IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Abantu bane bakomerekejwe na gerenade

Kamenge : Abantu bane bakomerekejwe na gerenade

mardi 7 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bane nibo bakomerekejwe na gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, igihe c’isaha zibiri z’ijoro, kw’ibarabara rya kabiri muri karitiye ya Kavumu, muri zone Kamenge.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko iyo gerenade yatewe n’abagizi ba nabi batamenyekanye.

Umutekano warahungabanye kandi muri zone ya Buterere, aho amafaranga agera ku bihumbi mirongo itanu hamwe na terefone ngendanwa zibiri akaba arivyo vyibwe ku rugo rw’umuntu yitwa Gahungu Epipode, kw’ibarabara rya 22, muri zone ya Buterere. Abasuma bitwaje ibirwanisho bakaba bateye urwo rugo nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko mu giporisi bakurikiranye abo basuma, ariko bakaba baciye batera gerenade kugira baronke aho baca mu guhunga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.