Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Intwazangabo zibiri mu gisirikare zatorotse igisirikare
Yanditswe taliki ya 29-09-2015 - isaha 09:29' na Van Naris Mugisha

Major Emmanuel Ndayikeza icegera c’umukuru w’ikambi ya Muha,na colonel Edouard Nshimirimana ajejwe gutumatumanako amakuru mu gisirikare kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2015 ntibabonetse ku mirimo ya minsi yose.Amakuru ava mu gisirikare amenyesha ko boba barataye akazi.

Umuvugizi w’igisirikare colonel Gaspard Baratuza avuga ko Major Emmanuel Ndayikeza yari ku kazi kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2015,ariko ku munsi wa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2015 atatonze ku mirimo.

Ku makuru yavugwa ko Majoro Emmanuel Ndayikeza yoba yajanye n’abandi basirikare,col Gaspard Baratuza amenyesha ko atari vyo kuko n’abasirikare bari basanzwe bamucungerera ubuzima bakiri ku kazi kabo.

Colonel Gaspard Baratuza avuga ko bamaze kumenyesha ko iyo ntwazangabo mu gisirikare itatonze ku mirimo ku munsi wa mbere,ariko ko atawovuga ko yataye akazi kuko mu mategeko ivyo bivugwa mu gihe haheze iminsi umunani adatonda.

Mwomenya ko ikambi ya Camp Muha,iri mu makambi ariko yimurirwa mu gihugu hagati,aha n’inyuma yaho umukuru w’igihugu amenyeshereje ko iyo kambi iri mu makambi atunganirizwamwo gutembagaza ubutegetsi.

Ivyiyumviro vyanyu

Ni vyiza kwitandukanya n ubutegetsi bwica abanyagihugu

14.10.2015 à 17:02
jojo

Muraho neza,none izo ntwaramiheto nkuru zirahungiyehe ?ubwo rero n’ikibazo gikomeye cyane iyo ubonye abakuru b’igisirikare batangiye gucaho batoroka n’abato bagenda !!!Biteye amakenga !!!
Murakoze.

5.10.2015 à 19:19
Americain

NIBATUNGANIRIZWE BOSE KUKO VYEREKANA NEZA KO HARI IMPAMVU BABIKOZE...NTAMWANA N’IKINONO !

3.10.2015 à 21:10
MBONIHANKUYE THEOGENE

Nagende Arijanye Nakare Ukurikira Umutware Atagiringuvu Ugakubitanwa Nawe

3.10.2015 à 09:56
Ngenzirabona T D. Fco

VYOSE NIKUBIHA UWITEKA KANDI NOGUSENGERA IGIHUGU TUGEZE AHATEMBA,.

2.10.2015 à 21:47
nkurunziza innocent

none igisirikare nticorondera igituma batoroka niyo baja

2.10.2015 à 16:00
Georges

ndaririra uburundi bwa nyaburunga muriko murahumanya !!muragowe !!

1er.10.2015 à 23:48
onesphore

IYOKAMBI NIBAYIMURE

1er.10.2015 à 20:26
Nibigira

IYOKAMBI NIBAYIMURE

1er.10.2015 à 20:22
Nibigira

yase ko bohava agirirwa nabi

1er.10.2015 à 11:20
sylvain

Aha...Rindira Mudatanz Igihugu Ningoga Urakubishwe Kudeta Yihuta Urafyina Nigisirikare Uzobahungirahe Kuraraguz Bazokunoba Namaboko Abo Bagenda Badutwarire Inkoho Turiyemej Kurwana Amazi Yarenz Inkombe Naband Bagend Nibirwanish Ndabasavye Tangur Kare Imisore Turiho Turashimiye Abaraye Bagiye Rega Sicanyina Duhe Inkoho Batama Ingendo Nziza Nabari Inyuma Bose

30.09.2015 à 23:24
Derire

Nibashake bagende nkubu usanga barimuribabandi bategura kwica baba Génélale Bacu igisoda ntigipfakara.

30.09.2015 à 20:55
Karibwami

Mbega Nikuberiki Mugirubwoba ? Ivyanditswe Bizoshika Erega ntajambo Ryavuzwe Nimana Rizokwigera Ribura Iherezo.. Uwihana Yokwihana Kuko Tugeze Kumunwa Wagwo.

30.09.2015 à 20:07
Rudubi

Nabandi baracatoroka !

30.09.2015 à 14:37
Patrick

twabashimiye kuko bari baratevy nabandi turinyuma nibikoresho vyacu.

30.09.2015 à 10:18
Edmond butoyi

Haha...Abategetsi Nkabo Mugisirikare...Bosiba Kukazi Ntihamenyekane Icatumy Badatonda ?Abo Ba A T,,,nabo Bagige Badasezew ?Aho Ho Ntaco Bar Bacunze

30.09.2015 à 09:44
Izisobanurira Gibson Djibril

Haha...Abategetsi Nkabo Mugisirikare...Bosiba Kukazi Ntihamenyekane Icatumy Badatonda ?Abo Ba A T,,,nabo Bagige Badasezew ?Aho Ho Ntaco Bar Bacunze

30.09.2015 à 09:42
Izisobanurira Gibson Djibril

Reka Turindire.Ngira Bazoza .Gaspard Azotubwra Ko Baje.

29.09.2015 à 21:42
Nkunzimana

Reka Turindire.Ngira Bazoza .Gaspard Azotubwra Ko Baje.

29.09.2015 à 21:41
Nkunzimana

None uyo Major hamw nuyo Colonel boba batorotse igisirkare baja hehe ?MURAGABA !Jew ivyo bintu bintey amakenga.

29.09.2015 à 21:26
NDAYIZEYE Valere
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.