IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Johannesburg mu kibanza ca mbere mu bisagara bibamwo abatunzi benshi muri (...)

Johannesburg mu kibanza ca mbere mu bisagara bibamwo abatunzi benshi muri Afrika

dimanche 6 Nyakanga 2015

Igihugu ca Afrika y’Epfo, nico gihugu gifise abatunzi benshi bafise amamiliyoni menshi y’amadolare y’abanyamerika mu bihugu vyose bigize umugabane wa Afrika.

Mu cegeranyo cashizwe ahabona na AfrAsia,igisagara ca Johannesburg kizwi nk’igisagara c’inzahabu, “city of gold”, nico conyene gfise abatunzi bakaruhariwe bafise ubutunzi buharurwa mu mamiriyoni menshi y’amadore bashika ibihumbi 23.

Igisagara gikurikira, ni Caire, umurwa mukuru wa Misiri. Igisagara ca Caire gifise abatunzi 10200,mu gihe umurwa mukuru wa Nijeriya, Lagos ari uwa gatatu ukaba ufise abatunzi 9100.

Ubwo bushakashatsi bwerekana ko umutunzi ari kuri urwo rutonde ari uwufise kuri konte,amafaranga angana ku muriyoni w’amadorare y’abanyamerika ,ni ukuvuga umuriyaridi n’imiriyoni hafi amajana umunani mu mafaranga y’Uburundi.

Ico cegeranyo cerekana ko ku mugabane wa Afrika hari abatunzi bashika ku bihumbi 163. Amafanga yabo yose, ateranye ashika ku miriyaridi 670 z’amadorare y’abanyamerika.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.