Ingingo yafatiwe abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi yashizwe mu ngiro

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 8 Gitugutu 2015 saa 10:50
Yasomwe : 124596
0 0

Ingingo y’ugushira mu kibanza ca bonyene abanyororo bagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi yagiye mu ngiro kuri uwu wa kabiri, umunsi wagira gatatu igiporisi cugarije ibohero rikuru rya Gitega. General Cyrille NDAYIRUKIYE ari kumwe n’abandi bagirizwa icaha kimwe, baraye ijoro rya mbere mu kibanza ca bonyene (Isolement).
Abaporisi barenga ijana bari barongowe n’umukuru w’igiporisi mu ntara zo hagati mu gihugu, komiseri AYUBU, uwurongoye igendereza mu ntara ya Gitega, hamwe n’umuyobozi w’ibohero rya (...)

Ingingo y’ugushira mu kibanza ca bonyene abanyororo bagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi yagiye mu ngiro kuri uwu wa kabiri, umunsi wagira gatatu igiporisi cugarije ibohero rikuru rya Gitega. General Cyrille NDAYIRUKIYE ari kumwe n’abandi bagirizwa icaha kimwe, baraye ijoro rya mbere mu kibanza ca bonyene (Isolement).

Abaporisi barenga ijana bari barongowe n’umukuru w’igiporisi mu ntara zo hagati mu gihugu, komiseri AYUBU, uwurongoye igendereza mu ntara ya Gitega, hamwe n’umuyobozi w’ibohero rya Gitega, barugarije kuri uwu wa kabiri ibohero rya Gitega, ahapfungiwe abanyororo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Abo baporisi bambaye inkinzo bafise nivyuka bikoroza amosozi binjiye muri iryo bohero kuva isaha cumi na zibiri z’agatondo, mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo yafashwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, yo gushira abagirizwa ihirikwa ry’ubutegetsi mu twumba twa bonyene (isolement).
Mu gihe hari haheze iminsi ibiri ico gikorwa kinanirana gushirwa mu ngiro kubera abandi banyororo baca bashamirana n’abaporisi baba baje gushira mu ngiro iyo ngingo, kuri uwo munsi ugira gatatu, General Cyrile NDAYIRUKIYE yaciye asaba abanyororo bagenzi we kworohereza abo baporisi mu gikorwa cabo, gishirwe mu ngiro atakirinze kwononekara. Iyo ngingo ibona gushirwa mu ngiro, General Cyrille NDAYIRUKIYE n’abo basangiye icaha bashirwa mu kibanza ca bonyene.

Mu mwanya iyo ngingo yariko irashirwa mu ngiro, abaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’abo mu murwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu bakaba barankiwe kwegera iryo bohero, abanonosoye amategeko bakabona ko iyo ngingo iteye kubiri n’amategeko kuko umunyororo ashirwa ukwiwe aba ari uwigenjeje nabi, kandi bakaba babanza kubimumenyesha, bakamubwira n’ikiringo azomara mu kibanza ca wenyene. Abahinga muvy’amategeko bakabona ko ibiriko biraba biteye kubira n’amategeko, kandi vyerekana ingendo ya Petero Nkurunziza y’ugushaka kuzimanganya ubuzima bw’abo bose batavuga rumwe.

Umwe mubaburanira General Cyrille NDAYIRUKIYE akaba abeshuza amakuru yagumye akwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, vuga ko General NDAYIRUKIYE yoba yarasinzikarijwe ubuzima. Amakuru dufise akamenyesha ko abamuburanira bahawe isango ryo kubonana nawe kuri uwu wa kane.


Kumenyekanisha

1
Zeno 13-10-2015 à 07:01

nihatari

2
Zeno 13-10-2015 à 06:59

nihatari

3
Gérard 13-10-2015 à 06:29

Je nibazako Peter nawene hariho ivyo agitinya. Ntakindi gihugu abagerageje guhirika ubutegetsi boba bakivugwamwo kuko nabona iyo vyabakundira barikwica gushika kuri nyumbakumi wa Peter abarindirijiki?

4
Fiston 9-10-2015 à 12:08

Abo Bashaka Guhirika Ubutegetsi Karagahimbo Wana Twe Ivyo Ntidukeneye Muburundi Ko Vyosubira Nokuvugwa Kuko Intarabona Isyera Ihaha Imana Ibafashe Nico Ndabipfurije

5
fidelite 9-10-2015 à 08:49

@yohani petero
Wansiguriye vyinshi ariko abatutsi nta kintu kibava mu kanwa ubu ncemera,muri abantu ba mbere kw’isi muzi kurementanya,kubesha,magouilles zose muri aba mbere,rero abo babinonosoye ni we ubazi reka kubanyemeza ku nguvu,iyo bibaburiye murazi kw’inventa,coup d’etat yarabananiye maramarira hiyo,abo bahutu babaherekeje muri yo ntaco mvuze .Nta ciza kiva ku mututsi jewe ntaco nigeze mbona kuva nitwa,nababirose ngo bakundana namwe bavyishuye leur vie,ikindi utwo twumba nihagera tuzotwemera,vas te faire voir.

6
Yohani Petero 9-10-2015 à 01:36

@Fidelite hamwe nabo musangiye umutima w’amacakubiri
Abo bapfunzwe ni abahutu n’abatutsi kandi bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi (tentative) nta muntu bagirizwa ko bishe ariko iravye abirirwa barica abahutu n’abatutsi uno musi, uca uhona abari bakwiye kuja muri turya twumba ko atari barya 28 bagerageje gutabara abarundi bikabananira. Abateguye coup d’etat aribo Prime Niyongabo na Gaciyubwenge bariraramiye hapfunzwe abagamburukiye abategetsi ba gisirikare; uwabinonosoye neza yavuze ko irya nkinamico ya coup d etat yari mcezo wa ndani.
Mugihe ca revolution francaise hari umugabo yitwa Guillotin yazanye akamashini bakoresha mu kwica banyonze abo batavuga rimwe, ariko iyo mugabo Guillotin munyuma nawe yicishijwe iyo guillotine yiwe nyene. Akandi karorero nako muri Irak. Umucamanza yaciriye Saddam urubanza rwo gipfa nawe aho ISIS itereye Irak na Syria baciye bamufata bamucira urw’impaga baca bamumanika kurya bamanitse Saddam
Pour vous dire que abo bazanye utwo twumba two gutoterezamwo impfungwa bamenyeko nabo turya twumba tubarindiriye.
Vyiza rero kwisi wokora iciza kuko ikibi ntawe cereye.

7
Kabizi 8-10-2015 à 23:35

Abo bavuga ngo babafata nabi nibabaze abanyarwanda bagejeje gutembagaxa Kagame iyo batahiye! Underground! Mbe mugomba babagumize hamwe n’abo badasangiye ivyaha?

8
fidelite 8-10-2015 à 18:25

Bagire gutegura kumara abahut,bongere basabe kuryama muri hotel quatre étoiles,iyomba nari muri abo ba polisi nari kubavunagura bose,murakunda peter arasenga,iyaba jewe hari ico mwari kubona

9
mwene harimesh 8-10-2015 à 15:53

Jewe hari ibintangaza ahiwacu rigiyingani ngo burimuntu wear yishingire itegeko tuzoshika he? Barabaza naho Mandera yapfungigwa mwizinga yariyacumuyiki? Ariko aba bakoze amabi aboneka kumutaga riva ninde atobapfugutyo ahubwo hakenye ipfungiro riri mukuzimu canke mwizinga aho bosizwe bagashima kuko ahobaribasizwe nigihugu barahanse bashaka kwishira ahabo. Mu magurumasha nibacirigwe urubanza rubakwiye cake bashigwe hiyo bazoruchirigwe haciye imyaka cumi.

10
Kariyo 8-10-2015 à 14:03

Mwabapolisi, Gerageza Mureke Gufata Nabi Abantu. Uyo Abakoresha Nabi, Ngo Mumwigure, Ivyiwe Vyararangiye Kandi N’ Uwundi Azoza Ntagipolisi Gishasha Azozana. Kiretse Bamwebamwe Muri Mwebwe Bakorera Amabi Abanyagihugu. Abo Muriko Murakomerekereza Mw’ Iprison Buca Mubasangayo. Murabaza Bagenzi Banyu MANISHA Na JAPHET, Ubu Barazi Ko Akarenganyo Kababaza,

11
Iragiryagahuturemy 8-10-2015 à 13:46

Mutabeshe abanyamategeko barubahutse baravugango vyerekana ingendo ya Petero Nkurunziza yokuzimanganya abobose batavugarumwe!!!? Ariko komufuse ubushirasoni burenzekwemera mukuze ntasoni!. Abonyene nibobakwiragije inkuruyububeshi bavugako uryamu General Ndayirukiye ngoyakubaguwe! Nimureke gukoneza kwihumanya kukomuri abacu murikazoza mushobora kuzokwifuza gukora muyandimabanga biciyemumatora abarundi muriko muratera iseseme mumenyeko ivyomuriko murakora vyose wocuba umwanya wokubibahembera.

12
Gakozi Emmanuel i Pretoria 8-10-2015 à 13:40

Ikigongwe nurukundo bibabere agakiza.

13
Gakozi Emmanuel i Pretoria 8-10-2015 à 13:26

Ku batandunya na bandi nu guhahamura imitima yabo bafunzwe kuko nu wuguruye urugi baca bibaza ko ivyabo birangiye. kandi amategeko yi bohero iyo ufunzwe gutyo nta wanyu arekuriwe ku gusura. nu gupfa utarapfa. Turamusavye Nyini Cubahiro Umukuru W’Igihugu Nkuko yamye Arumuvyeyi wikigongwe nu rukundo rwogukunda Aboro na bakene. Abagire ikigongwe. kuko nabo naboro bo mumutima. Nkaba mboneyeho no gukebura Abarundi Bariko bagwanya Umukuru wigihugu ngo yagize nabi. sivyo kuko ni mwibaze neza ubu iyo haba haruwundi Mukuru Wigihugu mushasha. Mubona ko yari gushobora guhagarika izo ntureka. vyari kuba nka cagihe ca Ntibantunganya atashobora kubuza abasanzeshek niyindi migwi yariho ico gihe. President Buyoya agaruce ku butegeci ibi hagarika akanya isase. Barundi ntimutane ko umwikomo. Ubudyo bwo ku gwanya intambara ya Ampile hima umuti wayo nu kugira Umukuru w’Igihugu Arinda Akadya umutima amenyo. Naho yopfa agapfana ijunja. Kandi mu zomwibuka tu. Imana Ifashe Abarundi kubona kure.

14
Jules Nijimbere 8-10-2015 à 12:46

Nuko Imana Yaduhaye Umukuru W Igihugu Yitonda.Ahandiho.Abobashats Gutembagaz Ubutegetsi Yarikubagerera Ingero Baribamugereye.Mb Komuvuga,wew Bamushakra Ineza?Ahubwo,arabagengeza.Nabonyen Baribakwiy Kwicwa.

15
Lily 8-10-2015 à 12:40

Ariko Nkurunziza arajenjeste kabisa!!! Ntakindi gihugu gifata abantu abantu bakoze cout d’etat gutyo!?!? Ahandi no kubitekereza gusa bituma uburirwa irengero cg ukaraswana amapingu none aba bo baracyanafite ubushobozi bwo kwigaragambya kweli!! Nkurunziza we!! Sha izo mpuhwe ugira wowe wagize ngo hari uzazikugirira!!! Aba bakabaye barabaye amateka cyeraaa!!!

16
john 8-10-2015 à 11:49

Abarundi muransetsa kbsa. Nta Muyobozi wundi muzabona wigenza gutyo nka Nkurunziza worohera abamurwanya akanabareka bakavuga icyo bashaka mu gihugu, bamutuka, batwika abantu, barwanya inzego z’Umutekano n’imbunda,.... Abantu bashatse kumuhirika no kumwica, akaba yari yabafunze hamwe n’abandi!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!????????????????????????????????????????? arasekeje nawe kabsa.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha