IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Guillaume Harushimana mu myiyerekano imbere y’ahakorera RPA

Guillaume Harushimana mu myiyerekano imbere y’ahakorera RPA

lundi 26 Nzero 2015

Imbere y’ahakorera iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA hari igitero c’abantu barongowe na Guillaume Harushimana aheruka kuvugwa mw’igandagurwa ry’ababikira batatu.

Guillaume Harushimana ari kumwe n’abantu batari bake, bakaba bagiye imbere y’ahakorera iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu, bajanye isandugu iriko umusaraba, bakavuga ko uwo Guillaume yari yapfuye, none yazutse. Bimwe mu vyandiko abari kumwe na Guillaume Harushimana imbere y’ahakorera RPA ijwi ry’abanyagihugu bafise, basaba Ishengero Gatorika ko bofasha kugira ukuri kuje ahabona abishe ababikira b’abatariyanokazi bamenyekane, ikindi basaba, akaba ari uko uwo asanzwe akora mu kigo c’urwaruka mu Kamenge, yokwuhagirwa ku ceyi bavuga ko yambitswe.

Mu kamenya ko Guillaume Harushimana, Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye igendereza ry’Uburundi hamwe n’uumuporisi yitwa Ayubu, bari mu bavuzwe cane mw’igandagurwa ry’abo babikira. Guillaume Harushimana rero akaba yabandanije akora ibishoboka vyose kugira yiyeze ku nguvu, inyuma y’aho mbere na bamwe mu bamenyeshamakuru bamenyesheje ko, yakoresheje ibidodo vya magendo mu kugerageza kwerekana ko igihe abo batamakazi b’imyaka 80 bicwa, atari mu gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Guillome Harushimana reka nkubarire ko kuvuga cane kwawe nabagushigikiye ndetse no kwerekana ukuri kwawe ukoresheje amayeri yewe ukoreshe ninguvu zose ufise,ariko ndazi neza ko umutima wawe utari mugitereko.Reka dusabe ababishoboye baronderere aho waciye ku mupaka w’u Rwanda bazomenya aho waruri tu.Abo banyagihugu baguherekeje mu myiyerekano wabahawe nabo mwafadikanije mukuniga nako mugukerera barya bihaye Imana,menya neza ko amaraso ahuma aho bukera urasara ndetse uvuge nabo mwari mufatanije uretseko wowe nku umusivire nturaye kabiri kuko abo mwafatanije ni abasoda kandi baraz’ umutima w’umusivile uko umeze kugirango ntuzohave ubavamwo ukabavuga bagiye kugukerera,inama no kugira ukko ukuri urakuzi hunga bataragukerera hanyuma uzovuge uko vyagenze urokore agahanga kawe.Ndakuvuniye urugohe sinkuvuniye inkoni.

  • Umwana yakoze ikosha niwe aba uwambere mukurenza induru abandi kugira yerekane kwatatso yakoze.

  • @iyumenya kuvyo wanditse ntaco nokongerako ncanke gonkureko birahagije urumushigantahe wijambo

  • ko wiyerekana cane ga Guillaume? Wabuze amahoro, amaraso ya barya batamakazi ariko arasemerera n’amajwi yumvikanye mw’ijuru sha! ngo "nta mahoro ku mwicanyi" BANDANYA UBIRA ! none abagutumye n’abo mwafatanije burya bwicanyi nabo bari he??? Ngo "IMVUZI YA CANE IRATEBA IKIVUGA"!

  • uhubwo nsanze nikinyamakuru igihe namwe mukurikirana ibintu nabi cane!!!none kuba yari mugwanda nicaha???ahubwo umukenyuro wikibiri turawubonye rondera ibindi mupanga ivyo ntakirimwo!!!! mbega adolphe arabafitiyideni??azobashisha mugume mumubona!!!!

  • AYO NAMARASO YABARYA BABIKIRA ARIKO ARAMUSARISHA
    - Amaraso nimabi gose kandi arahuma!!!!

    - Imana igiye kubahumira nimutihana , uwo Guillaume nayo yokoma induru gute nivyubusa amaraso yabarya bantu bose mwishe azobahumira

    - Kandi mwitegure kubona amahano muri aya mezi arimbere

  • Ewe Guillaune urarushe amaraso ya barya ba nyokuru ariko arakubuza amahoro aho usigaye utemberana isandugu k’umutwe. Jewe ndiko ndakuraba ndabona ko usa n’uwapfuye kuko uja wanavyerekanye. Iyo sandugu uyibike kuko niyo bazoca baguhambamwo weho ni sawa ko uja wayiguriye. Na barya mwafadikanije kwica nabo nyene boba baragura isandugu zo kubahambamwo namwaburya Adolphe we umugera wa sida uja uri mukumutwara ararushe nawe nyene kuko yikoreye ivyaha vyinshi

  • ndabona inkinamico irabandanya murabona koko agafata isandugu izubariva mubikino nkivyo hakabura uwumuhagarika mbegigihugu cakajagari turiningorane kweri ivyagira vyose araboneka kwarumuntu yamaze guhahamuka ntawogiribintu nkivyo akomeye mumutwe.

  • mbe mwomenyera amaziko ya guillaume yahavuye aba? abo bamuherekeje bakarabiye hehe?canke barindiriye ayubu na adolphe ko nabo bazana amasandugu yabo.amarira ya barundi imana yayishikiriye pe
    qui vivra verra

  • mbe mwomenyera amaziko ya guillaume yahavuye aba? abo bamuherekeje bakarabiye hehe?canke barindiriye ayubu na adolphe ko nabo bazana amasandugu yabo.amarira ya barundi imana yayishikiriye pe
    qui vivra verra

  • EWE BOSCO BITEBE BITEBUKA UBINYWAMARASO BIZOTEBA BISHIKIGWE, UGIRA CPI IKIRIHO, RUDOLOFO IZOMWIBAGIRA WAIT AND SEE NCUTI.

  • Na GAHINI vyamugendeye uko, biraboneka ko wataye umutwe n’amaguru. Vyarakkoroheye ko PAFE yemeza ko bagushiriyeko ikidodo yakora muri 2013 kimaze umwaka kitagikora. None mu Rwanda ko batigeze bakubonayo wari uri hehe? RPA babavumbuye none mwese vyababuriye.

  • Imana Itagarukiye Iki Gihugu Cacu Kirashobora Guhambwa Muri Iyo Sandugu.Abakozi B’Imana Kuva Kuri Kizigenza Ni Bapfukame Bagisengere Nacanecane Muri Iyi Misi Ya Nyuma.

  • Hewe Guillaume Amaraso yabo babikira azoguma abakurikirana mpaka yezu aje kw’isi,,ahubwo ico noguhanura n’uko wovugisha ukuri nkamugenzawe ukuri kukaja ahabona nayahandi CDD FDD irakubesha ,,,

  • wewe wiyita Bosco,uri ico ntazi kuko ntamuntu azi ubwenge yokwandika amajambo nkayo,umugabo sigihagararo umugabo n’ijambo naho woba uri umu CDD FDD utegerezwa kumenya gukoresha ukuri mukirundi ngo URUKURUKURU NIYO NKURU.

  • Ehe ingene gifyura amaso ......Guillome ..we haha yunva yomena iyo Etage ..niyambare ama bombe abe Al shabaab........Iryo zina Guillome mu ba DD RYARAVUMWE KWERIIIIIIIIII ,,,,,NGO NTATIRO AGITORA AGUMA ABONA BABAKOZI B,IMANA MUMASO YIWE NGO NTAKIRYA INYAMA ACA YIUKA YAMIVYIMBA .MURAGOWE MWABAGESERA BABA CNDD......MUNDA HANYU HARATUNVYE KUBERA IMIVYIMBA MYINSHIII

  • Ndabwirabarundi dukomeze kubamaso impandezose kuko nubwo ivyahavyagahomerabunwa vyabayekera bigaharurwa kubarundi bomubwoko bwabatutsi hariho abahutu batwaribinyoma vyokudodobereza abahutubagenzibabo ngontuzeya ukotumubona ashoborakuba arumumenja abanababatutsi atiwariwatevye kubivuga! Uwo akabaragiye. Mwibukeko kera higezekuba hariho igisirikare carikirimwo ubwokobwose arikwabarementanya yakorewe abasirikare babahutu yaratumye baheramwo agaheriheri! Uyumusirero simyamoko ahubwo nitotezwa ryumugambwe urikubutegetsi nincutizawo birikobirakorwa nabahutu nabatutsi bishizehamwe kugira bafashanye kuzabarategura amarementanya kuwowese acuditse numugambwe urikubutegetsi uyumusi mu Burundi yabumuhutu canke umututsi numutwa akaba atemeye kubafasha gutegura amarementanya uwo acabanyagupfa. Akarorerokahafi nuyumugabo baribageretseho ingugo yokwica barya babikira murabona kwarenganuwe ariko murabona kwamarira yakokarwi gashinzwe gutegura amarementanya kababajwe nuko arenganuwe nivyomwibonera nokubanditsengaha! Jewenarinziko akarorero kotwerekako abobavugako ubutegetsi butwaranabi kobababakwiye kunezerezwa nuwariwewese arenganuwe? None abantu bashakako uwobadahuje arenganije ntarenganurwe bagezekubutegetsi ntiborenganya abantubatavugarumwenabo bimwevyagahomerabunwa!?. Uwobarikumwe nubwakoze ikosha ryibonekeje bavugango rekura iyontama !!!

  • ewe Guillome urarushe aho imbwa zarigatiye amaraso ya nahoboti witege kwariho zizorigatira ayawe.barya batamakazi hari isezerano bari bagiraniye n’imana wewe utazi kuba barayihebeye sivyabose we kutabishoboye? imana ntizoceceka izokubuza amahoro numuryango wawe wose pfukama usabe imbabazi imana si nk’umuntu ngwibeshwe uzicuza niwasugerezwa uzoja gihenome aho uzobabazwa ubugingo bwawe bwose.

  • EWE NUWERA UADASHWE NTUVUZE..!!!MBE URI UMU PAYSAN WU MU DD WAHE ???AHO UFISE IMYAKA INGAH KUGIRA UVUGIRE BA PETER NA ADOPLHE BARIKO BAKORESHA UBWO BUJUJU BAZOCINCA NK INKOKO KUGIRA NTIBAZOBAVUGE ..MBE KO WAHINDUYE IZINA WA PAYSAN WE!!!WIBAZA MWE BOSCO KO HAMWE ADOPHE YOBAHA MISSION MUTOTINDA MWICWA RINDIRA!!!!NTIMUKADAHWE KU BANTU

  • Ndibaza naho bomureka amaraso ybarya bakecuru azomuhumira kuko ubuhanga bwabantu burasumbana hurumuntu wica ntihabe inkurikizi nuyundi usanga atamahoro mubuzima bwawe

  • @ Mukobwanjana, jewe bitwa Nuwera kandinzikwama nitwa Nuwera nubwo nokwiyita irindizina sizigera nitwa Mukobwanjana ndabigisezeraniye, hanyumakubindivyose uvuze jewe ndingaha urazovuga ivyushaka jewenzoguma ndakwumviza gusa hariho uwomperutse kwumva yarimubapinga ivyiyumviro vya Rwagasore numugambwe UPRONA nunomusi aracawupinga nawekomeza upinge DD kandi uzirunda usaza uwubona nibihangangevyawo uzirinduja iyotwese tuzoja mukuzimu uvugabgo bazocibwimaza imaza, imanza nza, nza,nza

  • Mugab’uyu mugab’ ategerezwa kub’ari nikirofa!!! None niba baramubesheye yibaza ko kwirirw’ avuga menshyi ariby bimugir’umwere. Sinumva nkah’ ico ciyumviro co kuzan’isaduku byatekerejwe numuntu muzima.
    . Ibyo mwakoze hari benshyi babifungiwe,

  • namwebwe Byrne mwandika kugihe nnimwikosore muvuga NGO akora ibishoboka vyose kugira yiyeze namwe mwaramaze kumucirubanza nka RPA ubu mubutungane muzokwerekana neza ivyo bidodo vyamagendo nababikoze vyose turazi kobiri murine wamugambi WO guhonereza abadd mugasho kuko mwabonye kokobica bidashoboka

  • Mureke nawe nyene kuko RPA yaramwishe mukumuremeka intebo ishushe mumwagiriza ubwicanyi kandi arimwe binywamaraso.Yabuze micro avugiramwo nka MBOGO nomba ari BUBU ou BOBO?

  • @Nuwera Erega jewe nakuze niga ibijanye na colonization maze sindavyiteho cane kuko nahora nibaza ko ari ivyakera, kandi ko mukinjana ca 21 abantu basigaye bafise ubwenge. Ubwambere nahora nibaza ko ivyo uvuga wabivugishwa n’urukundo gw’umugambwe wawe CNDD. Jewe nkunda abantu bugurutse mumutwe maze tukayaga kubijanye n’ikibazo kanaka mukwungurana ubwenge. Kuko ndakunda cane umuntu tutemera ibintu kumwe ariko akanyemerera tukabiyagako kuko nshobora kuhigira canke nawe akahigira. Ariko ivyo biba iyo twese turondera ikintu kimwe-Ihinduka. Ariko kuva aho ntanguriyeye kugukurikiranira hafi, nasanze ivyo nakwibazako vyose naribeshe. Harya nubwo woba utemera Imana ko iriho, nk’umuntu, hama hariho ikintu kuguhuza n’abandi bantu. Mubantu bakunda CDD nari uwambere. Ariko CDD sindayikunda kurusha Uburundi. Iyo uba wari ufise iciyumviro nkico, uba wemera gushira icaha uruhande gikwiriye kujamwo. Ariko kuko nsanze ukunda umugambwe kurusha igihugu, kuyaga nawe kwoba uguta umwanya. Mpaka abantu nka wewe bashizwe kuri WANTED List kugira igihugu kibandanye. nayahandi Abakunzi b’igihugu turacafise igikogwa kinini.

  • Ewe Guillaume!ako gahimbo bakita ngwiki? ugomba kwigereranya n’umwana w’imana(yesu) mu kuzuka? Mana garukira uburundi.

  • pole sana ndugu, ihane imana iracari ku ntebe y’imbazi urabe ko wotora agatiro. ivyaha naho vyoba ari umutukutuku birahinduka bikera nka sherege gerageza sha wihane canke witegurire gihonomu.

  • GIYOME SABI IMANA KOYOKUGIRIRA IKIGONGWE KUKO NTAWIHAMBA ABONA
    EREGA IVYO DUKORA VYOSE IMANA IZOBITUBAZA
    NIWIGAYE WONGERE USABIMBABAZI IMANA HARYA NGO ICO UDASHAKA KOBAGUKORERA HARAHEZA ......................................UCEWIGIRA UMBUGAMBI WOGUHEBA IVYISI IMANA IGUHEZAGIRE:

  • Uko biri kose nta muntu yihamba abona none ko yari mu rwanda ingorane zirihe? niyo yaguye canke yaje ari ikiziga? nimba Guillaume ataco wiyagiriza tekana nukuri ubundi bwo nawe umenya uriko wicira urubanza.

  • Jewe ivyo mbona mu burundi bugira buce! Ndafise icizere ko Imana yahagurukiye ikibazo c’uburundi. Imana ihabwe icubahiro. Aho vyabereye ni kera igira igarukire abayo.

  • "Ash ahbw ndatngjw nuk Yigz Uwer Nkahumeng Niw Yiciriy Urubnz! yerkany ahbw hary yashats kwrkanak aj gkndag abmenyshamakr bo kr RPA k nah berekany ukr atc bshtsek kbr basanz arib bitay mumurir m nagr ndamubwr k ukr kdatsindw,bry icatmy aj guhg impapur zitariz nubwob knd icah kiracumit gsumb n’inkota rr nah ubtngan btigeng jw ndafs espoir k oneday bzigend nta mvr idahta knd ng nt jro ridac"

  • jewe ndamwita umukehabwenge!!nimba adafise akabazo mumutwe yarahahamutse kubera ivyaha akora harimwo nogusesa amaraso kndi ntamahoro yiteze adakijijwe nico gituma akora ibidakorwa akihamba akanura!!abamukoresheje bakumbure bamuvuze cke bamureke akizwe hakiri kare!!ewe Burundi Imana irakwiye kukugarukira kuko ugeze habi!!

  • Ico ni ikijuju.jw ndibaza ko hari abantu bibaza ko abandi batagira ubwenge.Arik ararondera kwiyeza kunguvu kandi ari kuvyaha.qui se croit tres malin parfois est bete,uramumbwirira uti umusi wawe urateguye

  • Erega uwo mugabo ntagomba kuvuga izina arazi ubwenge, araziko hariho abantu bapfuye bagenda. nawene nuko bimeze yapfuyagenda . nareke guta umwikomo ku muSHINGANTAHE BOBO naje ku maramarira kuri barya bamutumye kumenja.

  • ndagizimwiriwe kubwikinyamakuru igihe.vyukuri muriho kugira tuze dushikiriza ivyiyunviro vyacu..nukuri nsanze umushingantahe bigirimana jack ari kijujuuuu gihejeje niyo mpanvu ugira buron yawe gueste urikijuju kuko nabakwemera mumeze cokimwe!!!!!!mamawe mbega umugabo wimbwa nkawe!!!!!!!!!!!!;!!!!!

  • hahahhahahah!!! Impande yuwo musazi hariho uyundi ngirango nyene banganya ubusazi yari yifashe mu maso ngira ariko ararirako mugenziwe yapfuyagenda. hahahah. ewe burndi pu

  • Ntamuntu muzima arimwo hahhahaahha .je naraho ico gihe bose amayashu.bose ama yeboyebo .bose amakabutura...........abana ibiseru ewe Mana twaratewe nabicanyi none karashize ingane dutwagwe nabaoyi !!!!!Uyo mugabo umwegereye ntiwosubira gusoma nakayeri ....aranuka mukanwa .......kumubiri .eka akora uko asa..........arihenda Imana ntiryamye barya yishe nubu baguma Badododra bati ;;;;;;Mwabagabo mwatwiciye iki???????? Mbabajwe numugore wiwe yama yumva indoto zumugabo arota ari kwica yooooooooooo

  • yoooo!!!nkurunzinza ubutungane.gwamurekuye!!!!!!!n’aBOBO.NIBAMUREKURE.hatabge munvuto ababikwiye!!!!!!!!!!!!!!!

  • Yooo!!!Ubuhishankubwoeka Abanyagihugutuvehasitwijukirekurwanya Izonkozizikibi kandinabajejwe Umutekanobagahagurukabakamabarikanuyentibasinzire!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.