IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Igiteramo cacerejwe n’uwuvuza umuziki (DJ)

Igiteramo cacerejwe n’uwuvuza umuziki (DJ)

lundi 21 Ndamukiza 2014

Igiteramo categuwe n’ikinyamakuru Indundi caraye kibaye ku munsi w’ejo kuwa w’Imana, abantu baharurwa mu majana 300 akaba aribo bari bacitavye. Abaririmvyi bagera hafi kuri mirongo 20 bari ku rutonde rw’abaremesha igiteramo, ariko ntibitavye bose. Amasaha yari ategekanijwe kandi y’igiteramo ntiyubahirijwe.

JPEG - 52.6 ko
umuririmvyi Pop-G yakuye n’agashambara

Igiteramo cari giteguwe gutangura igihe c’isaha umunani z’umuhingamo (14h00) kuri uwo w’Imana w’igenekerezo rya 20 Ndamukiza. Ariko cagiye gutangura izuba rirenze imitumba, isaha cumi n’imwe z’umugoroba.
Twagerageje kubaza abateguye ico gitermao igituma bacerewe umwanya munini, bakaba batwishuye ko vyavuye ku wuvuza umuziki bita "DJ", uwo nawe yari DJ Bosco, ikindi coba cabatebeje harimwo n’uruhara rw’abaririmvyi. Ariko rero hari abaririmvyi bari bamenyesheje kuva kare ko batazokwitaba ico giteramo ku mvo zitandukanye, aho ni nka Frenki Duniano, hari n’abandi basivye ku munota wa nyuma ku munsi w’urubanza nka Mkombozi.

Ivyo vyose bidadanutse, ku ruhimbi hatanguye umuririmvyi Rashid ava mu ntara ya Kirundo. Abandi barakwirikira gushika kuri Thity Love ari nawe yasozereye ibirori. Kook-k, akundanye na Thity Love nawe nyene yari ku rutonde rw’abaririmba ariko ntiyahonyoye ku ruhimbi.

Sat-b yabonetse nk’umuririmvyi yambaye neza, nawe Emery Sun ni we yatwaye ibendera mu kuryosha igiteramo n’ururirimbo "Wa wundi". Igiteramo citabwe n’abantu batari bake bagereranywa hafi y’amajana atatu.

JPEG - 62.3 ko
Sat-b yaberewe cane

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.