Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Abasuma bahora bagisibije basambuwe n’igiporisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Abasuma bahora bagisibije basambuwe n’igiporisi

Gitega : Abasuma bahora bagisibije basambuwe n’igiporisi

jeudi 2 Nzero 2014

Abanyagihugu bo muri komine ya Gitega mu ntara ya Gitega, barashima igikorwa caranguye n’urwego rw’igiporisi mu gusambura umurwi wahora ugisibije mu kwiba ku misozi itandukanye y’iyo komine.

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa 31 Kigarama, uyo murwi w’abasuma ukaba wariko uritegura kwiba ku musozi wa Nyakibingo, abo basuma baca baja kwicara mw’ishamba mu kurindira ko buhwibira kugira batangure kwiba muri iryo joro ryahereza umwaka w’2013, ariko abanyagihugu baba bababonye kera aho bari binyegeje, baraheza baca baja kubwira abaporisi, abo nabo bakaba baranyarutse gutesha uyo murwi kwiba nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu.

Abo basuma bitwaje inkoho, imipanga n’ibihiri, bakaba baciye batangura gutana mu mitwe n’abo baporisi, maze abasuma babiri barapfa, batatu barakomereka cane. Abasigaye muri abo basuma rero, bakaba baciye bashwiragira ku misozi itumberanye na Nyakibingo, ariko bakaba n’ubu bariko bararonderwa n’abaporisi bafashanijwe n’abanyagihugu, kugira uwo murwi wose usamburwe kuko abanyagihugu bemeza ko ataco bababikana mu mazu, eka n’imirima abo basuma aribo bari basigaye bisoromera.


Aristide Nizigire

Messages

  • Aboba police nabambere ndabemeye! Burya umunyagihugu ahamagaye umu police akamubwira ibintuvyamudidaniye maze aba police bakavubahiriza ntacobananira gutuza ariko simwene baba police ubwirikintu bakazakuza haheze isaha bisabwa kunyaruka vubavuba. Aboba police nabambere ndabemeye!

  • Ubona iyaba mu burundi iyoba hari aba polisi nkabo hose, ubusuma bwosambuwe mu gihugu cose. ariko vyokunda biciye ku mirwi ijejwe kurwanya abo basuma mu kubahimiriza gukora igikorwa bagenewe. hanyuma tukaja mu mahoro yantangere

  • Ni vyiza kugira igipolisi gikor’akazi kijejwe ata kwivyiringira. N’abandi basigaye, nibabonereho ako karorero keza bame bakwakwanya mu kuja gutabara benegihugu. Nkongera mvuga nti umutekano ubwirizwa kuva ku ngo yose, maze intara-komine-agacimbiri n’umutumba, abategetsi canke banyumbakumi bamenye aho bahera mu kugira itohoza mu gihe habaye ikibi. Umutegetsi atazi imico n’inyifato y’abo atwara, nta kazi aba ashoboye gutunganya. Ikindi, ni uko ingo zose zohimirizwa kugire ziteho kwitwararika ababo. Ubwo bwicanyi n’iryo turirwa ry’amasoko, bizogabanuka hama binorohe gutuz’izo nkozi z’ikibi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.