IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > RUFYIRI yasavye abamucungira umutekano mu myiyerekano agiye kumaramwo (...)

RUFYIRI yasavye abamucungira umutekano mu myiyerekano agiye kumaramwo iminsi ibiri

mardi 15 Mukakaro 2014

Mw’ikete Gabriel RUFYIRI yarungikiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yamumenyesheje ko agiye gutangura urugendo rw’amahoro, ari wenyene, kuva kuri uwu wa gatatu, gushika kuwa kane igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba. Gabriel RUFYIRI yamenyesheje umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko ico amusaba ari abamucungerera umutekano gusa.

Gabriel RUFYIRI amenyesha ko kuva mu mwaka w’2004, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yamye asaba ko yotunganya ingendo z’amahoro, ariko inyishu ikaba yamye ari ukubankira, tukabibutsa ko kenshi babima uruhusha, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu nawe akaba aheruka kumenyesha ko ayo mashirahamwe adashobora gutunganiriza hamwe ingendo z’amahoro canke imyiyerekano kuko asanzwe adafise n’intumbero zimwe mu bikorwa yiyemeje.

Kw’izina ryiwe wenyene, Gabriel RUFYIRI amenyesha ko yatunganije wenyene urugendo rw’amahoro ruzomara iminsi ibiri kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, gushika ku mugoroba wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 17 Mukakaro 2014 igihe c’isaha 11 z’umugoroba. Gabriel RUFYIRI avuga ko urwo rugendo rwiwe rutangurira mu kibanza kiri hafi y’ahahora isoko nkuru ya BUJUMBURA aho bita kuri "Kiosque de la BRARUDI, igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu (9h30) kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 16 Mukakaro 2014, arubandanirize ku kibanza citiriwe ukwikukira, mu nyuma arusozerere ku ngoro y’ubutungane, ari naho azomara iminsi ibiri, gushika kuri uwu wa kane isaha cumi n’imwe. Nk’uko Gabriel RUFYIRI abimenyesha, urwo rugendo aruzokora wenyene, akazoba ari mu ntumbero yo gusaba Reta y’Uburundi ko yobwiriza abantu batunze ivyo badashobora gusigura iyo vyavuye, bisigure, kuko ku bwiwe adashobora kwihanganira ko umunyagihugu atakironka ivyo afungura, ingene yivuza n’uburaro, mu gihe abategetsi baduza amazu ku munsi ku munsi.

Gabriel RUFYIRI, muri urwo rugendo rwiwe, avuga ko azoba yitwaje inzandiko n’amashusho bizoba bigizwe ahanini n’ibibazo bibiri bizotegerezwa kwishurwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane, ivyo bibazo navyo akaba ari : "Nutubwire iyo wakuye ubwo butunzi bwawe (D’où as-tu tiré ta richesse)", hamwe na "Amagorwa mfise azohera ryari ? (Jusqu’à quand la fin de ma misère).

Gabriel RUFYIRI akaba yasavye ko umutekano wiwe wocungerwa muri iyo minsi ibiri agiye kumara mu rugendo rw’amahoro, hamwe n’umwanya azomara ku ngoro y’ubutungane.

Tubamenyeshe ko iryo kete ryarungikiwe umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ryaciye rimenyeshwa kandi umukuru w’igihugu c’Uburundi, umukuru w’inama nshingamateka, umukuru w’inama nkenguzamateka, umuhuza w’abarundi, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, hamwe n’umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • HAHAHAHHA IYOMVUGA NGO TERA IYOSEMA!!!!!!!! NTIMUBONA KO SOSIYETE POLITIKE SIVILE BATANGUYE GUSARA?????????? AKABONGE, INTUNYU, ISHARI, KWIFUZA BUCA BIBANIKIRA HIHIHIHIHIHIHIII. MBEGA RUFYIRI WTWEBWE ABANYAGIHUGU WO TUBWIRA KO KUWAKANE IMYEYEREKANO IHEZE SAKUMI NIMWE KO UZOCA WITURIRA, NKAWAMUNYE TINIZIYA?????????? KUKO WAMA UVUGA KO NUBUZIMA BWAWE UZOBUTANGA UKAZEMERA GUFIRA IGIHUGU!!!!!!!!! NTABE ARI AMAJAMBO GUSA, NKA SINDUHIJE YAGIYE KUMARADIYO YOSE YEMERA KO YEMEYE GUPFA NGO ABARUNDI TWESE TURYE GATATU KUMUSI!!!!!!!!!!!!! VIVE REVOLUTION RUFYIRI

  • vive revolution nukuri turagukeje kurico ciyumviro cawe. ariko kubera iki usaba abagucungerera umutekano?????????? wewe wenyene wariyemereye ko udatinya kwicwa, niyindi migani wirirwa uraca utumenyesha ko urupfu wamaze kurwakira!!!!! komeza natwe abanyagihugu niwadupfira neza, tukarya gatatu kumusi, twese tukagendana mungodo zacu ibihumbi mirongo itanu kumusi, tuzoca tugusabira ko baguhamba aho kuri place de lindependace aho hateguwe na mairie.

  • ICO CIYUMVIRO CA RUFYIRI NDAGISHIGIKIYE, ARIKO NO MUSABA KO AKWIYE GUHERA URUGENDO KWISOKO? AHEREZE AHANTU HARI INZU IRUTA IZINDI MURIZO AVUGAKO KUZUBAKWA HABAYE UBUNYONYEZI. AYISHITSEKO ACE AYURIRAMWO HAMA YIKORORE, NATWE ABANYAGIHUGU IYONZU DUCE TUYAHUKA NINKONI HAHAHAHAHAHAHA

  • Mr Rufyiri grande felicitation kandi ivyo ubikoze uzoba uri umugabo.nayo abo mbona babituka ntibagira ubwenge ni nkabamwe batoteza amaradiyo bakibagira ko buca bayakenera.kandi abo bose banditse ndazi barashongé.uraraba rirya pyupyu ry’umukuru w’igihugu akura mu ma kori ya nyarucari.sha ugira ukore iciza gikomeye kandi bagucungerer umutekano ntihagire ico uba twoba duhomvye.nkumbura mu nyuma hazokurikira i bindi

  • Nsanze igihugu atakigenda,kikirimwo jewe,sihondi levis,karakasi na ...!Verz very fake!

  • Umuntu wese azomubona kwibarabara azoce yaza amapine

  • Abantu nkabo bameze nka RUFYIRI kuva kera bamyeho,kandi burya ngo ntamuryango ubura akagugu.arabaye umututsi wimena basi,kandi wakabiri kuri SINDUHIJE bigize ko bakunda abarundi kweri.ayo namaraso yinzirakarengane bakoze ahaye kubiyerekamwo.barundi ,murindire gato ejo naho muzunva Pacifique nawe yadutse!.nawe yikorera ivyatsi,muhozi nawe ace akurikira,ntibagiye vital.kandi ejo muzosanga bafadikanije ugwo rugendo,yatanguje uwo mushingantahe,we Burundi buhire nagire nkukosore ndakubwira ko RUFYIRI ari umushingantahe,atari UMUGABO,kuriwe kwitwa UMUGABO ari nkigitutsi kuri we.

  • uwatogushigikira nawe numusuma urerekera uwiba nawe mukabamufatanije courage kuko birabaje.

  • Urumugabo. Wanka gusesa amaraso yawe kubwi igihugu cawe imbwa zikayanywera ubusa.!!!! Botureka twese noje nkagufasha urwo rugamba. Natwe mumugambwe ntitworohewe. Najw nateguye urugendo rwamahoro nzorumenyesha uko ruzogenda kuko nzoca kumurwa mukuru wintara zose !

  • Mwami kkuvuga nabi sivyiza.ugira atari hamwe dukurikira nk,intama aho wewe ur,Umugabo?Umugambwe uraryama uri muriwo bwaca ukawuvamwo kuko wewe usanga atanico uwumariye utora ubukorotse gusa

  • Reka turindire turabe yamara sinzi ko bazonamwumviriza

  • MUGANI WAWAWUNDI ATI MUJERI NIYO NAYO IZINDI ZIRIHENDA!!!!!!!!!! ABAZOMUBONA AGENDA NTIMUZE MUMUTINYE KUKO ARI UKUBWEJA GUSA ATARYANA!!!!!!!!!!!!!! HUHUHUHUHUHU

  • N’aho ivyo ce Gabriel Rufyiri avuga ari ukuri, sinibaza ko kuja imbere ya palais de justice kandi yisonzesheje hari ico bizoshikako atari ukumukwegera. None ko atabuz’ivyo apfungura canke abure aho akika umusaya, ni kuki ivyo atobigirira mu rugo iwe? Yomba ashaka kumenya ukuntu abanyagihugu bamukunda! Ikindi, mbe hoho yoba yaramaze kwerekana iyo ivyo afise vyavuye? Usangwa ari urukundo n’ukwitwararika abarundi, enda aramera nka wa mutunzi yipfuza kuja mw’Ijuru hama Yezu Kristu amubwira ko aja guha abakene amatungo afise. Nsubiye muri nankana, koko Gabriel Rufyiri yataye umutwe. Nk’umurongozi wa OLUCOME, inyifato ivyiyumviro n’inyifato nk’iyo, ntikwiriye umutegetsi. Sinzi rero ko yoba yarahanuje. Akaba n’aho yabigenjeje uko, baramusutse nka Alexis Sinduhije na Busokoza Bernard.

  • Komera mutima mutima abantu batobato turagowe!!!

  • Hanonabonye abantubatanze ivyiyumviro vyumvikana ariko bigeze kuwiyise Coldman’z, aciyanyemeza kwarigihangange mumpanuro ziwe zirimwo nubwitonzi.

  • Abo bagabo mwirererako ngo ni civil societies nibatabakwegera akarambaraye muzoba mumbwira. Muze mwumvirize three series documentary ivuga ivya ma civil societies cane cane mu bihugu bikenye. Ibita "governments in waiting". Nkakarorero mumbwira ikintu na kimw ayo ma civil societies na BA Rufyiri,Pacifique nabandi baramarira abarundi kiretse kwama bariko baravuga ama nonsenses.

  • Ico ciyumviro rufyiri yagize ni ciza niba koko arivyo biri mumutima.gusa nosaba yoba akarorero.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.