IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye umuntu yiyemerera ko ari umurwanyi

Igiporisi cerekanye umuntu yiyemerera ko ari umurwanyi

vendredi 13 Rusama 2016, par egide

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uwu wa kane abantu bafashwe bagirizwa ko bari mu bahungabanya umutekano. Umwe mubafashwe aravyiyemerera, akaba kandi yafatanwe gerenade zitandatu.

Uwo yafatanwe izo gerenade yiyemerera ko ari umurwanyi w’umuhari PALIPEHUTU FNL urongowe n’uwitwa Israel. Uwo yafashwe yemeza kandi ko yari asanzwe akorera ahitwa mu Kiyenzi, zone Kanyosha. Ico caha aracemera, ariko akavuga ko abandi bantu bafatanwe nawe mu nzu yarimwo borekurwa, kuko yari yabasavye indaro, kandi badafitaniye isano n’ivyo akora.

Uwo yiyemerera icaha avuga ko yari yahawe amategeko n’abamutwara bamutumye gutera izo gerenade yafatanwe.

Mu gihe yafashwe ataratera izo gerenade, uwo yiyemerera ko ari umurwanyi avuga ko yari akirindiriye amategeko ahabwa, akavuga ko hari n’iyindi mihari bari kumwe, akavuga ariko ko iyo mihari itariko irumvikana n’iyo PALIPEHUTU FNL avuga ko irongowe na Israel.

Uwundi yafashwe ni umusore avuga ko yabonye afatirwa muri zone ya Nyakabiga, mu gisagara ca Bujumbura, akavuga ko bamurenganije, kuko ivyo ariko aragirizwa ko ari umurwanyi atabizi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.