IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Général Adolphe Nshimirimana yavuzwe mu bwicanyi bw’ababikira batatu

Général Adolphe Nshimirimana yavuzwe mu bwicanyi bw’ababikira batatu

mercredi 14 Nzero 2015

Inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’abatariyanokazi bo kuri paruwasi ya Guido Maria Conforti Kamenge mu gisagara ca Bujumbura ku wa 7 Nyakanga, iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu yararonse inkuru y’ingene ubwo bwicanyi bwateguwe.

JPEG - 165 ko
Ababikira batatu bishwe bunyamaswa

Muri iyo nkuru dukesha insamirizi RPA, amwe mu mazina akaba yavuzwe n’umuntu avuga ko yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi. Uwo munyagihugu aho ari mu kinyegero, avuga ko inama zibiri zagizwe mu gutegura ubwicanyi bwahitanye ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75, izo nama nazo zikaba zabereye mu bunywero bita Iwabo n’abantu bwa Général Adolphe Nshimirimana. Uwo munyagihugu akavuga ko mu nama ya mbere yarimwo nawe, harimwo kandi n’abandi bantu nka Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza, umuporisi yitwa Ayubu, na Joseph Niyonziza batazira Kazungu, Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge n’abandi.

Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, abagirijwe n’uwo munyagihugu ko bafashije mu gutegura ubwo bwicanyi, bakaba babajijwe n’iyo radiyo. Nk’uko RPA ibivuga, uwahoze arongoye urwego rw’igendereza yagirijwe kuba yari mu bateguye ubwo bwicanyi, akaba yabariye iyo radiyo ko we yitabira ibikorwa vy’ukwubaka igihugu, ko boreka ubutungane bugakora.

JPEG - 134.2 ko
Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza

Mukamenya ko kugeza n’ubu Ekereziya Gatorika ibandanya isaba ukuri ku bishe abo babikira. Ariko mw’ibohero rikuru rya Mpimba hakaba hapfungiweyo umusore azwi kw’izina rya Claude Christian Butoyi, uwo nawe abamuzi bakemeza ko agwaye mu mutwe.

JPEG - 31.9 ko
Claude Christian Butoyi yagirizwa n’ubutungane kwica abo babikira

Aristide Nizigire

Messages

  • amaraso ntavomera isi arayihumira. CNDD-FDD bamwe mu bayigize baracibaza ko ari ukwitwara nk’impene zo muci ukagira ico ushaka wifata nk’uko ukiri mu kiroberi. sauvages non civilisés,

  • RPA MUTUBWIRE IVYO MWEMANGA KO ARI UKURI NTIBIHAVE BIMERA NKAYAMAKURU YO KUMASE MWAVUGA KO UBUTEGETSI BWAHAVYE ABANA BABONA BAKORESHEJE IKIMASHINI. ARIKO MUNYUMA TUGASANGA NYABANA ARIMWE MWABATWAYE KUBANYEGEZA MURUKARAMU KUGIRA MWAMBIKE ICEYI LETA HIHIHIHIHIHIHIHI

  • KOMERA MUTAMA ADOLPHE TWEBWE ABO MURI BUJUMBURA RURAL NITWETUZI ICOWATUMARIYE MUKUDUKURAKO ABAKOMAGU BADUCURA BUFUNI NABUHORO. ABONABO REKA BAVUGE BARI KUKAZI NIBARUHA BAZONUMA/ NIBAKAMAMATE NAHO TUZOBASOBA MUKANWA.

  • Iyo nkuru ntimwayimaze .ntimwatubwiye abo bishe ababikira ico bagomba gushikako.

  • Frank na Amerike ba muhisha ico muri. Amaraso arakurikirana uwishe wese azobibazwa kandi naho mwokwica abantu bose impera n’imperuka namwe muzopfa kandi muje mumuriro udahera mwe na Adolphe wanyu canke mudapfuye muzosara

  • Uwomuntu avuzivyo ntanakimwe amaze numwicanyi karuhariwe kandumwansi w’igihugu numugambanyi, nigute wokwumva imipango nkiyo ukinumira ukishiramwoko uzobivuga aruko ibararyahejeje kurwa!? Uwonumugambanyi nkabamwe bomu 72

  • nta gitangaje kirimwo, erega aba dd ni abicanyi nivyo bize ni nawo mwuga wabo ubabeshejeho. Uyo yiyita ngo ni "AMERIKE" nawe, nta ndero afise nawe nyene nibaza ko ari muri izo nyeshamba. Ikindi naco, nta muntu wo Buja rural yamutumye ngo amuvugire. aba ba dd ivyo bazi gukora ni ibi : kwica, kwiba, gusambana, kuzika ubutungane, gucinyiza abo badasangiye umugambwe, .....n’ibindi vyinshi cane AMABI YABO NI AGASENGA.

  • Muje murandika amakuru mwatohoje neje hanyuma mutange amakuru yuzuye.

  • RPA nsinziko yahindutse sentare!?,ariko hamwe mutohindura iyo ngendo yokwama musiga iceyi abategetse bugihugu muzobona ingaruka yavyo,Adolpho wewe umenga nideni abafitiye?.mbega NDAKUGARIKA wewe kuno musi mwamwibagiye nikuki ga mwabamenyesha makuru ba RPA????na DAVIDI nabandinabandi mwamiza mukanwa.nawene mushiremwo ,niho iyonkuru yanyu yogira akanovera kenshi,muzoteba muruhe,kandi muzumigwa!.

  • ntibitangaje.ugira amaraso ari ku gatwe iwe uwo yamukorera yoyitura.kimwe arakwiye kwishikana imbere y Imana agasab imbabazi.Adolphe yishe benshi nabarya ntankeka niwe

  • Fata abanditsi bose ba RPA abo ninyanka Burundi.urashobora kuvuga ko General yokoreshereza inama mukabare?umukuru wigendereza!!!!mana yanje.ako gasuzuguro kavenze inyo fata abo bose babitangaje nuwo yabivuze bavuzeko bazi aho yinyegeje bamuzanabihamye kuko ndazi abo nabashakakryanisha CNDD. Shi shi shi,,,,,,.....shirira.always

  • Adolphe mureke yinywere amaraso y’abantu erega nta kindi kimutunze Imana izoyamurukisha mu misi mike

  • IYI RP. A BUCA ITERANYA ABARUNDI MUZOKURIKIRANE IBI IVUZE EJO IZOVUGA IBINDI KWIYINKURU

  • Iyo umuntu ari muri opposition yiketswe n’agatoya aruhukira mu mpimba.none ni kuki ubutungane butokora no kuri ivyo bihangange biri mu butegetsi.mbega barya babikira na bo har ubutegetsi bagomba kubatwara?reka turindire

  • Imana izoca urubanza niyo hagera. Na MANIRUMVA ari ku gatwe kiwe kandi n’imbere yaho hariho n’abandi benshi.

  • nukiri turakunda iradiyo ikomeza ironderera abanyagihugu ukuri kukintu caricocose coba kirimwo ibifungu kubishira ahabona abanyagihugu benshi barashima kumenyeshwa ukuru kuco batari bazi ariko abegwa nico kintu kibi kiba carakozwe kikanyegezwa abanyagihugu ntibamenyeukuru abegwa bagikoze bategerezwa kuyivuga nabi Radio R P A kuku iba yabasese agatabi.

  • nukiri turakunda iradiyo ikomeza ironderera abanyagihugu ukuri kukintu caricocose coba kirimwo ibifungu kubishira ahabona abanyagihugu benshi barashima kumenyeshwa ukuru kuco batari bazi ariko abegwa nico kintu kibi kiba carakozwe kikanyegezwa abanyagihugu ntibamenyeukuru abegwa bagikoze bategerezwa kuyivuga nabi Radio R P A kuku iba yabasese agatabi.

  • RPA NI RPA NYENE ABAMEZE NKAYO NIBO BAVUGA NKAYO NYENE TURAMENYEREYE IVYO IVUGA NTABISHASHA NIKO YAMA.

  • NONE UYU MUNTU IMANA IGIRA IKIGONGWE KU BISIZIMWE NONE KO ARUSHA UBUBISHA IGISIZIMWE AZOGIRIRWA IKIGONGWE ,,NUKO SATANISME IDAHERA NGO TUZE TWUMVE BIZOZA WA KABIRI

  • NONE UYU MUNTU IMANA IGIRA IKIGONGWE KU BISIZIMWE NONE KO ARUSHA UBUBISHA IGISIZIMWE AZOGIRIRWA IKIGONGWE ,,NUKO SATANISME IDAHERA NGO TUZE TWUMVE BIZOZA WA KABIRI

  • NIMUREKEKE GUTERANYA ABARUNDI NONE ABA DD NIBO MUBONA KO BISHE CANE KURUSHA ABISHE NDADAYE? NIMUREKE KUZANA AKAJAGARI NTIMUDUSUBIZE MUKAHISE INTAMBARA NIMBI REKA IREMENTANYA MWIBUKE IYO TWAVUYE

  • Imureke adolphe muramurenganya kuko ntari hejuru yamategeko vyose nkuru peter arabizi mbe ko muto kwibaza ati mbe uyo mu general niwe aruta les autre generaux bari mubundi kuburyo adahangagwa? Mama sha mulemule we ekenge nivyo izo bazwa nkuru.

  • Nuko’mufise’democratie twomenyagute k’atarirementanya uy’arimukinyegero’ninde.ntimuteranye’benegihugu’ general’nawe komera hongor’injavyi.

  • Mwankoramaraso mwe igicure cimana kibariko nimwihane mutarapfa

  • Ugira ngo harikinyabuzina cagize intango kitazogira n’iherezo? Uwo Adolph Kazungu ga imbere y’imana nibiki? Namabuye! Nibakomez....!

  • Imana ni umucamanza w’ukuri.

  • Hahahaa uwo ntashobora kuburamwo kuko ntakiba mugihugu atakizi narindire hiryayejo burakeye ubutegetsi bwabo bubi bugende hama tumushingeze uwo mushinzi wumwicanyi urazi abarundi yamaze binzirakarengane Adolphe tugucungishije amaso rindira gato

  • amaraso yabakozibimana nazogenda atabahumiye buryimana ihorihoz babigize bataziyuko bizojahabona mugavyamenykany bibagiyeko atacahishijw nakimw kitazojahabona

  • muzogeza ryari kurementaniza about mutavuga rum we nubu irementanya mwakoreye rajabu ntaco rirabigisha

  • Abantu bose bariko bavugira Adolphe n’uko ar’abicanyi nkawe. Mbega ko mumuvugira mumwambika izera muri ama Sentare? Rindira gato ubutungane buzokora abishe barya banyokuru b’ababikira bazobahumira aho biciye baja bashika kw’isimbo y’inuma. Harya Adolphe aja imbere y’abantu mumasengero avuga yigira umweranda yibaza ko Imana bayikinisha. Aba journaliste ba RPA courage iyaba iyo radio itahari abanyagihugu benshi baba barenganywa ntibinamenyekane

  • ARI ADLPHE AVUGWA ARI PETER BOOOSE NI ABAMENJA B ABICANYI..MBEGA PETER IGIHE WAKICIYE ABANTU UZOHEREZA HE KO UZOSARA NKA WAWUNDI MUVUKANA!!!!????NONE KWICANA WABIGIZE UMWUGA???WARAGOWE IMBERE Y UWERA UZAMBARA IKI???JEWE NDIRIRA UMUGORE WAWE NIYABA ARI UMUSENZI YUBAHA IMANA KUKO NAWE NTACO NDABONA ATERERA NGO UVE MU BWICANYI !!!

  • ARI ADLPHE AVUGWA ARI PETER BOOOSE NI ABAMENJA B ABICANYI..MBEGA PETER IGIHE WAKICIYE ABANTU UZOHEREZA HE KO UZOSARA NKA WAWUNDI MUVUKANA!!!!????NONE KWICANA WABIGIZE UMWUGA???WARAGOWE IMBERE Y UWERA UZAMBARA IKI???JEWE NDIRIRA UMUGORE WAWE NIYABA ARI UMUSENZI YUBAHA IMANA KUKO NAWE NTACO NDABONA ATERERA NGO UVE MU BWICANYI !!!

  • mbese ubundi IGIHE.COM ko ari kimwe mubinyamakuru bya kAGAME nka Rushyashya,Imirasire,... kandi nkaba numva bavuga ko bafite agashami i BUJUMBURA. kuki abarundi mudafata abo banu mukabashyira aho bene wabo baherutse gutera mu Cibitoke baturutse mu RWANDA bari.. aho kubabuza amahoro basebya abategetsi banyu

  • Nti dutaneko imyikomo namajambo ico mwomenya co nuko harukuri kwinshi RPA yagiye idushirira ahabona kandi tugasanga nivyo so bishobora kuba arivyo canke atarivyo ko barya babikira bishwe na Adolphe Imana yo mwijuru niyo mucamanza kandi niba ivyo bamuvugako arivyo vyose ndamugira inama ngo Imana ihora iteze ibiganza niyihane vuba ataruko naho Imana ntizoguma irabiraho ivyo akora Ndamwifuriza kwihana akababarirwa!

  • Aragahura nicatwaye mawe uwo mugesera ...............nibutse amabi akora

  • Senga Imana yumvire abarundi babugorewemwo turabe ko twokogorora.
    Ku bw’abantu ntagishoboka, ku bw’Imana vyose birashoboka. Ntagukomantaza imitima, ahanini amabi ariko araba aterwa no kwikunda birengeje.
    https://www.facebook.com/photo.php?fbid=388939777947779

  • Iyo nkende yo mu kamenge nibutse ukuntu ahigira abana ba batutsikazi ko azobanduza mpaka afise inzigo mbi na BIKOMAGU aramuvuga kenshi sha IMANA hamwe yomumpa sinomwica nomukata igihimba kimwe kimwe ...

  • Ekresia Gatorike Ahubwo Nimuyire Mumaperereza abamekanye bari mugasho apana kuvuga umukuru canke umuto bose nabicanyi.uwonawe bemaza kwarwaye mumutwe akekwa kwimwizonkozizikibi azokira amatohoza aheze dusanure uburundi tureke kwisamburako nkimpene .

  • Kutwaro yabatutsi yarabicayi bambere nibo bishe NDADAYE Na bandi benshi

  • uwishishije inkota nawene yishiswa inkota n,adorofo yigira ikiremamana mubishe abo babikira nawene yarabakirikiye ntamuhinga wisi bagenzi?

  • TWEBWE ABARUNDI TURABABAJWE N’UKUNTU ABANYE POLITIKE BIGENZA MURI KINO GIHE. TURASAVYE BAHINDURE INGENDO KUKO BIRABABAJE.

  • none abo babikira baba ziza iki

  • Arik Birababaj Kwicw Atac Uzir Arik Iman Ihor Ihoz Ikiryosh Nuk Na Adolpfe Yaphuy

  • adolph yoba ubwo bwicanyi bwa babikira ariye yarabifisemwo uruhara akaba yarapfuye yoba amerewe gute?Imbere y,imana

  • Nukur Arakabon Apfuy Kand Ntazoj Mwijur

  • Iyinkuru,niyamari,ntibisubire,kandi

  • None Inkuru Ya Butoyi Agereye He? Ko Bavuze Ngo Bazogira Amatohoza Kubishe Ababikira Batatu Vyahereye He?

  • Nukuri Birababaje.Kandi Nubwo Bivugwayuko Claude Ariwe Yishe Ababikira Ahubwosiwe Kanini Ni Adolphe. Ariko Imana Ihora Ihoze Nanya Adolphe Ntamyaka Ibiriyamaze. Baca Umugani Bati: Ukora Ikibi Kikagukurikira.Ahubwo Nibarabe Abjejwe Umutekano Bagire Iperereza Kugira Tumenye Ukuri Kwiyicwa Ryabo Babikira.

  • Ubwo Nububeshi Adorof Ntarenganwe

  • ABOBANTUBARIBAKWIYEKUMENYEKANA BOSE HAMA UBUTUNGANE BUGAKORA ICO BUJEJWN

  • BAKWIYE GUHAMWANAMATEGEKO

  • umva ndavuga ivyo vyose dukwirikije uko vyagenze president kagame paul arabizi kuruta abarundi bene wacu nyakwigendera LT Général Adolphe NSHIMIRIMANA yararenganywa kuko ubiravya kagame abifisemwo uruha nukw abo bibabaje mwihangane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.