Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imfyisi zamuriye ibihimba vy’irondoka ariko arondera itunga
Imfyisi zamuriye ibihimba vy’irondoka ariko arondera itunga
mercredi 2 Ndamukiza 2014
Umugabo yahahamiye itunga, maze yitura umupfumu amubaza ingene yoronka itunga. Umupfumu utanka amugisha inama yo guhereza imfyisi ibihimba vyiwe vyirondoka. Ubu amaze iminsi ari mu bitaro.

Chimanza Zulu avuka mu gihugu ca Malawi, ariko yari amaze amezi 4 akorera mu gihugu ca Zambiya. Abonye ubukene bumugeze habi, Chimanza yaciye yitura umupfumu amuganyira ko abukene bumusagirije, uwundi amurangira umuti uvura ubwo bukene.
Umuti Chimanza Zulu yarangiwe kwari gutega imfyisi zikarya ibihimba vyiwe vyirondoka, maze itunga rigaseseka. Chimanza uwo muti aremera arawurya. Aho arwariye mu bitaro vya Chipata General Hospital, yabwiye ikinyamakuru co muri Zambiya Times ati :"Nabwiwe n’umupfumu ko mpereje imfyisi zikarya ibihimba vyanje vy’irondoka nzoheza mbone itunga, ariko ntiyantomoreye ko ivyo bihimba bizoba vyariwe bizogaruka."

Abaganga bariko bavura Chimanza Zulu bavuga ko ubu ariko aratora mitende naho yazanywe kwa muganga ari indembe.
Chérif Nkeshimana
Messages
2 Ndamukiza 2014, 16:43, par bizohinduka
nibige kubumbwa nivyo bafise. Kuko amaronko menshi aziba amatwi.
2 Ndamukiza 2014, 17:18, par Hamad
Worya bike ukaryama kare vyishi bibi birutwa nabike vyiza uwo mugabo yazize amaronko
2 Ndamukiza 2014, 18:23, par Kabizi
KO atakirondoka agiye gutunga!
Ewe satani uri Sesankuyoze!
2 Ndamukiza 2014, 23:03, par Claude
ISI IRARUSHE PE.YABURONDEREYE KU MANA YAB’IKI?
3 Ndamukiza 2014, 00:55, par Arsene florent
Ahubwo aratwegej kube ubukene buratera ubujuju?vyiza bahejeje kumuvura ico gikomere vyiza womuvuza no mumutwe.
3 Ndamukiza 2014, 07:22, par Denis Nkeramihigo
Uwowe Ntabwo Akwije Numukehabwenge Pe!!
3 Ndamukiza 2014, 09:10
Yarondereye ahatariho yibagira ko handitswe ngo:"Ntihagire ico mwiganyira ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana mu gusenga no mukwinginga bifatanije no gukenguruka."(Ab’i Filipi 4: 6).Umugisha uva ku Mana.