IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Guhohotera abanyagihugu biriko biragabanuka

Guhohotera abanyagihugu biriko biragabanuka

mercredi 26 Ruheshi 2013

Uburundi bwifatikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ugufata mu mugongo abahuye n’ivyago vy’ikubagurwa ritandukanye biba minsi yose kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi.

Nk’uko bimenyeshwa na Imelda Nzirorera umuyobozi mukuru w’agateka ka zina muntu, uyu munsi uje mu gihe mu Burundi ibijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu ririko riragabanuka. Abandanya amenyesha ko Uburundi bwashize umukono ku masezerano mpuzamakungu arwanya ihohotera rya kiremwa muntu. Ibisata bijejwe umutekano hamwe n’amashure, bakaba bari mu nyigisho z’ukwubahiriza agateka kazina muntu mu ntara z’uburengero n’uburaruko.

Mw’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT, bavuga ko banezerezwa n’urwego igihugu kiriko kirashikako mu kurandurana n’imizi ihohoterwa rya kiremwa muntu. Armel Niyongere arongoye iryo shirahamwe, asaba Leta ko yotegekanya ikigega co gushumbusha ababa bahohotewe n’inzego za Leta. Twobibutsa ko mu Burundi inzego zibiri zidomwako urutoke n’abanyagihugu ko arizo zibahohotera, izo nazo zikaba ari urwego rw’igipolisi hamwe n’urwego rw’igendereza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.