Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Abantu bane bakomerekejwe na gerenade
Kamenge : Abantu bane bakomerekejwe na gerenade
mardi 7 Ruheshi 2016, par
Abantu bane nibo bakomerekejwe na gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, igihe c’isaha zibiri z’ijoro, kw’ibarabara rya kabiri muri karitiye ya Kavumu, muri zone Kamenge.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko iyo gerenade yatewe n’abagizi ba nabi batamenyekanye.
Umutekano warahungabanye kandi muri zone ya Buterere, aho amafaranga agera ku bihumbi mirongo itanu hamwe na terefone ngendanwa zibiri akaba arivyo vyibwe ku rugo rw’umuntu yitwa Gahungu Epipode, kw’ibarabara rya 22, muri zone ya Buterere. Abasuma bitwaje ibirwanisho bakaba bateye urwo rugo nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro.
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko mu giporisi bakurikiranye abo basuma, ariko bakaba baciye batera gerenade kugira baronke aho baca mu guhunga.
IGIHE
Messages
7 Ruheshi 2016, 19:15, par NAHIMANA THARCISSE
NDAGOMBA BARIRE IGIPORISI GIKORE UMUTEKANO UGARUKE
11 Ruheshi 2016, 19:26, par kubwimana emmanuel
abo bagizi banabi nukubagwanya twivuyinyuma
14 Ruheshi 2016, 20:13
Igihano Co Gupfa Kirakwiye Kubaho Abafashe Bikagaragara Ko Bateye Groonet Bicwe Ababigira Bogabanuka