Urwaruka rugizwe n’abahungu batanu nirwo igiporisi c’Uburundi cerekanye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, ko rwishikanye ku nzego z’umutekano, ruvavanura n’ibikorwa rwahoramwo vy’uguhungabanya umutekano muri komine ya Musaga.
Abo bavuga ko bishikanye ku nzego z’umutekano bamenyesha ko bitavye akamo k’umushikiranganji w’umutekano, aheruka kumenyesha ko ingingo zikomeye zafashwe ku bahungabanya umutekano mu Burundi. Abo nabo akaba ari Eddy Uwimana, Joli Munezero, Fabrice Nsabiyumva, Eloge Sibomana na Olivier Ndihokubwayo. Bose bamenyesheje ko barushe, kandi barambiwe n’ukubona bariko bararonderwa n’igiporisi, bakavuga ko batari bakigira aho binyegeza, amategeko y’ibikorwa bakora nayo bakavuga bayahabwa ku terefone batazi n’uwuyabaha.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko babifashijwemwo n’abo bishikanye, haciye hafatwa ibirwanisho bahora bakoresha, bigizwe n’inkoho imwe yo mu bwoko bwa Mi-Kalachnikov, inkoho itera ibisasu vyo mu bwoko bwa roquette, inkoho 7 zo mu bwoko bwa kalachnikov n’ibikono vyazo 28 vy’amasasu, amagerenade atatu, hamwe n’imyambaro ya gisirikare.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo bishikanye bashobora kutazohanwa, kuko aribo nyene bishikanye ku nzego z’umutekano, bavavanura n’ibikorwa bahoramwo.
Yooooo!!!none nimubaze iyo bari nivyobakora?