IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ifoto y’indege iriko ikorerwa mu ntara ya Gitega

Ifoto y’indege iriko ikorerwa mu ntara ya Gitega

jeudi 8 Rusama 2014

Intara ya Gitega ni imwe mu ntara zo mu Burundi ifise ibintu yisangije kandi vy’akamaro. Iruhande y’ugukora insamirizi( Radio Humuriza) n’umurwi w’abakinyi b’agakino ka "Ni nde?", ubu naho hariko hakorwa indege ya kajugujugu.

Iyo ndege yo mu bwoko bwa kajuguju iriko ikorerwa mu ntara ya Gitega n’abashakashatsi 10. Umwe muri bo ni umwe azwi kw’izina rya Gasape yakora "Radio Gasape"ubu yahavuye yitwa "Radio Humuriza". Bavugako izoguruka ku munsi mukuru wo kwikukira kw’Uburundi. Mu ntango izogurukamwo abantu 2, aho ni kw’isango ry’igenekerezo rya 01 Mukakaro 2014. Uwo munsi bikunze ikaguruka, abo bahinga bazoca bakora iyijamwo abantu 10.

Amwe muri ayo makuru tuyahabwa na bamwe bari mu ruganda ruriko rukora iyo ndege naho batashatse kutubwira vyinshi.

Aha munsi haboneka isanamu y’iyo ndege iriko irakorwa, ariko ntawuzi uko izosohoka yitwa.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.