IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Intwazangabo y’Uburundi yari yagizwe imbohe yarekuwe

Intwazangabo y’Uburundi yari yagizwe imbohe yarekuwe

samedi 23 Ndamukiza 2016, par egide

Intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yo kw’ipete rya Lieutenant yari yanyurujwe n’abarwanyi ba FNL ya Aloys NZABAMPEMA, mw’ishamba cimeza rya Rukoko yarekuwe. Uwo musirikare yashikirijwe abakorera ishirahamwe CROIX ROUGE muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Lieutenant Alexis Irambona asanzwe afise matricule SS1889 wo muri bataillon ya 412, avuka mu ntara ya Makamba, muri komine Vugizo, yari yavuye ku kirindiro akorerako aja gutembera mw’ishamba rya Rukoko, ari naho yafatiwe n’abarwanyi ba FNL ya Aloys NZAMBAMPEMA bamugize imbohe kuva kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante 2016.

Mu gisirikare c’Uburundi baremeza ayo makuru y’irekurwa ry’iyo ntwzangabo.
Kuva Lieutenant Irambona Alexis anyurujwe akagirwa imbohe, amasamu yiwe amwerekana aboshe yaciye atangura gukwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, akamwerekana ari mu kibanza kitamenyekanye, mu minwe y’abarwanyi ba FNL ya Aloys NZABAMPEMA, nk’uko vyashikirijwe mbere na Jean Felix Ntahonkuriye, umuvigizi w’uwo murwi w’abarwanyi.

Iyindi sanamu y’irekurwa ryiwe ikaba yashizwe ahabona, Lieutenant Alexis Irambona ari kumwe n’uwo muvugizi wa FNL ya Nzabampema Aloys, hamwe n’abakozi ba CROIX ROUGE bashikirijwe iyo ntwazangabo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.