Gihanga : Umunyagihugu yarashwe n’abacungera umukuru wa CNDD FDD

Yanditswe na IGIHE
Kuya 16 Munyonyo 2015 saa 10:00
Yasomwe : 63171
0 0

Umunyagihugu azwi kw’izina ry’itazirano rya GASONGO niwe yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu. Umuporisi yamurashe yamwagirije ko yariko yurira uruhome rw’inzu y’umukuru w’umugambwe CNDD FDD i Gihanga, ibidahurizwako n’abanyagihugu.
GASONGO yahora ari umufundi w’amabombo yari umubanyi wa Paul Ndimurwanko, umukuru w’umugambwe CNDD FDD i Gihanga. Yadandaguwe n’abaporisi bacungera umutekano w’uwo mukuru w’umugambwe, mu giporisi i Gihanga bakamenyesha ko bariko yurira urugo rw’iyo (...)

Umunyagihugu azwi kw’izina ry’itazirano rya GASONGO niwe yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu. Umuporisi yamurashe yamwagirije ko yariko yurira uruhome rw’inzu y’umukuru w’umugambwe CNDD FDD i Gihanga, ibidahurizwako n’abanyagihugu.

GASONGO yahora ari umufundi w’amabombo yari umubanyi wa Paul Ndimurwanko, umukuru w’umugambwe CNDD FDD i Gihanga. Yadandaguwe n’abaporisi bacungera umutekano w’uwo mukuru w’umugambwe, mu giporisi i Gihanga bakamenyesha ko bariko yurira urugo rw’iyo ndongozi ya CNDD FDD. Mu giporisi bagiriza kandi GASONGO ko yasanganwe gerenade mu mufuko.

Abanyagihugu b’i Gihanga bamenyesha ko baheruka uwo GASONGO ariko arataha nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, mu nyuma amasasu menshi aca arumvikana. Ababanyi b’uwo yagandaguwe bemeza ko ata bikorwa vy’ubugizi bwa nabi bamuziko, akaba yari umufundi w’amabombo.

Ikiziga ciwe cabonetse mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, akaba yari yarashwe amasasu menshi. Agashavu kari kenshi mu banyagihugu babana na GASONGO, bakavuga ko badatahura urwo rupfu.


Kumenyekanisha

1
Ndikumana Juma 20-11-2015 à 17:56

Haaaa Vyose Namayobera Jewe Mbona Isi Igeze Kumusozo Ndi Mubuhungiro Inyarugusu Nasanze Gupfya Nihose Nahimana Gusa

2
Boubou 20-11-2015 à 10:44

Ukwica , ugutukana , ukwiba ,amabi yose abarundi batari bwabone ku mugaragaro tuyabonye ku ntwaro ya NKURUNZIZA. Nntwaro y’uwo muntu igereranywa ni ya wa mu Prisida wa OUGANDA yitwa IDI AMIN DADA . Uko yahejeje niko Nkurunziza Pierre azoheza IMANA yaramaze kumugaragaza .N’umwicanyi akomeye kandi nawe azopfa urwagashinyaguro nk’uko ariko abikorera abamuhaye icubahiro.Abo nabo bamushigikiye kumbure bazocika intege kugeza aho bazotahura ko ikibi ari kibi .Ingendo y’amacakubiri , inda ndende , kutagira ico wibanga , ubuhimbiri , umwina canke umunoho w’ivyisi, guta ubuntu , kwishira hejuru , gusenga ibigirwa mana nk’umugambwe eg CNDD FDD); canke umuntu ( eg; Nkurunziza),kwikwegerako, kuba intahanurwa canke intumva, guta imico kama , kutagira kirazira , kwitwaza igikenye , ingeno yo gucinyiza abandi, kurenga amabwirizwa y’igihugu n’amategeko, gusambura ubumwe bw’abarundi , kwitwaza ubwoko kugira ugumane vyanka vyakunda ubutegetsi bw’igitugu bikabije , ivyo vyose n’ibiri mu rutonde rw’ivyavuzwe bizogaragara mu misi ya nyuma y’ukubaho kw’isi.Nta gitangaje rero kubona umuntu w’ikinani nka Nkurunziza kuko abasa nawe baragwiriye ariko abanyakinyoma ntibazigera batsinda kandi n’aho batsinda bimara umwanya urume rumara.ABANYABUNTU NTABWO BAZOHERA NK’IFU Y’IMIJIRA ARIHENDA AHUBWO WE N’ABAMEZE NKAWE NIBO BAZOSHIRA NK’UKO YAVUZE.

3
Pasitori 17-11-2015 à 21:49

Ark Twe Abarund Badufata Nk’ibijuju Nk’ivyo Vyagirizi Mwumva Bifis’umutwe N’amaguru? Iyo Gerenade Ah Ntitwaciy Twumva Neza Methode Yazananyemwo, Ark Nibakomeze Bice Ikosa Sibo Je Mbona Riva Kur Nya Mu Pasitori Wabo Ark 2 Nak N’abagabo Nabo Bazobibazwa.

4
Ernest ruyigi 17-11-2015 à 19:57

Nibakore arik bazobibazwa

5
Gasongo gufakweri 17-11-2015 à 17:31

Umugambikorawatanguye ? Abarundi, Turimpumyipe, Rabirekurigasongo, Jewendahojejeumuryangowabuze!!! Abasigayenamwegumemutwicatuzorabaamaherezoyanyu?Ukomutwicanikonamwemuzofa, Mwabadde mwe Imanirababona

6
NTILA BIGINA 17-11-2015 à 14:28

NONE NTIWUMVA ABO B APOLISI KONABO ALAB CANYI AHUBWO L ETA NIBAHANE YISUNZE AMATEGEKO

7
MUGISHA ELYÉ 17-11-2015 à 07:44

JEWE MUGISHA MBONA KO GASONGO WISHWE AHOGWA UBUSA NUMVIRIJE IVYO ABANYAGIHUGU BAMUVUGAKO

8
Mpozamarira Erias 17-11-2015 à 03:09

Uwo musingantahe ya gandaguwe nimba atagiye muwo mugabwe wabi canye, nti yomutebeje kumugandagura.abo ba porisi bahawe misiyo nuwo bagendanira, nticuvikana nimyaka bari babanye uyomusi niwo Gasongo yarabonye koyokwicirako, uwo mugabo wa DD uwo niwamugambi mubi bateguye wokumara abatabakurikiye.

9
Kaburahe Sindumuja 16-11-2015 à 16:25

Njye mbona abarwanya Nkurunziza huzuyemo abasazi(nkawawundi barasiye i Bujumbura yafunze ibarabara)Indaya (nka Maggy), Abanywarumoge(nka Audifax), abateramwaku (nka Pacifique) ukongeraho abandi bafite nostaligie yo gutsemba abahutu nkuko babikoze 72. Muri make bose ni abanyabyaha nka Gahini.

10
rambo jj 16-11-2015 à 15:37

tabarabara uburundi cnrd kuki abantu bashize muburundi mwebwe muri mubiki se bazaza barica bake Bose bahere bukebuke guma murya indya ziburayi kazikanyu kura amagambo mushire mubikorwa

11
bizoza 16-11-2015 à 15:08

cndd fdd irimo ishira mu ngiro ivyo Nkurunziza na Reveriyano bivugiye vyo kwica umurundi umwumwe ivyo vyabaye kuri gasongo

12
nyishu 16-11-2015 à 12:10

Ibigugu birama gernade kugira uyitere wokurira inzuu kweli barek kubesha hari ibindi vyihishij yamwish munyuma amushiramwo gernade kuko nta nsiguro yoatanga

13
Cumanyundo-Kocora 16-11-2015 à 10:57

Police yakoze akazi kayo. Iyo batamurasa yari kwisasira benshi uwo Gasongo Sindumuja.

14
ezile 16-11-2015 à 10:34

nibamanze barabe aho ico kiziga catowe bagasanga cari impande y’urugo rw’uwo mukuru w’umugambwe bizoba bigaragarako yari umugizi wa nabi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha