Abanyororo bo mw’ibohero ry’i Gitega bazindutse mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri batekewe n’ubwoba bwinshi butewe n’imiduga y’igiporisi yashikanye kuri iryo bohero abapororisi benshi bakuwe i Bujumbura. Abo banyororo bakaba batewe ubwoba bw’uko batazi ikigenza abo baporisi.
Ivyo bikaba vyabaye muri iryo bohero ripfungiwemwo abagirizwa gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, inyuma y’imishamirano yabaye ku mutaga wo kuri uwu wa mbere hagati y’abaporisi n’abanyororo bapfungiwe muri iryo bohero ry Gitega. Muri iyo mishamirano, abanyororo babiri barakomeretse, n’umuryango utandukanya abandi banyororo hamwe n’ahapfungiwe abagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi urasamburwa.

Muri ukwo gushamirana, abanyororo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega ku mutaga ko wo kuri uwu wa mbere bariko bafasha bagenzi bagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi, kwiyamiriza ikurikizwa ry’ingingo y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi y’ugupfungira abo banyororo mu bibanza vyabo nyene, kandi n’ubundi bari basanzwe bapfungiwe aha bonyene.
Umutekano wagiye kugaruka ku mugoroba, inyuma y’aho iyo ngingo ihagarikiwe.
Intango ya vyose ni umuyobozi w’iryo bohero rya Gitega Emmanuel NIYONKURU, ari kumwe n’izindi ndongozi ku rwego rw’intara, hamwe n’izindi ndongozi z’igiporisi zari zaje ziva i Bujumbura, zinjira muri iryo bohero, zishitseyo umukuru w’iryo bohero, Emmanuel NIYONKURU yerekana ikete ryarungitswe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, ryo kuwa 2 Gitugutu risaba ubuyobozi bw’iryo bohero gupfungira mu kibanza kimwe, batabonana n’abandi, abanyororo 28 bagirizwa ugutembagaza ubutegetsi bikabananira. Abandi bapfungwa baciye biyamiriza ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo, bavuga ko n’ubundi abo banyororo bari bapfungiwe mu ruhande rwa bonyene, bikaba rero bitari bitahuritse ico iyo ngingo yoba igamije.
N’aho iyo ngingo yari yabaye irabangirwa gushirwa mu ngiro, abaporisi benshi bakaba bazindukiye kuri uwu wa kabiri kuri iryo bohero, ariko tukaba tutaramenya igikorwa bagiye kurangura, ivyateye amakenga n’ubwoba abanyororo ko bagenzi babo bagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi boba bateguriwe gushirwa ahabonye kugira vyorohe kubatoteza canke kubaboreza igufa. Hakaba hari n’ayandi makuru avuga ko kuri iryo bohero hashobora gutegurwa igitero, mu ntumbero y’uguca hagandagurwa Général Cyrille NDAYIRUKIYE. Uwuburanira Général Cyrille NDAYIRUKIYE, umushingwamanza Onésime KABAYABAYA akamenyesha ko nawe nyene ayo makuru ayasoma ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko akavuga ko naho atazi iyo ayo makuru azanana, ko atawoyafata minenerwe, afatiye ku cuka ca poritike n’umutekano igihugu kirimwo.
Abarongoye igihugu bari bzkxiye gufata ingingo zihumuriza,zitatuma abo barongoye babura umutekano.