Accueil > Amakuru > umutekano > Impunzi z’abarundi mu Rwanda ziguma ziyongera uko bukeye
Impunzi z’abarundi mu Rwanda ziguma ziyongera uko bukeye
mardi 21 Ndamukiza 2015
Impunzi z’Abarundi zibandanya guhungira mu Rwanda zirenga ibihumbi 8500, zimwe muri zo zifise ibibazo vyo kubaho mu makambi zakiriwemwo.

Abarundi bahungira mu Rwanda bakirirwa mu makambi atandukanye ariko abo ikinyamakuru IGIHE.com gikorera mu Rwanda cagendeye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Ndamukiza mu makambi y’imfatakibanza mu karere ka Gashora, bamenyesheje ko uburyo babayeho butoroshe mu bijanye n’imfungurwa, aho kuba hamwe no kwiherera kuko gushika nubu bikiri bike.
Maria Navyigiye Paul w’imyaka irenga 85 avuga ko yavuye ahitwa Marembo kandi ko ata mwana n’umwe afise bigatuma bamuha ibifungurwa kandi navyo nyene bitamworohereza, kuko harimwo ibigori navyo abifunguye bikamutemba nabi mu nda.
Nk’igihe c’isaha zitandatu z’umutaga, izo mpunzi zavuga ko ziheruka gufungura umusururu wo mu gatondo kandi ko ziteze gusubira gufungura mw’ijoro.
Si ikibazo co gufungura gusa, kuko iyindi mpunzi yitwa Nzobandora Emmanuel yavuze ko yavuye mu Kirundo kandi ko amaze indwi zitatu muri iyo kambi, yavuze ko kubera abantu baza ari benshi, hari abarara hanze kuko batararonka aho baryama, ivyo bikunyurwa kandi nuko utuzu twa surwumwe ari duke.

Muri iyo kambi, impunzi zirenga 6400 zihurira mu tuzu twa surwumwe 40 gusa, abarongozi b’iyo kambi bakamenyesha ko, iyo kambi ari imfatakibanza ko mu minsi ya vuba, impunzi zizokwimurirwa mu bindi bibanza. Iyo kambi iri ku birometero 40 uvuye ku rubibe rw’Urwanda n’Uburundi, kandi amategeko mpuzamakungu avuga ko impunzi zidashirwa hafi y’igihugu ziba zavuyemwo. Reta y’Urwanda itegekanya kwimurira impunzi mu karere ka Kirehe, aho ni mu gihe zanse gutahuka mu Burundi inyuma y’aho abayobozi b’Uburundi babahamagariye gusubira mu gihugu.
Ubuyobozi bw’ikambi buvuga ko kubera ikibazo c’inkwi cibonekeza mu Bugesera, impunzi zitekerwa kuko bazihaye ivyo kurya vyozigora kuvyitekera.
Uwuserukira ubushikiranganji bujejwe gukurikirana ibibazo vy’ibuza n’impunzi mw’ikambi y’i Bugesera, Karangwa Azalia, yasiguye ko kuva kuwa 31 Ntwarante batanguye kwakira impunzi bageze kuwa 2 ndamukiza igitigiri gica kiriyongera, izo mpunzi zishirwa mu maboko y’ubushikiranganji bw’Urwanda bujejwe gukurikirana ikibazo c’impunzi, hamwe no mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi UNHCR.

Naho impunzi zivuga ko infungurwa ari nke, Karangwa yabwiye IGIHE ko Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imfungurwa kw’isi PAM rizana imfungurwa zikwiye ishirahamwe ADRA naryo rikaziteka.

Mukamenya ko Ku wa 20 Ndamukiza 2015, ikambi ya ugesera yarayemwo abana 3,768, abagore 1,488 n’abagabo 1007. Kuwa 21 Ndamukiza hiyongereyemwo izindi mpunzi 175. Bose bakaza bemeza ko bemeye gusiga ivyabo kubera gutinya urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi rwitwa ‘Imbonerakure’, bivugwa ko rwoba rwarahawe inkoho.

Van Naris Mugisha
Messages
21 Ndamukiza 2015, 16:14, par mutabazi
Guhunginzara.com
21 Ndamukiza 2015, 17:07, par ngenz
nibagaruke iwacu iburundi kuko ntantambara twebwe tubona non imuyinga kwata muntu numwe arahunga nibagaruk bareke guhunga ubusa
21 Ndamukiza 2015, 17:22, par kubwayo
abatutsi mu rwanda abahutu muri drc ???????? abatutsi kwa kagame abahutu kwa fdrl
21 Ndamukiza 2015, 18:00, par heaven.w
Abarundi turagow non pitha aremey yihekur
21 Ndamukiza 2015, 18:00, par heaven.w
Abarundi turagow non pitha aremey yihekur
21 Ndamukiza 2015, 18:00, par heaven.w
Abarundi turagow non pitha aremey yihekur
21 Ndamukiza 2015, 18:00, par heaven.w
Abarundi turagow non pitha aremey yihekur
21 Ndamukiza 2015, 18:00, par heaven.w
Abarundi turagow non pitha aremey yihekur
21 Ndamukiza 2015, 18:31, par Congera
Ahubwo boba bahunz inzara isanzw iri muri region bugesera y’uburundi kuko mu Burundi umutekano urakwiy.
21 Ndamukiza 2015, 18:35, par jean claude
Bakomeze bagarukira kuri izo mbabare: Ahubwo bashake n’ukuntu bashiraho un corridor humanitaire: Yogaha abo babuza guhunga
21 Ndamukiza 2015, 18:35, par jean claude
Bakomeze bagarukira kuri izo mbabare: Ahubwo bashake n’ukuntu bashiraho un corridor humanitaire: Yogaha abo babuza guhunga
21 Ndamukiza 2015, 18:35, par jean claude
Bakomeze bagarukira kuri izo mbabare: Ahubwo bashake n’ukuntu bashiraho un corridor humanitaire: Yogaha abo babuza guhunga
21 Ndamukiza 2015, 20:12, par Esdras Bene Niyongabo
Je iyinkuru irantera akababaro nukuri ukuguhunga kwabarundi bene wacu je ndumva gukwiye kuko ubwoba ntibwobura ufatiye kuvyubona ndetse nibikorwa n’imigwi yihaye ibango idakwiye kimwe gusa Umukuru wigihugu nahumurize abarundi bareke guhunga.
21 Ndamukiza 2015, 21:16, par Ndadaye
Nagira Nsabe Nshimitse Leta Y Uburundi Irabe Ingne Yo Kura Urwo Ruhagarara Mu Barundi Kuko Twarabajwe Nivyabaye Muri 1993,ibizoba Bize Bibzwe Umukuru W’igihugu ariho Mur Iki Gihe,
22 Ndamukiza 2015, 04:28, par Kaminuza
Dusavye abarundi bakora i Kigali, i Butare n,ahandi ko bokwihuta kuja kuramutsa abo benewacu bari mubuhungiro. Batubwire ingene twofasha kugirango cane cane abo bana mbona ku mafoto bashobore kuronka abarimu babigishiriza muri izo camps de refugies. Nous ne voulons pas de refugies analphabetes nkabaraho ntavuze.
22 Ndamukiza 2015, 09:06, par Béatrice
Banyarwanda banyarwandakazi muraturabira abo bantu, mu bafashishe ico mufise mwebwe Uhoraho yagabiye abatware babakunda bagakunda Igihugu Imana izabashimira.
24 Ndamukiza 2015, 09:07, par Ernest Habimana
Nibaze dupfire hamwe ntanzu iriko irasha nacanecaneko umukuru w,igihugu ataco arashikiriza.Turindire aho bukera.