IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi kiriteguye gukingira abanyagihugu muri iyi minsi mikuru irangiza (...)

Igiporisi kiriteguye gukingira abanyagihugu muri iyi minsi mikuru irangiza umwaka

jeudi 19 Kigarama 2013

Mu mpera z’umwaka n’igihe kidasanzwe mu ngo zitari nke, aho abatari bake baba bari mu myiteguro y’iminsi mikuru baba bagire bahimbaze. Ukwo umwaka utashe rero, abatari bake barahimbaza iminsi mikuru irangiza umwaka, yaba umwaka mushasha canke Noel.

Kuri iyo minsi mikuru irangiza umwaka, ubushikiranganji bw’umutekano bwifadikanije n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bumemenyesha ko nabwo nyene bwiteguye bidasanzwe gucungera umutekano mu kwirinda abo bose buhirahira kudurumbanya abanyagihugu.

JPEG - 79.5 ko
OPC1 Hermenegilde Harimenshi umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Kigarama 2013, OPC1 Hermenegilde Harimenshi, umuvugizi w’igiporisi yamenyesheje ko hazokwongerezwa inguvu zidasanzwe mu bijanye no gukomeza umutekano nk’uko vyama bikorwa mu minsi ya nyuma iherekeza umwaka. Amenyesha ko haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu, abajejwe umutekano bazoba bakwiragiye hose na cane cane impande zihuriramwo abantu benshi canke ahantu hikekwa umutekano muke.

Kubafise impungenge n’ubwoba ko hashobora kuba ibitero vyiterabwoba, OPC1 Harimenshi, yamenyesheje ko mu bikorwa vyo gucungera umutekano, basanzwe bakorana n’ibindi biporisi mpuzamakungu, yaba mvamakungu bakorera aha mu gihugu canke abo mu bihugu bihana imbibe n’igihugu c’Uburundi mu guhanahana amakuru ajanye n’umutekano.

OPC1 Harimenshi yahumurije abantu, amenyesha ko umutekano muri rusangi muri ino minsi ihereza umwaka uzoba ucungerewe vy’akarorero. Agabisha kandi n’abo bose bohirahira bagashaka kuwudurumbanya, ko hafashwe ingingo ruhasha mu gisata c’umutekano. Nayo ku bibaza ko bazoshobora kubaca mu muryahumye, bacire birarura kuko abajejwe umutekano biteguriye gucungera umutekano w’igihugu n’abenegihugu.

Yahamagariye abantu kutosya bwose mu kwigina iminsi mikuru irangiza umwaka n’ubwo birekuwe kwidegemvya amasaha yose, bahabere magabo kuko utawumenya aho umwansi aturukira. Naho kuhogira uwokwikekwa, ateye amakenga, bokwakura igiporisi kizoba kibegereye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.