IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inzoga zitekeye mu tumwanya zari zigisibije mu gihugu

Inzoga zitekeye mu tumwanya zari zigisibije mu gihugu

mardi 9 Mukakaro 2013

Ku va aho inama nkuru ijejwe umutekano ikoraniye maze igafata ingingo yo gusaba Leta ko yotuza inzoga zitekerwa mu tumwanya, ndetse abanyagihugu bemeza ko zigisibije mu gihugu cose, ubu zisa n’iziriko ziragabanuka mu bunywero.

Hamwe hamwe aho bahora bazinywera ku mugaragaro, zisa n’izatanguye gutuzwa.
Imirwi y’abantu yahora izinywera mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura canke ugasanga imisore iriko izinywera aho ariho hose, aho twagiye turaca bahora bazinywera twasanze atazo bafise, abo bahora bazihereza bakavuga ko kuva aho
abapolisi batanguriye kuzituza, izo nzoga zatanguye kubura.

Abanyagihugu batandukanye bo mu gisagara ca Bujumbura twavuganye, barakenguruka rwose iyo ngingo, ariko bagasaba Leata ko yotuza ahubwo n’abazidandaza eka n’aho zirangurirwa kuko hazwi. Ikindi n’uko amabi akorwa
n’ababorewe nya bwoko bw’inzoga atandukanye, aho hari abakubita abantu barenganye, canke gusahura ibiri mu mazu vyose kugira baje kugura izo nzoga.
Nya nzoga rero zitekeye mu bumwanyi ngo ziri ubwoko bwinshi nk’uko bivurwa n’abanyagihugu, ndetse zikaba zitera ubunebwe mu ngo aho usanga umuntu ataco agishobora guhereza iminwe, ikindi naco, n’uko zonona amagara y’abazinywa, gushika y’aho hari n’abateba bakamera nk’abafashwe n’indwara zo mu mutwe.

Abanyagihugu rero bamwe bamwe twayaze, basaba Leta ko yoshira mu ngiro ivyasabwe n’inama nkuru y’umutekano ko vyoja mu ngiro, maze ubwo bwoko bw’izo nzoga bugatuzwa mu gihugu cose, eka ndetse abo banyagihugu bakaba batumenyesheje ko ahubwo nabo bazofasha inzego z’umutekano gutuza ubwo bumara hamwe bobisabwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.