Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Igenekerezo rya 25 Rusama ritwibutsa iki?
Igenekerezo rya 25 Rusama ritwibutsa iki?
samedi 25 Rusama 2013
Igenekerezo rya 25 Rusama ni umunsi ugira 145 w’umwaka w’2013,
hasigaye iminsi 220 kugira umwaka w’2013 urangire, dutangure uwundi mwaka.
Ibikuru bikuru vyaranze iyi genekerezo n’ibi bikurikira :
1946: Igihugu ca Jordaniya carikukiye. Umwami Abdallah aca arongora ico gihugu.
1963: Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika niho ryavuka.
1997: Muri Sierra Leone habaye itembagazwa ry’ubutegetsi.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri ni:
1865: Pieter Zeeman, umuhinga mu c’irwa ca Physique ava mu gihugu c’ Ubuholande,
yanaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Physique mu mwaka w’1902.
1951: François Bayrou, umunyepolitike w’umufaransa.

1979: Carlos Bocanegra, umukinyi w’umupira w’amaguru w’umunyamerika.
1986: Yoan Gouffran, umukinyi w’umupira w’amaguru w’umufaransa.
1988: Cameron Van der Burgh, umunonotsi w’umunyafrika y’epfo asiganwa
mu kwoga mu mazi.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri n:
1085: Papa Geregori w’7.
1693: Mariya Madarena de La Fayette, umwanditsi w’umufaransakazi.

Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe Afrika.

. Umunsi wa mbere mpuzamakungu mu ndwi yahariwe ukwikukira kw’ibihugu
vyari mu ntwaro y’ubuja.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe abana babuze irengero ryabo.
. Argentine: Umunsi mukuru w’igihugu.
. Amazinga ya Cook, Palmerston: Hibukwa umunsi hazirako ukwemera
gikirisu muri ayo mazinga.
. Jordaniya: Umunsi mukuru wo kwikukira.
Luc- Noel Ingabire