IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imbere ya RPA abapolisi biruka ku banyagihugu

Imbere ya RPA abapolisi biruka ku banyagihugu

mercredi 18 Ruhuhuma 2015

Abanyagihugu bamaze amasaha ashika atanu bagira imyiyerekano yo gushigikira Radio RPA kubw’irekurwa ry’umuyobozi wayo Bob RUGURIKA, igipolisi kirongowe na Bertin GAHUNGU cahavuye cirukana abo banyagihugu.

Aba polisi bampaye inkinzo, bafise ibirwanisho, eka n’ibiduga birasa amazi canke irangi bahavuye birukana abanyagihugu bari imbere ya RPA. Bamwe murabo bahungiye mu kogo RPA ikoreramwo abndi biruka bahungira ahitwa "Cercle Hippique".

Commisseri Bertin GAHUNGU yararongoye ico gipolisi yasavye ko abanyagihugu bari mu kigo ca RPA gusohoka, uri abandi nabo bagatinya gusohoka kubera umutekano wabo wohava uhungabana canke batwagwa mw’ibohero. Pascal Niyoyankuze umumenyesjamakuru wa RPA yahavuye yumvikana na Bertin ko abo bantu bosohoka ariko ntihagire uwubarya urwara, ivyahavuye bikorwa abo banyagihugu bagasohoka ukuri kwamye.

Muri ako kanya igipolisi cashika imbere yahakorera RPA, umunyagihgua umwe yafashwe n’imoto y’umuntu yahagaritse aho ari yizimya akanyot irafatwa ariko abo bapolisi bakemera ko irekurwa yerekanye ibiyaranga. Muri kino gihe, abanyagihugu buzuye amabarabara yinjira ahakorera RPA bacunganye n’abapolisi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.