Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Hasabwa iki kugira umuntu arambe ?
Hasabwa iki kugira umuntu arambe ?
mercredi 22 Rusama 2013
Abantu benshi kw’isi baripfuza kuramba ariko iyo hageze ikibazo co gufata amagara yabo neza, umwe wese abikora uko avyigombeye. Hari n’impanuro nyinshi zikunzwe gutangwa ku bijanye no kuramba ariko ntibisigura ko impanuro zose zijanye no kuramba ziba ari zo.
Impanuro zama zitangwa kubijanye n’ico kibazo, ntibisigura ko zitegerezwa gukurikizwa uko nyene zivuzwe ariko aba ari mu ntumbero yokugira umuntu amenye uko yocungera amagara yiwe. Zimwe mu zitangwa zivugwa ko zitokurikizwa ni nk’izi:
1. Kureka kunywa ikawa
Mwoba mwari mumaze kwumva ko kunywa ibikombe vyinshi vy’ikawa bishobora kugirira ingaruka mbi amagara yanyu. Ariko icirwa catangajwe n’ikinyamakuru « New England Journal of Medecine kitubwira ibindi bintu nko kunywa kenshi ikawa bigabanya impanuka zishobora kuba mukugira ingorane zo m’ubwonko, kurwara ingwara z’igisukari, ingwara z’umutima n’izoguhema. N’ubwo biri uko, ni ukwitonda muvyo mushobora kwongera muri iyo kawa, nk’isukari, n’ibindi bisosa bifise n’ibinure kuko bishobora guhindura ibitangazwa n’ico kinyamakuru.
2. Kuryama amasaha umunani mw’ijoro ryose
N’aho ubushakashatsi bwakozwe buhanura ko kuryama amasaha adashika 6 canke amasaha arenga 9 bishobora kwongereza amahirwe yo kuhasiga ubuzima, ni ikintu co gufata nka nkama: ivyankenerwa ntibisa ku bantu bose. Umuntu yotuma aryama amasaha akeneye kuryama, kurusha kwihatira kuguma m’uburiri canke kwigora mu kuvyuka giturumbuka.
3. Kugabanya ibiro
Ikimenyetso gituma umuntu amenya ibiro n’ibinure aba afise « IMC : Indice de Masse Corporel »mu gifaransa, si igipimo gikwiye kugira umuntu apime impanuka ashobora kugira bivuye kubiro canke ibinure vyinshi aba afise kuko ibiro bishobora kuva kumitsi umuntu aba afise atari ku binure. Imbere yo gushaka kugabanya ibiro, ni mubanze mwipimishe kugira murabe « cholesterol » mufise aho igera hamwe n’urugezo rw’ibinure vyoba bigize IMC yanyu.
4. Kubona ibintu vyiza mu vyoshika vyose
Icigwa giheruka gukorwa vuba cahishuye ko abantu bitegurira ibishobora gushika bibi, bararamba cane kurusha abataco binona babona ko ejo ari heza. Kwama ubona ko ibintu bidashoboka, bituma umuntu yitonda cane ku bijanye n’umutekano wiwe no gushobora gukingira amagara yiwe.

5. Kwama ufata ikinini ku munsi
Bivugwa y’uko gufata iminsi yose ikinini bishobora gufasha gukingira indwara z’umutima, impanuka zituruka mu bwonko eka mbere n’amakanseri amwe amwe. Bishobora gufasha kuri bamwe ariko ku bandi ugasanga bitumye bava umwuna, bakababara m’umushishito,canke ivyo binini ntibibagwe neza, kuri abo, botuma babaza ico muganga abakurikirana abivugako.
6. Gufungura ibirengeye ivyo wategerezwa gufata
Abantu bafungura ibirengeye ivyo bategerezwa gufata nk’amapilule, ibinini , ntibaramba cane kurusha barya bafungura gusa ibiwikiranye n’ivyo umubiri usaba. Abo bafata imiti usanga mbere binazimvye, botuma babiheba bagatuma bafungura imfungurwa zizimvye mugabo nziza.
Umuntu wese afise uko abona ubuzima kandi nta muntu ashobora gutegeka uwundi uko ategerezwa kwigenza kugira arambe, gusa ni vyiza kwumviriza impanuro zitangwa ku bijanye n’amagara y’abantu kugira ntaze yicuze ataco agikiza.
Mariella Bukuru
Messages
22 Rusama 2013, 12:35, par kok
Hemw nzobikurikiza ndabe kabisa! ko nanj noramba! thx Mariella