IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ireresi bataziriye “Fast and Furious“irabica bigacika mu kwinjiza (...)

Ireresi bataziriye “Fast and Furious“irabica bigacika mu kwinjiza amafaranga

mardi 30 Ruheshi 2015

Imiriyaridi zitanu z’amadolare y’Amerika niyo mafaranga ireresi “Fast and Furious 7″ imaze kwinjiza kuva imaze isohotse.

Iyo reresi igira 7 mu rukurikirane rw’amareresi bataziriye “Fast and Furious“,niyo iza kw’isonga mu mareresi yinjije amahera menshi kandi mu mwanya muto. Iyo reresi iragisibije kuko imaze kwinjiza amafaranga agera ku miriyaridi zitanu z’amahera y’abanyamerika ku misi iri munsi y’amezi atandatu gusa, imaze isohotse aho rero ikaba ije isubirira amareresi nka Avengers ,Avatar hamwe na Harry Potter and the Deathly Hallows : Part 2 yari yashikanye umuriyaridi umwe, ariko mu minsi 19, kuko yoyo yatahukanye umuriyalidi urenga makeyi mu minsi 12 gusa. Mu gihugu c’ubufaransa hoho yarabiciye biracika aho yashoboye kubona n’abantu barenga imiriyoni zitatu, mu ndwi 2 zibiri gusa.

Tubamenyeshe ko umwe mu bakinyi bo muri iyo reresi ariwe nyakwigendera Paul Walker, yaryamiye ukuboko kw’abagabo igenekerezo rya 30 Munyonyo umwaka w’2013. Paul Walker niwe iyo reresi yarihagazeko kuko mbere no mugihe yitabiye Imana hakaba habaye ikibazo c’uwuhava amusubirira, kugira ibikogwa vy’iyo reresi bibandanye. Ariko habanje kuza umuririmvyi yitwa Justin Bieber w’umunyamerika kubera icubahiro umuryango wa Paul walker wamuha, bakaba baranse ko uwo muririmvyi yomusubirira, na cane cane ko yagirizwa kuba afise urupfasoni ruke.

Ariko rero Neal H. Moritz, James Wan aba hinyanyuzi bakomeye bo muri Amerika baciye bakoresha uburyo bita kerch hamwe n’amasanamu yakera, ireresi ibona kurangira atagihindutse.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.