Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkoho imwe yafatiwe ku rugo rwa Colonel Jean Baptiste BAGAZA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inkoho imwe yafatiwe ku rugo rwa Colonel Jean Baptiste BAGAZA

Inkoho imwe yafatiwe ku rugo rwa Colonel Jean Baptiste BAGAZA

mardi 24 Munyonyo 2015, par egide

Inkoho imwe yo mu bwoko bwa kalachnikov n’igikono cayo (Chargeur) kirimwo amasasu cumi n’icenda nivyo vyafatiwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere ku rugo rwa Colonel Jean Baptiste BAGAZA yahoze arongoye Uburundi, urugo ruri ku musozi Ruringanizo, muri komine ya Rutovu intara ya Bururi.

Iyo nkoho yafashwe na buramatari w’intara ya Bururi Christian NKURUNZIZA ari kumwe n’uwutwara igendereza muri iyo ntara. Yafatanwe abakozi ba Colonel Jean Baptiste BAGAZA, aribo Pascal NDAYISHIMIYE, hamwe na Aimable NDUWAYO.

Abo bafatanwe iyo nkoho ni abakukuruke mu gisirikare, bakiyemerera ko bayihawe n’umukoresha wabo Colonel Jean Baptiste BAGAZA kugira bararire urugo rwiwe, na Colonel BAGAZA akaba avyemera ko ariwe yayibahaye kuko asanzwe afise uburenganzira bw’ugutunga inkoho.

JPEG - 20.4 ko
Colonel Jean Baptiste BAGAZA yahoze arongoye Uburundi

Iyo nkoho yaciye itwarwa mu giporisi i Bururi, abayifatanwe nabo akaba ataco babagize.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.