Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambi y’ibikorwa vy’inama nkuru y’igihugu y’umutekano yashizwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imigambi y’ibikorwa vy’inama nkuru y’igihugu y’umutekano yashizwe (...)

Imigambi y’ibikorwa vy’inama nkuru y’igihugu y’umutekano yashizwe ahabona

mercredi 25 Nyakanga 2013

Inama nkuru y’umutekano yerekanye imigabo n’imigambi y’urwo rwego rw’igihugu rujejwe gukingira umutekano w’igihugu n’abanyagihugu, abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi.

Général de Brigade Prime Ngowenubusa, umunyamabanga ntayegayezwa y’inama nkuru y’umutekano, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, yamenyesheje ko inama nkuru y’umutekano yasavye Leta ko yotunganya umugambi wo kubungabunga n’ugutsimbataza umutekano mu gihugu c’Uburundi. Muri iyo ntumbero, umugwi w’abahinga warashizweho uhurikiyemwo abaserukiye ubushikiranganji butandukanye, abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe na bamwe mu baserukira imigwi idaharanira ivyicaro vya politike.

Uwo mugambi w’igihugu wo gutsimbataza umutekano wemejwe na Leta kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi uyu mwaka turimwo w’2013, watunganijwe ufatiye ku ngorane zashikiwe n’abanyagihugu, zifatiye cane cane ku bibahagaritse umutima vyose, vyaba ibifatiye kuri politike, ubutunzi n’imibereho yabo, ibidukikije n’ibindi.

Kubwa Général de Brigade Prime Ngowenubusa, umunyamabanga ntayegayezwa y’inama nkuru y’umutekano, kugira inama nkuru y’umutekano ishike kw’ihangiro ry’uwo mugambi, ibikorwa nyamukuru vyarashizwe imbere nk’ugutunganya neza n’ugukarihiriza ubwenge inzego z’umutekano, kurwanya ubwicanyi n’ubundi bubisha nko gukubagura ikiremwa muntu, gukundisha abarundi igihugu cabo, kurwiza amasoko ntanganguvu, kurwanya inzara, gukinga impanuka n’ivyaduka hamwe no gukomeza ibiganiro vya politike n’ukuja inama n’ingingo.

Inama nkuru y’umutekano yiyemeje gukurikiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi, inzego zatowe nazo zigasabwa gukora akazi kazo mu kwama zisuzuma neza uruhara rwa Leta n’urw’abanyagihugu mu bikorwa vyo gutsimbataza umutekano.

Kuri iyo ngingo hasubiriye kugaruka ikibazo c’urwaruka rw’Imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD abatari bake bavuga ko zitiranya uruhara rw’umunyagihugu n’urw’uwujejwe umutekano mu kubungabunga amahoro n’umutekano mu gihugu. Général de Brigade Prime Ngowenubusa, umunyamabanga ntayegayezwa y’inama nkuru y’umutekano yamenyesheje ko aboba bambara impuzu za gisirikare (nk’uko vyabonetse mu birori vyo kwigina intsinzi y’umugambwe CNDD FDD), canke bakitwaza ibirwanisho (nk’uko bivugwa mu ntara zimwe zimwe z’igihugu) boba barenga ku mategeko kuko ubwo burenganzira bufise abajejwe umutekano gusa.

Kubwiwe, mu gihe inama nkuru y’umutekano ijejwe gusa guhanura n’ugutanga intumbero yo gukinga, namba ivyo bivugwa vyarabaye, ntivyumvikana ingene ababijejwe batafatiye ibihano urwo rwaruka. Général de Brigade Prime Ngowenubusa yemeye ko bazomenyesha aho bahagaze kuko mu nama zizokurikira bazokwiga ico kibazo c’urwaruka rwo mu migambwe, rimwe na rimwe ruba intanduruko y’ihungabana ry’umutekano.

Ibikorwa nyamukuru bigiye kurangurwa n’inama nkuru y’umutekano ...

Nk’uko twabishikirijwe na Général de Brigade Prime Ngowenubusa, umunyamabanga ntayegayezwa y’inama nkuru y’umutekano, amakomite y’umutekano agiye gukomezwa mu gihugu cose, akaba azoba ahurikiyemwo abo bose begwa n’uburaro n’uburamuko bw’abanyagihugu. Abo nabo ni nk’abaserukira abajejwe umutekano, abajejwe intwaro, ubutungane, amashirahamwe ategamiye Leta, urwaruka, abamenyeshamakuru hamwe n’abaserukira amashengero.

Mu nama z’umutekano z’ayo makomite yo mu gihugu, abanyagihugu bazoshikiriza ibibabakiye vyose bijanye n’ubuzima bwabo bwa minsi yose, haba mu vyerekeye umutekano, ubutunzi, amagara y’abantu, ibidukikije, ivya politike bishobora guhungabanya umutekano wabo, ivyerekeye agateka ka zina muntu, bongere baronderere hamwe umuti urama ku bibangamiye ubuzima bwabo muri rusangi.

Général de Brigade Prime Ngowenubusa, umunyamabanga ntayegayezwa y’inama nkuru y’umutekano amenyesha ko bizogirira akamaro abanyagihugu nibamenyera gushira hamwe ivyiyumviro birashe vyo kwirinda amabi yose ashobora kubashikira, mu kubishikiriza inzego zibijejwe vuba amazi atararenga inkombe, inzego zo muma komine nazo zimenyere kwumviriza no gutunganiriza abo zijejwe, batarindiriye ko abanyagihugu babanza gusinzikara.


Egide Nduwimana

Messages

  • iyongingo leta yafashe yo shiraho inama yu mutekono ni nziza cane niyakora neza. niyakora nka wamugwi ujejwe kugwanya ibiturire kuzoba aruguca intege abanyagihugu biswe nubwoba. ikindi gikomeye nuko ba nyumba kumi bokorana na bajejwe umutekano bakaza baramenyesha uko vyifashe aho batuye. kuko izo nkozi zikibi zirahonyene murayo mazu. bishoboce hashingwe agashiruka bute kugira bakore neza batazira ubusa. murakoze Imana Ibafashe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.