IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inani n’imigambwe yishinze kurwanira amasezerano y’i Arusha yasohoye (...)

Inani n’imigambwe yishinze kurwanira amasezerano y’i Arusha yasohoye itangazo

lundi 4 Rusama 2015

Inzego nkuru z’igiporisi n’igisirikare zisabwa gukurikiza amategeko y’igihugu na mpuzamakungu azirekurira mu gukora akazi kazo, eka n’ingingo z’umutekano w’imiduga, abantu n’ibindi zasohotse.

Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’inani hamwe n’imigambwe yihaye intumbero yo kurwanira amasezerano y’amahoro y’i Arusha, izo zigizwe n’Imbono Charisme, UPD Zigamibanga, Frodebu Nyakuri, Sahwanya Frodebu, Parena, Fds Sangira, Msd, Cndd, hamwe n’abagumyabanga ba Cndd-Fdd banse gushigikira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu. Muri iryo tangazo, abavyeyi basabwa kutarungika abana babo ku mashuri hamwe no gukura abanyeshuri bari mu ndaro, kuko Reta yamaze kwerekano ko atamutekano uhari mu gusohora abanyeshuri bo muri Kaminuza y’igihugu. Abafise imiduga, amapikipiki, amakinga basabwa kubigumiza muhira ku mvo z’umutekano wazo.

Inzego nkuru z’igiporisi n’igisirikare zisabwa gukurikiza amatego y’igihugu na mpuzamakungu, azirekurira atawundi azinjiriye. Iryo tangazo ryasohowe n’izo nani n’imigambwe zisaba kandi ko abari mu myiyerekano kuyikora mu mutekano. birinde kanatsinda abohava babinjiramwo hama hagire ivyo bonona kw’izina ry’abo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Emwe jewe nipfuzayuko petero nkurunziza yokwitandukanya ninkozi zibibi nyamba yamana, Ahora tubwira kwariyocabona nimuhinyishu natwe turonkamahoro uwayikoreye ntiyegezakogwa nisoni I nicogituma nkuko umupfasoni wiwe Ahora biririmba mgoyitwa ntimuka nukuri ntahemukire iyomana yiwe nyamba atariyabarundi bose. Jewe ndamuhanuye niyumvirimpanuro ntazamere nka farawo ingobo ziwe nabanyemisiri bazize kudahanugwa kumutware wabo. Kutabarigwa kwamukaroti yandutse inkingi yumunyu

  • muraruhira ubusa azobatwara abatabishaka bazoce biyahura,ahubwo mbona muriko mura muronderera amajwi mutabizi,kuko ubu abarundi isinzi barambiwe imigumuko,barishakira amahoro.

  • Mumuharaniriza ubusa ntawe muzoshobora.Mbe mubona mwosunika umusozi mukawungururiza aho mwipfuza bigakunda?Mwibuke umutaliano ati"VOX POPULI VOX DEI"

  • Ewe Ange nawe warinabuke>... Peter asa n’imvura yahise!!!!! Nakurahiye natzosubira gusibanganya igihugu cacu. None wewe konzi inzara yakwishe Peter akaba atanakuzi, wumva uriko uvuga iki!!!!!!

  • Basha iconemera nuko muzoruhira gusandaba namba mwahizemwo kwirukinyuma ya Peter ,kuko izonguvu namayeri nubujanja , nincunti zibihugu vyibihangange mwishimiye ngozirabashigikiye muratumwanya wubusa gusa nihaba hariho abomurimwebwe bavugango hakubibwa bobiva ivyondavyemera, kuko Nkurunziza yarahejeje kuronga ibihungunawe vyibihangange vyoteguye kumubahafi kandintibikunze kwitanganyika imbere vyerekana ahobihagaze rindirarero mudahagaritse nta Peter yiteguye kuregura ndababariye kugezubu asigaye afise ubushobozi nabanushigikiye bakuvye 7 abomwiratira ngobarabashigikiye.

  • ka minani nagasazi gakumbuye mu rwanda mugabo ubu kagame azo mu cinya nibateshwe bate nkurunziza numugabo ntakangwa nimihimbiri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.