Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisirikare c’Uburundi cerekanye abafatiwe mu ntambara zo mu Kayanza na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igisirikare c’Uburundi cerekanye abafatiwe mu ntambara zo mu Kayanza na (...)

Igisirikare c’Uburundi cerekanye abafatiwe mu ntambara zo mu Kayanza na Cibitoke

mercredi 15 Mukakaro 2015

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko abari mu kurwi wagize ibitero mu ntara ya Kayanza bafashwe abandi baricwa,harimwo n’inkoho zafatanywe abo barwanyi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru colonel Gaspard Baratuza yavuze ko abarwanyi 31 bishwe,170 barafatwa hamwe n’inkoho nyinshi zafashwe.

Ku ruhande rw’abasirikare b’igihugu Colonel Gaspard Baratuza yamenyesheje ko abasirikare 6 aribo bonyene bakomeretse,hamwe n’umunyagihugu umwe yapfuye uwundi arakomereka.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi atera ivyatsi abakoresha urwaruka mu bikorwa vy’ubugizi bwa nabi.

Intambara zabereye muri komine ya Kabarore mu ntara ya Kayanza,hamwe na komine Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke.


Van Naris Mugisha

Messages

  • NONE,KO TURIKO TURA SHIRA BAZO TWARA BANDE?

  • Yesu nashimwe. Jewe nagomba mpanure baratuza, abobapfuye 31nabene burundi noyompavu mwobanza kuraba, icatumye baja kugwana. Urabe kobatarenganijwe bagatwagwa nagashavu hanyuma rabuhanure farao ningobo ntibagwe mukiyaga, bibaza kobagiye kujabuka..nimukundane muri ben, lmana nimwe nuburundi bumwe hanyuma wige kuvuga nka leonard atirata koyishe. hanyuma dusenge, lmana, idupungurize, mahano

  • MBEGA BARATUZA AHUDUHENDA, WIBAZAKO ABANYAGIHUGU TURI IBIJUJU?DUSIGURE INGENE MWOFATA 170 ATAMUSODA ARAPFA.MUZI KUBESHERA ABANYAGIHUGU NGONIBO BAPFA GUSA.MWIGE KUVUGISHA UKURI RERO.NTIMUZE MUSUBIRE KUTUBESHA RERO.

  • Mbe Murazi Ko Dufise Ubwenge? Abasoda 170, Ni I Compagnies Zibiri, Aba Comd Bazo Barihe? Aba Chef De Peloton Barihe? Harimwo Abantu Twamenyemwo Atari Abarwanyi. Bandanya Murementanya Muzohinyuka. Mwica Abataco Bakoze, Ababarashe Akaba Aribo Mureka?

  • Burya Abantu 30 bopfa Abandi 170 Bagafatwa ,ukonyene ?Igisirikara Cacu Carize! Mbe Bo Ntibazi Kurasa?? Uwabatumye Yarabahenze! Nimubakume!!

  • Emwe ico n’ikinyoma cambaye ubusa. Abantu 170 mwobafatira rimwe gute bafise ibirwanisho? Humura noneho barya sabafashwe kuko barya bose ntihari kuburamwo n’umwe yambaye impuzu za gisirikare kandi tuzi ko hari abasoda beshi bagiye. mu bafashwe bose ntanumwe yari yambaye nudukambabiri. Iryo n’irementanya rishushe.

  • Ni ukuri ni ukuri; uwo muvugizi wa gisirikare agerageze areke kwirirwa arahenda abanyagihugu ibigirankana ku marementanya yama ariko arasigura. Aho kumuhesha agaciro bimwambika ibara bikamutesha buntu. Oya; amazi yarenze inkombe!

  • Ni ukuri ni ukuri; uwo muvugizi wa gisirikare agerageze areke kwirirwa arahenda abanyagihugu ibigirankana ku marementanya yama ariko arasigura. Aho kumuhesha agaciro bimwambika ibara bikamutesha buntu. Oya; amazi yarenze inkombe!

  • Abo mwafash mwabuz guca mubica erega namw bari baj kubica bandanya mubafata mubatir ibihano abo ba pacific na rwas baza barababesha ubu caracanzw ntaho bazomenera

  • Ntawobizera abobagabo izogwano zose zabaye bifise ababiteguye abonabo si abandi murabazi.

  • NIBAKUMBURE BDRYE IVYOBARUHIYE BAZOHERA

  • Mbega abobatutsi babaye gute? Mwibazako muzosubira gutwar’uburundi ?? Namba nagato mpakubwoya bumere mukiganza!!

  • nibunvikanebaduhemahoro niwemuti

  • Ubu uravuze ngo abakoresha urwaruka,ko utigeze uvuga igihe RETA yariko itanga ibigwanisho kumbonerakure? Ibihe biha ibindi, bitebe bitebuke icogihe kizogera kandi muzobibazwa.

  • NYAKUBAHWA.CLONEL.BARATUZA MUKOMER,KUMUHETO,ABARUNDI ISINZITUBARINYUMA.ABIHENDA NGOBAZOFATA,IGIHUGU,KUNGUFU IVYOMUBURUNDI,TWARABISEZEY EWE,RWASA,NABOMURIKUMW MURAHEKUY,ABAVYEY,BURAKEYE!??NTIMUSHOBORA,KUZOTSINDA AMASHENGESHO,YABANYAGIHUGU ISINZI.!!

  • mbe ko bataberetse ibiziga navyo? mwe ntimwumva ko ari ikinamico ya nkurunziza n’abo barikumwe?

  • ewe baratuza ntaho utandukaniye nabandi ushaka woreka kubesha niwasumvya nyamitwe wewe kuzi ikiroberi ingene kigwana kuva kera na rindi niryari bari bwafate abagwanyi mirongirindwi?nigihe mwugaranira ba adorfe mukayanza bakamara imisi 3 ntivyakunze ko mufata kandi bari abanyabari nketswubu bacanze naba ex fabe iyo ubesha bushiramwo nubwenge ariko nogusba urekure abo banyagihugu muriko murabeshera

  • Muzoguma muvyita ibinyoma nka bamwe muri mwebwe n’uno musi bakivuga ngo Nkurunziza aracari Dar-es Salaam. N’ugukeza igisirikare c’Uburundi cahisemwo kwegeranya ivyo bitazi ntibavyice Imana izobibahembera. Uwishikanye ntibamwica baramureka ahubwo agaca abafasha kumenya vyinshi. Nta banga rikirimwo vyose vyaramenyekanye.

  • have ntebe ntwenge mba sha barantuza eka nukuri uri mpemuke ndamuke aho uribuka ico warahiriye umunsi winjira mugisoda ubutegetsi burahera umengo ubuntu ntibuhera , aho uriko wemeza amakuru iryo rementanya ryanyu ngo amakungu abibone ariko wewe ubonye abo bantu koko wovuga ko ari aba rebelles jewe nibaza ko nabo userukira mbe mwibaza ko abantu turi ibijuju, nimuhore mubesha abatabazi muga ico nokubwira pita ntazokwama ari kungoma na mobutu yaragiye na kadaffi bari imana zomwijuru none abari inyuma yabo barihe ko bensi bariko boza amasahani iburayi uwagize imana akahashika.l

  • Ahubwo Reta Yuburundi Nirabe Ukuntu Yoganira Na Reta Yu Rwanda Kuko Twihweje Dusanga Mengo Abo Barwanyi Boba Bacumbitse Mugihugu C’urwanda

  • Komutwemezako Ntamusirkare Numwe Wa Reta Yapfu Icosikinyma?Bafis Umubiri Wivyuma?Ivyo Bagabo Siko Bizoha Kuko Ikinyoma Ntikzohra Mu Bdi,bandnya

  • Komutwemezako Ntamusirkare Numwe Wa Reta Yapfu Icosikinyma?Bafis Umubiri Wivyuma?Ivyo Bagabo Siko Bizoha Kuko Ikinyoma Ntikzohra Mu Bdi,bandnya

  • Nareke kubesha kuk turamumenyerey kubabikira yavuzeko arumusazi yabish muzobona ibara mwebwe mwagirizabandi ibinyoma!!ihane bigikunda

  • Nyakubahwa BARATUZA,komera kwibanga nahoharimwo abatemera ukuri.None ko batemera ko bafashwe imigwano iracarimwo?Boba bamaze gufata n’izone nimwe yoyo kuburyo atamusirikare w’igihugu ahonyozayo ikirenge?Ndaziko ingabo z’igihugu zifise ubuhinga n’ubumenyi mukurwanya umwasi kuburyo nomumakungu babemera.Nimba hari n’agacimbiri bamaze gufata boba barateye intambwe ariko natwe ntituzokwemera ko igihugu cacu kimera nka Somalie nivyaba ngombwa tuzohaguruka dutere intege igisirikare cacu muguhongora injavyi.

  • Politique ya CNDD-FDD imeze nkubwenge bwinzoya,reka kwica abenegihugu ngo ni abasirikare?reka kwikubita ama coup d’etat?reka kwica aba taliano mubahora ngo ntibazovuge ingene mu format imbonerakure muri congo?

  • Muburundi abarwanya Nkurunziza urumogi rwarabayayuye. Abantu bemereye isi yose ko aribo bagandagura abanyagihuga n’amagrenade!!! Iyo mihirimbiri abarundi nibayirwanye

  • Sha,nihatari Ivyuburundi Ariko Jewe Sindabitahura Ingene Wofata Abasoda 170 Bafise Ibirwanisho Bingana Kurya Ataribo Bashatse Kwishikana Nabasuma Baza Kwibisha Inkoho Imwe Bihora Bibagora Kubafata.Nimubandanye Mudutohoreza.Ok

  • Ahaaaa!! Ivyo Muburundi Biratangaje Abasoda Banganuko Bofatwa Mpiri ? Atarimpumyi ?Ivyo Vyo Nimiyubo .Gerageza Mubamare Muduhe Amahoro Ivyo Muburundi Vyo Nah,imana.

  • wabeshe abantu 170 mwobafata mwebwe ntihapfe numwe?canke niza mbonerakure mwaha 20000f zemeze ko ari abarwanyi bafashwe.mworeka kubesha ,hanyuma barya basirikare 200 bagiye he?

  • NONE KOMUTAVYEMERA. MWIBAZAKO RETAYUBURUNDI,ITARIMASO.

  • Mwarabonye kwabarundi aribi juju mwaba dd nabatera amagerenade barabananiye ngo mwafashe abagwanyi 170 canke hafuye mbonerakure170 ngirawigenze mukubivuga ivyagi sirikare turabizi nibanga ryagi sirikare

  • uwo numucezo wa CNDD-FDD wadani

  • BARABAHENZE AMASE YAKERA NTAGIHOMA URUTARO.

  • BARABAHENZE AMASE YAKERA NTAGIHOMA URUTARO.

  • DUSHAKA AMAHOROGUSANTAKINDI NKURUNZIZA MUMUVANEKO URWAMO MUKUJAKO YIGEZE ATERAKUDETA NTIYASHIZWE NABANYAGIHUGU IZUBARYAKA FATA ISUKA MURIME

  • nti twoshyigikira abako
    resha urwaruka mubiko
    rwa bibinkibyo bisenya
    igihugu kandi turasaba
    urwaruka rufite inkoho
    kuzi rambika hasi
    tukibohora nyene

  • Mbaze baratuza.Kuva intambara ibamuburundi peter akirimwishamba niryari hafatwa abantu nkabo?uwomukino warabananiye gukina pe.Henda abo murikumwe twe abanyagihugu turabona.umwanguho ntuhaza hazogerigihe.!!!!

  • Ko Muvyanka Niho Mwari Muri Muraza Mubirwane Mwebwe Mubizi

  • mbe yemwe,abarundi ubwo ntibarozwe?mbe ko abagize imyiyerekano ata bigwanisho bari bafise ariko atabantu 170 bari bwafate mukanya nkakarya kandi igiporisi arico cari kijejwe,mwovuga ko abo bagwanyi aribo bari boroshe gufata gusumba abo mumyiyerekano?muratey,isoni ngo mwarize.murahenda banyoko batize.tuzobiraba.

  • KUC NOVUNG AB BAHONYAG AGATEK KUMWAN BAKWIY KUSHENGEZW IMBER YUBUTUNGAN

  • KUC NOVUNG AB BAHONYAG AGATEK KUMWAN BAKWIY KUSHENGEZW IMBER YUBUTUNGAN

  • Abarundi Twese Turababajwe N’urwaruka Ruriko Rurwa Murugamba Turateye Ivyatsi Ababakoresha Murivyo Bikorwa Bigayitse

  • Abagwanyibarabishe Kuruhandegwaretanububeshintihokenanumwe Baratuzanabeshebimwe. Yabeshekesh

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.