IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingaruka mbi z’ukuraba isinema zerekana abahuza ibitsina

Ingaruka mbi z’ukuraba isinema zerekana abahuza ibitsina

lundi 11 Rusama 2015

Ingaruka ni nyinshi ziterwa n’izo sinema, ariko ubu twabateguriye zimwe muri izo haba kurwaruka

1.kutagira ubushake no gusohora intanga mu kanya gato cane.

Iki ni ikibazo abagabo canke abasore benshi bakunda kwirengagiza ariko ahanini benshi babiterwa no kutamenya. Kubera gukunda kuraba isinema z’imibonano mpuzabitsina, habaho kwama wipfuza .kuguma ushaka kwikinisha, kubera iyo mvo yo guhora wikinisha, bigatuma niyo uriko urangura amabanga mpuzabitsina usohora ningoga, udahagije uwo muriko murakorana imibonano mpuzabitsina.

2.Kwama wipfuza (désir) isinema zerekana abakora imibonano mpuzabitsina, zihindura isoko(source) y’ubushake bwo gukora imibonano mpuzabitsina.

Umuntu akunda kuraba isinema z’abarangura amabanga y’abubatse bituma kugira ashake ico kintu ari uko abanza kuraba izo sinema, ivyo rero bigatuma agira ubwunvikane buke n’uwo bubakanye, canke bagomba gukorana iyo mibonano. Naho abantu benshi bazi ko abahungu aribo bakunda kuraba ayo masinema, ubushakashatsi bwagaragaje ko abagore nabo, bazitabiriye kurugero rw’ibice 69%. Iyo umugore akunda kuraba izo sinema, aca yumva atagishaka umugabo bahuza ibitsina ahubwo agaca yumva yo kwikinisha kugira aruhuke (satisfait), iyindi ngaruka ni kurenga ibigo.

3. Ku rwaruka hoho izo sinema zironona ivyiyunviro vyarwo.

Kugira ibibazo no kudatahura ku vyerekeye imibonano mpuzabitsina n’ibisanzwe. kubera kubura abarusobanurira ivyerekeye imibonano mpuzabitsina, bituma urwaruka ruca mu nzira ya hafi mu kuraba ayo ma sinema, kugira rutahure ico gikorwa. Ikibabaje ni uko bahakura ubumenyi butaribwo, bakabeshwa n’amasanamu y’ibinyoma. Aha ntitwirengagize ingaruka mbi, ziva muri ayo masinema :Kwandura Sida, Gutwara inda z’indaro n’ibindi.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.