Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu nawe nyene aragabisha abanyagihugu batunze ibirwanisho batabifitiye uburenganzira. Gaston SINDIMWO ati : Hageze ko ibikorwa bitangura.
Aherekejwe n’abashikiranganji batanu, uw’umutekano, uw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwo kwivuna abansi, uw’ubutungane hamwe n’uw’ugutumatumanako amakuru, Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagendeye kuri uwu wa gatatu komine MUHA. Amajambo yashikirijwe muri uwo mubonano yagarutse ku minsi itanu umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka gutanga kugira kuva kw’igenekerezo ry’umunani uku kwezi kwa Munyonyo 2015, inzego zijejwe umutekano zizobe zifise uburenganzira bwo gukoresha uburyo n’ubuhinga bwose zifise kugira umutekano uzobe wagarutse mu gisagara ca Bujumbura.

Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko ibikino vyarangiye, hageze ko ibikorwa bitangura amajambo agahagarikwa.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibikoresho bikomakomeye bishobora gukoresha kugira umutekano ugaruke, harimwo n’indege za gisirikare.
Mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu nyene, amasasu menshi n’amagerenade vyarumvikanye mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura muri zone za Cibitoke na Mutakura. Abantu babiri bahora baba ku Mutakura nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana ku Mutakura kw’ibarabara ry’umunani. Ababanyi b’abo basezeye isi bakavuga ko barashwe n’abaporisi bo muri API (Appui pour la protection des institutions). Uwundi muntu umwe yariko arataha ari mu muduga wo mu bwoko bwa PROBOX yarishwe, ababonye ikiziga ciwe bakavuga ko yakuwemwo umutima.


Yes