubikora,kuko utabikoze iryo shirahamwe urongoye ryopfuma rihava!

  • nibareke uymugabo akora icazi numugabo atarinda mperekeza tworonka5nkawe twotsinda intambara itagira ibigwannisho numugabope!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • nibareke uymugabo akora icazi numugabo atarinda mperekeza tworonka5nkawe twotsinda intambara itagira ibigwannisho numugabope!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Naho banka ukuri bazemezwa nubutungane bwukuri ivyo babesha nibitegurire guhanwa kuko ntibizoherera aha.

  • INTWARO YAGATSINYIZO APARTE IDIE
    EMWE NZOBONA INKONA NTIZIBONANA NI INKOKO

  • Hari umuririmvyi yaririmvye ngo*ivyo mukora turabibona ivyo muvuga turavyumva hari nivyo ukora bikaguca umutima munyeporitique bambarira* hakaba nuwundi yaririmvye ngo *bazorira bazobura iyo banyikira ,ubu baranezerewe harigihe bazijirirwa*
    Ntaco mvuzeeee!!

  • Mbe kuki aba DD batigera baha uburenganzia abanyagihugu ngo bagirimyiyerekano knd babifitiye urenganzira?Burya bankako ukuri kujahabona,bamenyeko igifise intango kigira niherezo.

  • None ga yemwe, karashize ingani mu Burundi, nuw’uwuvuze ko amata yera aca akurikiranwa ngo arangushe? Mana y’uburundi urazigama Rufyiri ntagire ico aba.

  • Rufyiri est très fort. Il a eu ce qu´il voulait. Les DD sont tombés dans le piège.
    J´aime les gens intelligents.

  • None iyonzirakarengane izira iki kobamuzibagiza bankako avuga ntaco nabonyene bamenyeko atamvura irwidahita mukanya gato tuzobiraba kuko uburumdi subwa ba CNDD FDD gusa.

  • Uburundi bwarigorewe!!!!!

  • Ndababwire iyo imbwa yasaze iyo uyiteze iraguhitana,bakazoyica yakwisasiye.

  • Ni mureke umuntu agaragaze iciyumviro ciwe ntabwo mubafata mwijosi mwa ba dd mwe reke rufyiri ashire akababaro kiwe ahabona

  • ako gahimbiri akagaye gafise kararenze ibiriko birakorwa na sosiete civil mwomenya neza kwarumugambi muremure wateguwe mumanama meshi yagiyaba rero,benewacu bagumyabanga mugomba kwitonda cane kuko bararahiye bararengwa kobagomba gukora ibishoboka vyose haba kuneza canke kunabi ngobateranye cndd fdd nabanyagihugu namkungu bagira bati vyanka vyakunda. dd itegerezwakuvaho imvo yavyose ngo mutunze mumwanya muto ngubutunzi bwanyu ntibusobanutse mugihe abanyagihugu bakenye kuza murabafata rero nintsinzi kuribo

  • Imbw mugupfa ibaza kumoka hama ikarya abantu.inyuma yaho irapfa.aba DD bari mumarembera ntaco bubaha Bwira Obama indege zitagira abadereva ziriho uyumusi Kadhafi nabiwe barihe?

  • Mbe kugira bamufate yarafisikigwanisho canke yarikwarigishirizumugambwe?

  • Ewe barumwete we abo yisasiye yarabisasiye ubu nizo ncungu zigira kabiri ubu hageze kw,imbwa bayikubita k,umutwe abantu babeho.

  • cndd fdd niyatsindwa igi polisi cuburu nukugisezerera tukigisha igipolisi gisha ibijanye namategeko kandi bariho benshi babi shoboye ntibagiye naba camanza bubu bose asigaye araba DD bobo nukubacira imanza bagahanwa namategeko.

  • Nibareke Rufyiri Yikorere Kuko Ari Mubantu Bake bimvugakuri Muriki Gihugu Mugabo Nawene Numvise Hariho Uwumwagiriza Amamiliaridi Akari Mumpene Niko Kari Nomuntama

  • nibamurekeagaragaragazeakababaroke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.