IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gaspard Baratuza : Abateye i Buringa barwana ingwano y’ururimi

Gaspard Baratuza : Abateye i Buringa barwana ingwano y’ururimi

vendredi 14 Ntwarante 2014

Ikirindiro c’igisirikare i Buringa muri komine Gihanga caratewe n’abitwaje ibirwanisho mw’ijoro ryo ku munsi wa gatatu. Abo bateye abasirikare b’Uburundi bamenyesha ko hapfuye ingabo z’igihugu 12, ariko mu gisirikare c’Uburundi bakaba babeshuza ayo makuru.

Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 12 Ntwarante 2014 i Buringa muri komine Gihanga, kw’ibarabara rya 10 n’irya 11. Ishami ry’abiyitirira abarwanyi ba FNL rirongowe na Isidore Nibizi ryaciye ryiyemerera ko ariryo ryateye abo basirikare bo ku kirindiro c’i Buringa muri komine Gihanga. Biciye kuri Eraste Dondogori, umuvugizi w’abo barwanyi, yamenyesheje ko ico gitero cahitanye abasirikare b’Uburundi 12, kandi ko bagiye kurwiza ibitero kugira bagondoze Reta y’i Bujumbura ko yotwarira bose. Ayo makuru arabeshuzwa n’igisirikare c’Uburundi, umuvugizi w’ico gisirikare akamenyesha ko abo biyita ishami ry’abarwanyi ba FNL batazwi, kandi ko n’abo basirikare bavugwa ko baguye muri ico gitero ari ikinyoma.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kane, Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arahakana ivyo vyashikirijwe, akamenyesha ko ari akarwi k’abitwaje ibirwanisho kasomborokeje abajejwe umutekano, baca basuzanya amasasu yamaze umwanya muto cane. Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko ata kintu na kimwe cahononekariye, kandi ko ata musirikare n’umwe w’igihugu yahasize ubuzima. Kubwa Colonel Gaspard Baratuza umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, ako karwi karwana ingwano y’ururimi gusa.

JPEG - 19.6 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Abanyagihugu basaba ko abajejwe umutekano borwizwa muri ako karere, co kimwe n’ibirindiro vy’abasirikare, kugira babarinde ivyo bitero vy’abitwaje ibirwanisho.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.