Igiporisi c’Uburundi kirabandanya igikorwa catanguye kuri uwu w’Imana c’ukwaka ku nguvu ibirwanisho biri mu banyagihugu batabifitiye uruhusha. Ku munsi ugira gatatu w’ico gikorwa, igiporisi c’Uburundi kirashima aho kigejeje uwo murimo.
Amakuru atangwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko inkoho zitatu zo mu bwoko bwa kalachnikov, inkoho imwe yo mu bwoko bwa pistolet, inkoho imwe yo mu bwoko bwa R4, gerenade imwe, iradiyo (Motorola), hamwe n’ibikono bibiri vy’amasasu vyuzuye arivyo vyafashwe kuri uwu wa kabiri muma karitiye ya Jabe, Kanyosha, Rohero na Kinindo mu bikorwa vy’ugusaka vyakozwe n’igiporisi c’Uburundi.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bashima ingene ico gikorwa kiriko kirarangurwa mu mutekano.
Jewe ndashimiye cane igiporisi c’uburundi kubera izo gikorwa, kiriko kirakorwa nibabandanye nkuzu kunzu! bazaka kuberabe turakeneye umutekano mukiguhungu jacu camavukiro!