IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gatumba : Abantu babiri bahitanwe na gerenade

Gatumba : Abantu babiri bahitanwe na gerenade

mercredi 2 Kigarama 2015, par egide

Igisasu ntezwamaboko (Grenade) catewe mu bunywero buri mu Gatumba mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri cahitanye abantu babiri, abandi batatu barakomereka.

Iyo gerenade yatewe n’abantu bataramenyekana, mu bunywero buri mu Gatumba, komine Mutimbuzi, hafi y’urubibe Uburundi buhana na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Babiri mu bantu bari muri ubwo bunywero baciye bitaba Imana, abandi babiri barakomereka.

Kuri uwu wa gatatu, muri kritiye ya Mutakura, hatowe ibiziga bitatu kw’ibarabara rya 13, abanyagihugu b’aho ku Mutakura bakavuga ko abo bantu boba ari abiciwe ahandi, bakaza gutabwa ku Mutakura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.