Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Johannesburg mu kibanza ca mbere mu bisagara bibamwo abatunzi benshi muri (...)
Johannesburg mu kibanza ca mbere mu bisagara bibamwo abatunzi benshi muri Afrika
dimanche 6 Nyakanga 2015
Igihugu ca Afrika y’Epfo, nico gihugu gifise abatunzi benshi bafise amamiliyoni menshi y’amadolare y’abanyamerika mu bihugu vyose bigize umugabane wa Afrika.
Mu cegeranyo cashizwe ahabona na AfrAsia,igisagara ca Johannesburg kizwi nk’igisagara c’inzahabu, “city of gold”, nico conyene gfise abatunzi bakaruhariwe bafise ubutunzi buharurwa mu mamiriyoni menshi y’amadore bashika ibihumbi 23.
Igisagara gikurikira, ni Caire, umurwa mukuru wa Misiri. Igisagara ca Caire gifise abatunzi 10200,mu gihe umurwa mukuru wa Nijeriya, Lagos ari uwa gatatu ukaba ufise abatunzi 9100.
Ubwo bushakashatsi bwerekana ko umutunzi ari kuri urwo rutonde ari uwufise kuri konte,amafaranga angana ku muriyoni w’amadorare y’abanyamerika ,ni ukuvuga umuriyaridi n’imiriyoni hafi amajana umunani mu mafaranga y’Uburundi.
Ico cegeranyo cerekana ko ku mugabane wa Afrika hari abatunzi bashika ku bihumbi 163. Amafanga yabo yose, ateranye ashika ku miriyaridi 670 z’amadorare y’abanyamerika.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Gitugutu 2015, 20:46, par Lewis Niyokwizera
Non Umutunz Wambere Muricogihug Afis Amafrang Anganagute Yamadolar Yamanyamerika?
12 Ntwarante 2016, 17:43, par Batwenga
Nivyiza Ariko Imana Nimba Itabahaye Umutima Wokubumbwa Nivyabo Ntacobivuze!