Igiporisi c’Uburundi cerekanye abantu bagirizwa ko bahora basaba amafaranga imiryango y’abantu baba bafashwe, bakemerera iyo miryango ko bazoyifasha kurekuza abo bantu. Abo bari mu minwe y’igiporisi biyemerera ko bazi inzira bahora bacamwo kugira barekuze abantu bafashwe n’igendereza ry’Uburundi.
Abo barekanwe n’igiporisi ni Habonimana Nestor hamwe na Innocent Bucumi, umuvugizi w’igiporisi akavuga ko bafashwe mu gihe bari mu Kajaga, bagiye kwakira amafaranga y’umuntu yashaka kurekuza uwiwe apfunzwe. Umugore yari gutanga ayo mafaranga yaciye ahamagara inzego z’umutekano, mu gihe uwo munsi yari gutanga igice kigira kabiri c’amafaranga yari yasabwe.
- Habonimana Nestor hamwe na Innocent Bucumi
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bantu ari abapfungakiwani, kuko bamaze kwakira ayo mafaranga baca bazimya terefone ngendanwa zabo, amaso akaba abaye ayo.
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ahanura abanyagihugu kwitura inzego z’umutekano mu gihe babuze irengero ry’umuntu wabo, birinde ababahenda ko babahaye amafaranga bazobafasha kwerekana hamwe n’ukurekuza uwo muntu.
NonevyageÆ´egute