Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka 13 iraheze abantu isinzi baguye mu bitero muri Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imyaka 13 iraheze abantu isinzi baguye mu bitero muri Amerika

Imyaka 13 iraheze abantu isinzi baguye mu bitero muri Amerika

jeudi 11 Nyakanga 2014

Imyaka 13 iraheze habaye ibitero vyitiriwe uwa 11 Nyakanga muri Reta zunzubumwe z’Amerika. Ibitero 4 vyabereye umunsi umwe ahantu hatandukanye. Umurwi w’iterabwoba Al-Qaïda akaba ariwo wateye Reta Zunzubumwe z’Amerika hakoreshejwe indege zitwara abantu.

Hari mu gatondo kuwa 11 Nyakanga mu mwaka w’2001, aho inkozi z’ikibi zigira iterabwoba zatesha inzira indege 3 zunguruza abantu. Zibiri muri izo ndege zaciye ziseka amagorofa abiri maremare bita “World Trade Center” mu gisagara ca New York, kw’izinga rya Manhattan. Indege ya gatatu nayo ica iseka inyubakwa yitwa “Pentagone” iri i Washington DC. Iyo nyubakwa nayo akaba ariyo yari isanzwe ikoreramwo igisata co kwivuna abansi. Iyo ndege yaciye ihitana ubuzima bw’abari muriyo bose hamwe n’abantu benshi bari muri izo nyubakwa. Izo gorofa zibiri zari zifise uburebure bw’imetero 415 kuva hasi uja mu kirere.

Indege igira kane yari yafashwe n’abo bihevyi yaguye ahitwa Shanksville muri Reta ya Pennsylvanie. Ico gitero cahitanye abantu 2 973, gikomeretsa abandi ibihumbi n’ibihumbi. Abo bantu bakaba baturuka mu bihugu 93 vyo kw’isi. Muri abo bahitanywe n’ivyo bitero, abantu 343 bari bamwe bazimya umuririro b’i New York.

Mu cegeranyo catanzwe n’umurwi w’amatohoza kuri ivyo bitero kuwa 22 Mukakaro 2004, baremeje ko abo bihevyi ari abo muri Al-Qaïda. Muri ico cegeranyo kandi bamenyesha ko ivyo bitero vyari vyategetswe na Ousama Ben Laden, biraheza bitunganwa n’uwitwa Khalid Cheikh Mohammed.

Tubamenyeshe ko muri Amerika bateguye ibirori n’amasengesho bitandukanye bikaba vyategekanijwe mu gihugu cose kugira bibuke abantu 2973 bahitanywe n’ubwo bwicanyi.


Floxella Karire

Messages

  • Kweri natwe vya Tubabaje Kunva abo babikira 3 bishwe.
    Imana ibakire amahoro.
    Reta y’Uburundi ikwiye kongeza abasoda mubice bita ndukanye securite igakomera cane murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.