Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Igiporisi kirahakana ko hari uruhigi rw’abahoze mu gisoda ca Reta
Yanditswe taliki ya 26-05-2016 - isaha 16:43' na IGIHE

Ubushikiranganji bw’umutekano burahakana amakuru avuga ko hoba hari uruhigi rw’abahoze mu gisikare ca Reta (Ex FAB). Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ivyo bivugwa ari ibihuha, kandi ko ababikwiragiza ari abashaka guhungabanya igihugu.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuri uwu wa kane, inyuma y’igandagurwa rya Colonel RUFYIRI Lucien, umukukuruke yahora mu gisirikare ca Reta, OP1 Pierre NKURIKIYE avugira ubwo bushikiranganji yiyamirije ubwo bwicanyi, ahoza n’umuryango wabuze. Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko Colonel RUFYIRI yaheruka kwitura igiporisi avuga ko hari umurwi w’abantu ushaka kwihagira itongo ryiwe riri mu Maramvya, komine Mutimbuzi.

JPEG - 95.5 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abagandaguye Colonel RUFYIRI Lucien bafatwe, bashikirizwe ubutungane, igiporisi c’Uburundi kikavuga ko amatohoza niyahera ariho bizomenyekana namba iyicwa ry’iyo ntwazangabo ryoba rifitaniye isano n’amatati y’iryo tongo ryiwe riri mu Maramvya, komine Mutimbuzi.

Colonel RUFYIRI Lucien yarasiwe kuri uwu wa kabiri imbere y’urugo rwiwe mu Ngagara, muri karitiye ya kabiri.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko umwe mu bantu bishe Colonel RUFYIRI Lucien yamurashe amasasu ane akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet, abo bantu bitwaje ibirwanisho bakaba kandi bakomerekeje n’umuhungu wiwe.

Ivyiyumviro vyanyu

Birabasha

2.06.2016 à 12:41
Anick

@tari. Nibyo rwose nkurikije ibyo wandika wibera kwa LeGentil (warasaze)

28.05.2016 à 11:45
Bisogo

None nimba ari uruhigi rw,abahoze mu gisirikare ca kera ,, nyakwigendera Adolphe na Darius bishwe nabo nyene kuko bahoze mu gisikare ca kera be nabandi ntiriwe ndavuga ? Reka guta umwanya nta gisirikare c,ubwoko bumwe kigikunda . Twese tuva k,umuntu umwe turavukana

27.05.2016 à 17:57
Unifier

Ukora iciza ukagisanga imbere, ariko nikibi naco nuko.Yoba yari yarakurikiye Rufyikiri arangije aguma ngaha ataritse amazuru ngo ntazomenyekana ? ko abo ba frondanye biyirukiye ntiwosanga nawe yari point focal ngaha ??
Tubitege amaso

27.05.2016 à 17:08
kariyo

ehhhh !!! mon Dieu !!! Burundi kweri ! ou se trouve le president de la republique et son mandat d’assurer la securite du pays ? un president mortel et aveugleeeeeeee(ikijuju)

27.05.2016 à 12:41
bukuru

Yooo None Muzogeza Ryari Kumarana ?!Imana Nigarukire Uburundi

27.05.2016 à 11:18
Jean Freury Ntibazi

Njyewe Tari mbasabye
Ikigongwe kuko indaro yanjye ni kwa Le Gentil. Iyo ntaranywa imiti yacu yabasazi mvuga amagambo mabi acafuza uburundi. Mumbabarire sinjyewe koko ni nostalgie y’ubutegetsi bw’abicanyi (Buyoya, Bagaza, Micombero) yotumye nsara.

27.05.2016 à 10:32
Tari (chez le gentil)

None mwagomba igipolisi kivuge ngwiki kurwo ruhigi arico kirurongoye arico kuri inyuma yubwo bwicanyi nukuri haragezeho amakungu yoza gutabara abarundi ataraho naho ibira rirashobora kurwa mugihugu cacu c’uburundi ikindi uyumusi ntivyumvikana ingene uburundi bwoba bufise inteko zagiye kugarukana umutekano mibindi bihugu mugabo twebwe iwacu turiko turahona niba bananiwe kuturungikira izabo nibadusubize izacu zize gucungera umutekano wacu kuko ahobukera namakungu ibibintu azotegerezwa kuvyishurako

27.05.2016 à 09:22
tari

biranzi nimbonerakure zibicamutë yèhamwe murahumbantahomuzotumara kùrikiye nadorofe yarisombikèyaramwishe peter nikinyamaswa

27.05.2016 à 09:15
nyanzira

Police irimwo guhenda abenegihugu, ubwo se aba ba officier superior ba exfab baricwa nande, igiporisi gishatse kyakwinumura, ibi birimwo gukorwa nikibondo kirabibona.

27.05.2016 à 09:12
Kabango

None wagira ngo muvyemere. Nimuje mu matohoza nkuko bisanzwe, atagira ico atanga !

27.05.2016 à 08:28
copy

Mbe mwi baza ko abantu Ari bi juju nka mwe ko bita boneka ko Ari honya bwoko rya ba Tutsi muriko murakora ku mu Gara garo hama ngo nta ruhigi muriko mura gira nkuko mwa miza mu kanwa kanyu ko amahoro Ari 99% ariko muri henda vyose bizo bahererako kandi uko muriko mura wu cana Niko muzowota

27.05.2016 à 05:56
V

Mbega DD mwahevye kugandagura aba EX FAB mubahora ubwoko bavamo impera nimperuka muzavyishura takitagira iherezo ikimbabaza ni Buyoya yabahaye igihungu mundashoboye kuyobora mbega Sinduja yagiye kwinyegeza Hama NGO ni president wigihugu mandat yivyi zaherana na maraso ya barundi

26.05.2016 à 22:59
Boss

Shankrikiye Wogomba Ukemera Barikobararondegwa Bidasanzwe ! Numwanayobikubwira Ahubwobativunye Bagiyeguhona !!

26.05.2016 à 21:41
Vivi

Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.

26.05.2016 à 20:28
Pastor benard

Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.

26.05.2016 à 20:27
Pastor benard

Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.

26.05.2016 à 20:23
Pastor benard

Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.

26.05.2016 à 20:20
Pastor benard

Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.

26.05.2016 à 20:17
Pastor benard

Mkiheshimu utawala uliopo mtaishi salama,utovu wa nidhamu,dharau n.k vinaharibu nchi, Haki huinua taifa.

26.05.2016 à 20:14
Pastor benard
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.