IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikigo Centre Jeunes Kamenge catewe

Ikigo Centre Jeunes Kamenge catewe

mardi 27 Gitugutu 2015, par egide

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri, amasasu menshi yarumvikanye mu Kamenge. Yari igitero gikozwe ku kigo Centre Jeunes Kamenge. Umuporisi umwe yarakomeretse ku kuguru, nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igiporisi.

Nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, niho humvikana amasasu menshi mu mihingo itandakanye y’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura, amasasu menshi yarumvikanye mu kigo Centre Jeunes Kamenge hamwe no mu nkengera zaco. Muri ico gitero, ibiyo vy’amadirisha n’imiryango vyaramenaguritse cane, ahasanzwe harara abapatiri hakaba harabangamiwe cane.

Mwomenya ko abamenyeshamakuru babiri ba ISANGANIRO, Raymond Blaise NDIHOKUBWAYO hamwe na Bernard BANKUKIRA bari bafashwe mu gihe bariko bafata amasanamu aho ku kigo ca Centre Jeunes Kamenge bakaba bahavuye barekurwa


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.