Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igenekerezo rishasha uko umwaka utashe ryo kurwanya ikubagurwa ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igenekerezo rishasha uko umwaka utashe ryo kurwanya ikubagurwa ku (...)

Igenekerezo rishasha uko umwaka utashe ryo kurwanya ikubagurwa ku bamenyeshamakuru

jeudi 28 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe Reporters sans frontières barashima iyemezwa mu nama ya bose mw’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho bemeje umunsi mpuzamakungu wahariwe ukurwanya ikubagurwa ku bamenyeshamakuru hamwe no gukingira umutekano abamenyeshamakuru.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, rikaba ryasavye kuva kera ko abamenyeshamakuru bokingirwa mu kazi kabo iyo bariko bararondera amakuru ariko ntibumvirwa, ubu rero bakaba bashima iryo yemezwa ku bwinshi mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, iyemezwa rishitse abamenyeshamakuru babiri b’abafaransa baherutse kugandagurirwa mu gihugu ca Mali, aho bariko bararangura akazi kabo. Christophe Deloire wo mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, akavuga ko umwaka w’2012 wabaye umwaka w’igandagurwa ry’abamenyeshamakuru, aho abashika 89 bishwe, nayo umwaka w’2013 hakaba hamaze kugandagurwa abashika 52, abaheruka akaba ari Ghislaine Dupont Claude Verlon bo mu gihugu c’Ubufaransa, bishwe ku wa 2 Munyonyo, aho ndetse iryo genekerezo ryaciye rifatwa nk’umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikubagurwa n’iyicwa ku bamenyeshamakuru. Ibihugu rero nka Somaliya, Syriya, Pakistani, Bresil, Mali n’ibindi bihugu bimwe bimwe, bikaba vyaragaragaye muri uyu mwaka w’2013 ko abamenyeshamakuru bagandaguriwe ku butaka bwavyo.

Umutekano ku bamenyeshamakuru waraye wemejwe mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa 26 Munyonyo, ukaba uzotuma ivyiyumviro bishikirizwa atawushinze inkokora ku gakanu abamenyeshamakuru, intwaro rusangi iheze isasagare mu bihugu, iterambere, ubutungane hamwe n’umutekano biheze birangwe mu kw’isi, maze ukwica abanyamakuru biheze bituzwe mu bihugu vyiraye mu gukora iryo shano.

Iryo tegeko ryaraye ryemejwe mu nama ya bose yo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ririyamiriza na ntaryo ibitero bigirwa ku bamenyeshamakuru no kubatohoza makuru, umumenyeshamakuru agategerezwa gukingirwa n’imirwi yose, mu kazi kiwe, aho ariko arakarangurira hose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.