Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Inkoho n’Ibindi bikoresho vya gisirikare vyatowe muri Zone ya Ngagara
Yanditswe taliki ya 29-12-2015 - isaha 13:13' na Van Naris Mugisha

Inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa kalashinkov,lance roquette imwe amasase n’ibindi bikoresho vya gisirikare harimwo umwambaro umwe wa gisirikare,nivyo vyafashwe n’abasirikare bari kumwe n’abapolisi muri zone ya Ngagara iri muri Komine Ntahangwa mu gisagra ca Bujumbura.

Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye yamenyeshaje ko ivyo birwanisho vyatowe kw’ibarabara rya Ntega riri muri Quartier ya gatandatu muri zone Ngagara mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 29 Kigarama 2015,aho bafashe kandi abantu babiri ku mvo z’amatohoza.

Pierre Nkurikiye yavuze ko bakoreye ku makuru bahawe n’abanyagihugu baba mu micungararo yahatowe ivyo birwanisho.

Umuvugizi w’igipolisi agasaba abanyagihugu ko uwuzi ahari canke uwutunze ibirwanisho atabifitiye uruhusha yobimenyesha abajejwe umutekano kugira babikure bitarakora ibara.

Ivyiyumviro vyanyu

Abo bafise Ibigwanisho Nibabizane Kugira Uburundi Ntibusubire Mukinongo

16.01.2016 à 21:08
Nigaba Elie

Umukuru wi gihugu atinyiki kuza mubiganiro ?atinya gutembagazwa ?

3.01.2016 à 10:30
Nduwimana pascasie

ABO BAVUZE AHO BIRI IVYO BIGWANISHO BARAKWIYE GUSHIMIRWA

31.12.2015 à 09:49
INNOCENT

Warakoze kubesha yuko mwatwaye babiri ariko abo bana muguma mutwara impera n’imperuka muzobibazwa n’iyo mw’ijuru kandi bitebe bitebuke nta mvura idahita n’iyo kuru Noah yarahise

30.12.2015 à 16:25
Muzobibazwa

Warakoze kubesha yuko mwatwaye babiri ariko abo bana muguma mutwara impera n’imperuka muzobibazwa n’iyo mw’ijuru

30.12.2015 à 16:19
Muzobibazwa

ubwo mwashaka kumena amaraso mutanguye kubesha twarabamenye sha abagome nta conge mugira

30.12.2015 à 15:07
gato

None uyo avuga ko bari bafashe aba terroristes 5, hanyuma ngo bakaba berekanye 2, naho boba barabishe none ingorane ziri he he ? Mbe birya birwanisho babafatanye wibaza y’uko vyari ivyo kuja guhigisha ibikoko mw’ishamba ? None abari kwicwa n’izo ntagondwa nta miryango boba bafise ? Mbe iyo miryango ntiyobabaye ? Jewe narababuriye hakiri kare, nti izo Intagoheka nta nahamwe zigera zitsindwa. Ahubwo barabagiriye impuhwe, ni mushime kubona babasigiye n’utwo tubiri. Ni mureke guhendwa n’abo bibereye iburayi n’imiryango yabo. Nibabanze barungike abana babo hamwe na benewabo baze babafashe.

30.12.2015 à 05:49
Rusakumba

Nkanj Iconobivuga Nuko Aribinyom None Izonkoho Nibindibikoresho Ryagisirikar Bivahe ?Kozikobavugak Inkoho Bazikuye Mubanyagihugu Iryobatora Bivahh ?!!Bitwaze Ibindi Apana Ivyo

29.12.2015 à 23:52
Ndayambaj Izahki

Nkanj Iconobivuga Nuko Aribinyom None Izonkoho Nibindibikoresho Ryagisirikar Bivahe ?Kozikobavugak Inkoho Bazikuye Mubanyagihugu Iryobatora Bivahh ?!!Bitwaze Ibindi Apana Ivyo

29.12.2015 à 23:51
Ndayambaj Izahki

@Jojo. Bagushakishe bakubohe kuko nawe uri umwe munyenzi zacengeye i Burundi. Ubundi iyo umura ukurumye urawuhandura cg ugasigaho acide ukajya aho Bikomagu yigiriye dore ko ariwe wahoze ari chef w’imira.

29.12.2015 à 23:29
Cambarangwe

ABANYAGIHU NIBASUBIZE IBIRWANISHO KK NTANTAMBWE BAZOTERA.IGIPOLISI KIRAKORA IBISHIMWA.TOHOZA HOSE AHOBINYEGEJE NYENICUBAHIRO ARABE ICO MUKWIYE.TWIBUKE ITERAMBERE TURIKO TUREKE KWISAMBURIRAKO TUTABAYE IMPENE.

29.12.2015 à 23:21
ANICK

Hasigaye uwonkurikiye nibongera gutera niweho ruzotara na baratuza ntimuzorusimbuka 29.12 .2015

29.12.2015 à 23:14
Emma

ndateye intege abajejwe umutekano kugikorwa bariko nibakore ,ariko ntikube arikubikura gusa baraba ikibitera ,kibirwiza.

29.12.2015 à 21:35
nahimana asman

Abajejwe Umutekano,komera Kabisa@abobavuga Ngo Batwaye Batanu,ngo Batatu Ngo Babanygeje,nabo Barimubavyonga Igihugu,uwobarondra Bovuga N’ibindi.Kandi Nosaba Abajejw Umutekano Baz Bararondra Mwnabobantu Babigish Imvugo Boza Barakorsha.Joyeux Noë l Pour Tout Le Monde.

29.12.2015 à 20:34
Augustin Niyonkuru

mbega kobavuga batwaye 2 kandi twabibneye batwaye 5 abo bandi 3 bamaze kubica nkuko dusanzwe tubimenyereye abo batwaye batagaruka .iyi reta izosenyurwa hasigaye imbuto

29.12.2015 à 14:53
Jojo

Muburundi Nakabangir Numva Bafise Akuma Kabona Aho Ikirwanisho Kinygej Ahohos Ntanahamw Tutumva Ngobagiy Kuhasaka Non Ivyobirwanisho Batora Tuzohava Dusanga Ariwamwa Yivumbagaza Hari Ari Mubandi Akarira Avuga We Ma Ntabara Baranyish Kugirango Biz Baramukubis.Jew Numva Ari Mchezo Wandani.Imana Idufuke Mubiganza Vyayo.

29.12.2015 à 13:33
Osuald

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.