IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Iradiyo RPA yugarijwe n’igiporisi

Iradiyo RPA yugarijwe n’igiporisi

dimanche 26 Ndamukiza 2015

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana,Uwo umutekano Gabriel NIZIGAMA,Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Tharcisse NKEZABAHIZI hamwe n’umushikirizamanza kizigenza muri Mairie ya Bujumbura Arcade Nimubona bari ku nyubakwa ikoreramwo iradio RPA.

Abaporisi bamaze kwinjira mu bigo vy’iradiyo RPA. Imirongo ya Terefone ya RPA nayo yamaze kwugarwa abamenyeshamakuru barungitswe gukurikirana uko ibintu biriko biragenda ntibashobora kuvugana n’abari ku cicaro c’Iradiyo RPA.
Umushikirizamanza kizigenza mu gisagara ca Bujumbura yagiriza RPA ko ishigikiye abariko bagira imyiyerekano, biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Innocent Muhozi arongoye urwego OPB akaba arongoye kandi insamirizi n’imboneshakure Renaissance yamaze kuhashika, co kimwe na Patrick Nduwimana eka n’uwurongoye UBJ.

Gushika ubu hoba hagomba habe igikorwa co gusaka ibirwanisho muri iyo radiyo RPA. Ariko ivyo bikaba bitabaye, kuko haciye hatangura ibiganiro vyo kuraba uko iyo radiyo itosubira gushikiriza ikibiriraho, uko iyo myiyerekano iriko iragenda. Uyo mwumvikano, ukaba washitse mu gihe iyo radiyo vyavugwa ko ishobora kwugarwa.

Imyiyerekano yatanguye mu gatondo, ahanini mu bice biri ku mpera z’igisagara ca Bujumbura.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.