Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gretchen yariyahuye kubera kudahazwa n’umugabo wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Gretchen yariyahuye kubera kudahazwa n’umugabo wiwe

Gretchen yariyahuye kubera kudahazwa n’umugabo wiwe

lundi 7 Nzero 2013

Muri reta ya Florida mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,umugore yitwa Gretchen yariyahuye kubera ko umugabo wiwe atamushimisha mu gihe bariko barangura amabanga y‘abubatse.

Gretchen Mollen n’umugore w’imyaka 39 aba muri reta ya Frolide mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika yaratowe ikiziga mu minsi iheza indwi ahejeje kwiyahura bivuye ko umugabo wiwe atamushimisha mu gihe bariko barangura amabanga y’abubatse.

Iyi ndwara yo kudashimishwa n’umugabo wiwe ivurwa hirya no hino kw’isi yari ayimaranye imyaka 15,iyi ndwara kandi ituma umuntu agira imibabaro cane mu mutwe no ku mubiri,rero uburyo bumwe bwo kugabanya ububabare ni kurangura amabanga y’abubatse ukoresheje ikindi kintu atari igihimba c’irondoka c’umugabo.

Indwi imwe imbere y’uko apfa,Gretchen Mollen yari yabwiye ikinyamakuru Tampa Bay Times ko akunda ubuzima bwiwe imbere y’ivyo ariko kubera navyo bishobora kwica vyinshi ahisemwo kwiyahura.

Iyo ndwara nyene ikaba yatumye mbere aheba n’akazi kiwe ko gusubiramwo indimi kuko vyamusaba ko yama akora amabanga y’abubatse umwanya wose,bikaba vyatumye mbere mu mwaka wa 1999 ahagarika gukora.

Gretchen yavuze ko vyashise agashaka umugabo ku rugero runini cane aho mbere vyanse n’uko anwa n’igikombe c’amazi.Uwo munsi ngo wari umunsi uhambaye mu buzima bwiwe.

Twobamenyeshako Gretchen yari yaragerageje kwiyahura incuro zishika zitatu muri uno mwaka uheze wa 2012.


Grâce Irimbere

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.