IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ingabo za AMISOM zagaruje ibisagara 15 mu mezi cumi

Ingabo za AMISOM zagaruje ibisagara 15 mu mezi cumi

vendredi 5 Nyakanga 2014

Abasirikare barenga ibihumbi 22 barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya barashoboye kwigarurira ibisagara cumi na bitanu muvyari vyafashwe n’abarwanyi ba Al Shabab. Mu bikorwa vyihutirwa vy’ingabo za AMISOM zigizwe n’abarundi, abaganda, abanyakenya, abo muri Ethiopie, Djibouti na Sierra Leone, ni ukugarura ibisagara bitatu bikigenzurwa n’abo bihevyi ba Al Shabab.

Uwurongoye ingabo za AMISOM mu gihugu ca Somaliya, Lieutenant Général Silas Ntigurigwa, amenyesha ko mu mezi cumi aheze, ingabo arongoye zamaze kwaka abarwanyi ba Al Shabab ibisagara 15. Iyo ntwazangabo y’umurundi irongoye AMISOM imenyesha ko mu bisagara batse Al Shabab harimwo ivyafashwe n’abasirikare b’Abarundi baharurwa mu 5432 bari mu ngabo za AMISOM. Muri ivyo bisagara vyafashwe, harimwo intara ya Jalalaxi, isanzwe ivukamwo umukuru w’igihugu ca Somaliya, Hassan Cheikh Mohamed.

JPEG - 29.9 ko
Ingabo z’abarundi ziri muri Somaliya

Lieutenant Général Silas Ntigurigwa akamenyesha ko bariko bakora ibishoboka vyose kugira bagarukane umutekano mu bisagara bitatu bikigenzurwa na Al Shabab. N’aho abo basirikare bakoze ibikorwa bishimishije, haravugwa ikibazo c’imishahara y’abarundi yoba iteba, aho usanga bamara amezi arenga atatu batarahembwa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Lieutenant Général Silas Ntigurigwa arongoye ingabo za AMISOM yamenyesheje ko ico kibazo bakizi, kandi ko atari ic’abarundi gusa, kuko gishikira abasirikare bose bari muri AMISOM. Lieutenant Général Silas Ntigurigwa araremesha izo ngabo, akavuga ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (Union Africaine) ryemeye ko mu kwezi kuza kwa Gitugutu, imishahara yose izoba yabonetse.

JPEG - 39.3 ko
Lieutenant Général Silas Ntigurigwa arongoye ingabo za AMISOM

Egide Nduwimana

Messages

  • ndumva.babishoboye.baze.bagarure.kigoma.nayo

  • Iyinkuru irahimbaye kumbure na Somalia yoronkamahoro kandibirashoboka ahubonanatwe twavuyekure nubwo tutaridufise ivyihebe.

  • Bamenyeshamakuru bi Burundi gerageza muzemurakoresha ikirundi mukwandika nokuvuga kukomwembwe ntahomutaniye numwigisha wikirundi jewe nibazako uvuzeko ugombakuba umumenyeshamakuru wikirundi ubuzi kukivuga nokucandika nokugisoma, amajambo Niagara: Ingabo,Gusuhuza sikirundi.

  • mukomere kurugamba mwantore mwe!

  • Komera ngabo zuburundi mubandanye mutera imbere nkumuzinga mufashe natwe baradufashije!

  • Izo ntingingwa kubanza urusoro uruto ruriko ruravovota mu migunguma ya Somalia nizikomere ku Rugamba kandi zamye ziryama zambaye zivyuke zagavye zigume ziRI ba Bitumwako rukavye MU MAKUNGUnkuko vyaraye vyigaragaje aho no muri Centre Afrique.Mufate mu nda mwame murangwa n’akaranga k’Abasokuru INTADOHOKA ZO KWA BIKATABIJOGA IBIRONGE BIGATOHA INKA ZIKANGISHIRA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.