IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gashikanwa: Umukenyezi yagandaguwe n’amahiri y’uwo bahoze bubakanye

Gashikanwa: Umukenyezi yagandaguwe n’amahiri y’uwo bahoze bubakanye

dimanche 8 Kigarama 2013

Mu ntara z’Uburaruko, habandanya kuvugwa ubwicanyi hagati y’abubakanye. Muri komine ya Gashikanwa, umugabo yishe umugore wiwe amuhoye ko batakibana mu rugo.

Iryo bara rikaba ryaguye kuri uyu wa gatanu, aho umupfasoni Nizigiyimana w’imvyaro indwi, yaronka ubutumire bw’uwo bahora babana, amusaba ko yogenda bagasangira agacupa. Uyo mupfasoni rero akaba yaragiye, ariko amaze kuhashika, akaba yaciye yakirizwa amahiri, aho bivugwa ko yoba yakubiswe amahiri na muvyara wa nyene ako kabare asanzwe ari imbonerakure, eka ndetse akaba yafashijwe n’uyo mugabo w’uyo mugore.

Amakuru dukesha iradiyo ijwi ry’abanyagihugu, akavuga ko uyo mupfasoni yitavye Imana, amaze gushikanwa kwa muganga. Musitanteri wa komine Gashikanwa akaba ariwe yashoboye kumufasha mu gushika kwa muganga. Abari mu mashirahamwe rero aharanira agateka ka zinamuntu bakaba bariko basaba musitanteri gukora ibishoboka kugira abagarizwa iryo shano bahagarikwe, aha bakavuga uyo musore yafashije Nestor umugabo wa Nizigiyimana kugandagura umukenyezi wiwe.

Musitanteri rero akaba yishura ko, ivyo yakoze bikwiriye, ko ari ukurindira amatohoza y’igiporisi. Umuryango wa Nizigiyimana ukaba usaba ko ukuri kwoja ahabona, abagirwa n’amakosa bagahanwa, bikurikije amategeko.


IGIHE

Messages

  • kwiyinkurumbi mpejeje gusoma komwavuzeko yakubiswe namuvyara wanyen’ akabare asanzwe arimbonerakure mwabonye kuvugako yakoziryobara mukavuga izinaryiwe atanguvu vyogira? icomwabonyecotumabigiringuvu kwarimpa mushireko imbonerakure? ivyondabivuzegurtyo kubera namanumva abantu bakozishanonkiryo ntimushireko imigambwe yabo!?

  • Ariko Ibinibiki Ngaho.Iwacu Barundi,Barundikazi.Wmarimuwkiyekureka,kumena Amaraso Kuko,ayamenetsearahagije Icakora.Abarundi,bumvatwakwigishabenewacu Iterambere Bompagara 0727948017murakoze

  • None karashize ingani amaraso aseseke nk’amazi bene umurango babona? Nizere ko igipolisi kiriko kirakora ikishoboka vyose kugirango ubwo bugizi bwa nabi butagira izina bucike mu gihugu.

  • Mana yanje!
    None uwo muntu yaroze notre Nord ni nde?
    Nari nziko tugishikiriye bizoca bigabanuka!Imana ituje imbere mu kiringo ca kabiri tumwitoreye azoca ahindura ibintu!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.